article comment count is: 0

Indero ndundi mu bisagara

Indero y’abana ni ngirakamaro mu buzima bw’ingo, imiryango n’imibano, eka n’igihugu muri rusangi. Ariko rero, ukwo iterambere ribandanya kwiyongera, nikwo n’ibishobora kubangamira indero vyiyongera. Spageon Ngabo araducira ku mayange impungenge afise yihweje ukwo indero ndundi yi fashe mu bisagara vya none akagirako atanga impanuro ku vyokorwa.

Mu Kirundi baravuga ngo: “igiti kigororwa kikiri gito”. Bagasubira bati: “Umwana arezwe neza asohora ukuboko”. Ukwo imyaka ihera, nikwo iterambere ryiyongera, ni na kwo ibisagara vyaguka. Maze rero ugasanga noneho indero y’abana igenda itituka.

Itandukaniro ry’uburezi bwo muri kahise no muri kubu

Aho hambere, abavyeyi bareresha abana babo udukorwa tw’i muhira. Kandi noneho n’ubu hariho abakibikora batyo. Ariko hari n’abatabigenza ukwo, bano nabo bakaboneka cane mu bisagara. Ivyo biraheza bikagira ingaruka mbi ku buzima bw’abo bana muri kazoza.

Aho hambere hahise, iyo umwana atanguye guca akenge, akameya gutandukanya ikibi n’iciza, abavyeyi baca batangura kumuzeza udukorwa tumwe tumwe tw’i muhira. Baramutuma nko kuvoma amazi, gusenya inkwi, kurinda imirima, kuragira ibitungwa canke kugira isuku ry’i muhira. Ivyo vyarafasha umwana kudata umwanya mu kuja mu bintazi n’ibitagira mvura, mbere agakurira kure y’ivyo vyose vyomushora mu bukozi bw’ikibi hamwe n’izindi ngeso zotuma ata ubuntu. Ivyo kandi vyarafasha kandi kugira abana bakurane umutima w’ukwitwararika ivyo bajejwe n’ukwibwiriza.

Mu gihe ca none, na cane cane mu bisagara, aho haziye ivyo gukoresha abakozi bo mu nzu, imboneshakure, ubuhinga ngurukanabumenyi n’iterambere mw’itumatumanako ry’amakuru, ibintu bitera vyononekara. Umwana arazinduka agafungura, agaca yatsa imboneshakure akaba araraba ibiba hirya no hino kw’isi. Bugingo abavyeyi baroye ku mirimo, uno agasigara araraba amareresi amwe amwe atazwi n’abavyeyi kumbure ashobora no kumwigisha akanamukwegera mu ngeso zitandukanye. Abavyeyi nabo mu gusongera isibe, bagaca bategeka umukozi gukora vyose, abana na bo ugasanga ata gikorwa kibaharurwako.

Kubw’ukubura ico bakora, abana baca baja mu vyabo. Akarorero ni nko kumara umwanya muri bimwe twita “amaligala” maze akenshi bakahigira ubuhumbu n’ukunywa ibiyayuramutwe. Muri ico gihe, umwana akura azi ko vyose bibazwa umukozi. Ivyo bigatuma ataco ari bwimarire mu buzima, ndetse n’igihugu kikahahombera gutyo inguvu, ubwenge n’ubukerebutsi vyogiteje imbere.

Ivyari bikwiye guhinduka

Abatari bake bokwibaza ngo umwanya munini umwana aba ari ku masomero. Nca nibaza nti none iyo avuye kw’ishure naho aca aja he? Ntitwokwibagira ko buri munsi, umwana yategerezwa kwiga ibintu bikomeza indero yiwe, bikamufasha kwitegurira kwibako amaze gukura.

Igiteye ubwoba n’ukwo abana batakurikiranywe neza bakiri bato ari bo bariko bararuka ubu, benshi bariko bagera mu bigero uyu munsi mbere bakibaruka batazi indero bari burereshe abana babo. Haca haba ivyo twokwita “kuvyarira agahinga”.

Igikwiye guhinduka, n’ukwo abavyeyi bosubira bagafata mu minwe ibanga ry’ukurera ukwo bikwiye abana babo. Ku bajejwe intwaro mu gihugu, ari nabo bakurikirana ingene imico  n’akaranga vy’igihugu vyifashe, barakwiye gusuzuma neza ibibereye kwerekanwa ku mboneshakure, canke ico kintu cose gisa n’iterambere mugabo gishobora gusubiza inyuma indero n’umuco vy’ikirundi. Na kare ngo “uta akaranga ukabautaye akabanga”.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion