article comment count is: 2

Ubuzima bw’abahejeje amashure ya kaminuza mu Burundi

Mu gihe, mu myaka iheze, twari tumenyereye ko uwuhejeje amashure ya kaminuza aca aronka akazi bidatevye, ubu sikwo bikiri. Uko imyaka ihera nikwo n’ibintu bihinduka. Muri kino gihe ayo mashure yararwiriye maze abayaheza baba benshi. Ari naco gituma benshi bibagora kuronka akazi ka Leta bikaba ngombwa ko biyungunganya bo nyene ubwabo nk’uko Jean Désiré Nduwayo abituyagira.

Igihugu cacu kirafise amakaminuza menshi kandi afise ibisata bitandukanye. Uko umwaka utashe, ayo makaminuza araramura abatari bake. Bivanye n’ingorane z’ubutunzi igihugu cacu kirimwo, harafashwe ingingo yokudasubira gutanga akazi kuko ngo ata mafaranga ahari yo guhemba abakozi. Kubera iyo mvo, abatari bake bahejeje kaminuza ubasanga aho benshi bakunda kwita kuri Bata mu gisagara ca Bujumbura, abandi nabo basigaye bakora akazi ko kurarira, ko kudandariza abandi,…kugira ngo bashobore kubaho. None kazoza k’urwo rwaruka kagiye kuba akahe?

Irwirirana ry’amakaminuza n’abayigamwo

Igihugu cacu cariko kiratera intambwe mu bijanye n’inyigisho za kaminuza. Ivyo ntawobihinyuza kuko ubu turafise amakaminuza arenga 30. Menshi muri yo ari mu gisagara ca Bujumbura. Ariko mwomenya ko no mu gihugu hagati ubu naho ziriyo. Aha twotanga akarorero k’intara za Gitega, Ngozi, Mwaro, Kayanza, Rumonge, Muyinga, n’ahandi. Izo kaminuza rero, uko umwaka utashe ziraramura abatari bake. Abo rero bazihejeje, ku ruhande rumwe baranezerwa n’uko baronse urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza, ariko ku rundi ruhande ivyiyumviro bikababana umurengera. Kuko bataba babona neza iyo bagiye kuja. Ivyo biri ukwo kuko, kuva aho igihugu cacu cinjiriye mu ngorane z’ubutunzi, haciye hafatwa ingingo yo kudatanga akazi. Kubera iyo mvo, abo bahejeje amashure ya kaminuza bashima kuja gusaba akazi ko kurarira muri ya mashirahamwe abijejwe nka PSG, SITI, n’ayandi. Ariko naho nyene ntikakiboneka neza kuko karonderwa na benshi. Abandi nabo ubasanga mu masoko atandukanye badandariza abantu.

Ico abo batagira akazi bavuga

Uwo twaganiriye yahejeje kaminuza y’ubuvuzi INSP, mu gisata co gupima indwara ukoresheje iradio, yambwiye ati: «Maze umwaka urenga mpejeje. Ntaho ntaragera ndondera akazi ariko narabuze. Ubu ingene mbayeho, ndamara iminsi ruguru aho mvuka. Handambiye nkaca mpiga agatike ko kugaruka mu gisagara. Kuko ngumye ruguru nsanga umenga ndateye isoni kuko atakintu gishemeye co kwerekana ko noba narize. Ngumyeyo vyotuma n’abana bakiriko bariga bavunika inkokora kuko benshi baciye ubwenge babona niga».

Icokorwa n’abo vyega bose

Turavye ivyo uwo yahejeje amashure yavuze, turumva ko ubuzima bw’abahejeje amashure ya kaminuza butoroshe na gato. Ubwo buzima bubi rero babayemwo butuma abakiriko bariga bavunika inkokora kuko babona na bakuru babo bahejeje batagira icepfo n’ica ruguru. Kuko batunzwe no kuguma basabiririza kandi bari babirengeye. Umuyobozi umwe w’ishure niwe yigeze kuvuga ngo: «Gukura ni ugutera intambwe mu buzima, ukava ku gusaba ugashika aho nawe utanga.»

Ico twomenya neza n’uko n’abo bahejeje amashure yabo hari kinini baoshoboye gukora kugira birwaneko mu buzima bwa minsi yose. Akazi ntigatangwa na Leta gusa. Barashoboye kwitegurira imigambi yo kwiteza imbere kandi bakabishikako. Kubera biri uko, twosaba Leta ko yogerageza hakaba umutekano ukwiye mu gihugu cose kugira ngo abantu bisanzure mu bikorwa vyabo vya minsi yose. Eka yokworohereza n’abazana imitahe gutyo akazi kakagwira maze ubukene bukagabanuka.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. BIRAHERERA HEHE NONE?? JEWE VYANDAMBIYE. Kimwe gusa hoboneka umutekano mugihugu cose umuntu yoraba ico akora kugira abeho. JEWE NORONKA IYONJA SINOGARUKA MU BURUNDI KUKO BIRAGOYE KWIHANGANIRA :BIRUHISHA UMUTWE.

  2. umunt akor ic yamenyerejw;ndavug ko let ikwiy kumenyerez abanyeshur kwibeshah mu nyigisho za kaminuz, hanyum ikanabah imitah iy barangij amashure hamw nukubiyegereza kuk ni bwo burund bwej buzobarerera ababakomokako;