article comment count is: 1

Ugukundisha igihugu urwaruka

Igihe c’uburuhuko cama kirangwa n’ibikorwa bitandukanye ku banyeshure bari i muhira iwabo. Uwu mwaka, ugukundisha igihugu ku rwaruka vyaciye mu bikorwa vy’iterambere ry’amakomine agize igihugu. Chancelle Bamuhaye aratuyagira uko bamwe n’abandi bavyakiriye.

Kuva igenekerezo rya 21 Mukakaro 2016 gushika kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro 2016, mu gihugu cose, haratunganijwe inyigisho zo gukundisha igihugu ku rwaruka rwo mu mashure y’intango, ayisumbuye ndetse na za kaminuza. Ivyo bikorwa vyatunganirijwe mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi. Izo nyigisho bakaba bazihabwa ahanini biciye mu bikorwa vyo guteza imbere amakomine. Aho twovuga nko gufyatura amatafari yo kwubaka ibirasi vy’amashure, gutegura amatuta, guca imikobeko, gusukura ibisagara hamwe n’ibindi.

Mu kirundi bavuga ngo « Iziza guhona zihera mu ruhongore », canke ngo « Urwaruka ni rwo Burundi bw’ejo ». Turazi neza ko, mu Burundi, urwaruka rurenga ibice mirongo itandatu kw’ijana. Ni naho Leta yafatiye mu kugira ngo itunganye inyigisho zo gukundisha igihugu urwaruka. Ivyo vyose bigakorwa mu ntumbero yo gutegura neza kazoza k’igihugu hamwe no kurwanya ico cose coza cigisha inabi urwaruka. Aho rero Leta ikaba yafatiye akarorero ku ndyane zihitiye mu gihugu cacu, aho urwaruka rwinshi ari rwo rwashizwe imbere, mbere rukaba ari na rwo rwahuye n’ingorane zikomeye. Abatahasize ubuzima, bamwe bari mu busho butandukanye bw’igihugu, abandi nabo bari mu buhungiro hanze y’igihugu.

Bamwe n’abandi baravuga uko babonye ivyo bikorwa

Nk’uko bamwe muri urwo rwaruka babivuga,  barashimye ivyo bikorwa. Hambavu y’uko vyabahuje n’abandi bakamenyana, hamwe no kumenya bimwe bimwe ku gihugu batari bazi, na cane cane ibijanye n’umutekano, barahamenyeye no gukora ivyo batari bazi. Umwigeme twayaze aho bariko bakorera ibikorwa vyo gufyatura amatafari yatubwiye ati : « Jewe vyaramfashije kumenya ingene bafyatura amatafari. Naho akenshi bakunze kuvuga ngo ni igikorwa c’abahungu, nabonye twese tubikora, yaba abakobwa canke abahungu, kandi tukabikora kumwe ».

Naho bamwe bashima ivyo bikorwa, hari n’abandi babinegura. Abo babinegura bakavuga ko izo nyigisho, naho bavuga ko zitabwa n’uwubishatse, vyahavuye bijamwo iterabwoba aho bababwira ko uwutazitavye ataco azobaza muri komine, eka n’ibindi. Ivyo rero bigaca bituma nk’abana basanzwe ari bo bironderera ibikoresho vy’ishure mu gukora ubuzi ubu na buriya mu kiruhuko bataronse umwanya narirya izo nyigisho bazironswa umunsi wose. Ivyo rero bikabatuma kwibaza aho bukera umwaka wishure ugatangura iyo bazokura utwo twankenerwa.

Eka n’ibinjanye n’itunganywa ry’ivyo bikorwa ntiryari rimeze neza. Hari abidoga bavuga ko bari baje kwigishwa inyigisho zo gukunda igihugu nk’uko bari babimenyeshejwe ariko ugasanga umwanya munini bawumaze mugufyatura amatafari, guca imikobeko, n’ibindi. S’abo gusa kuko hari n’abavyeyi bavuga ko abana bataronka umwanya wo kubafasha udukorwa two muhira kuko umwanya munini bawumara mw’ivyo bikorwa.
Abo bana rero bitavye izo nyigisho basaba ko Leta, eka n’abandi babishoboye bobafasha mu kubaronsa ibikoresho nk’amakaye n’imyambaro y’ishure.

Ico twotegera muri vyose

N’ubwo biri uko, ntitwovuga ko izo nyigisho ataco zafashije kuko, kiretse ubumenyi abazitavye baharonkeye, vyarafashije mu kurwanya ubuhumbu n’ubundi bubegito buterwa n’ukubura ico umuntu akora. Ariko rero vyoba vyiza ko hasubiye gutunganywa ibindi bikorwa nk’ibi vyotegurwa neza. Twovuga nko kuronsa urwo rwaruka umwanya wo kuja gufasha abavyeyi ibikorwa vyo muhira. Na cane cane ko mu kiruhuko aba ariho abavyeyi baboneye abana babo ngo babafashe udukorwa two muhira hamwe no kwiyungunganya.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)