article comment count is: 4

Ingaruka z’uburyo bwo kwirinda gusama ku bigeme bataravyara

Mu buzima bwa minsi yose, umukobwa atwaye inda y’indaro aramaramara akongera akamaramaza umuryango. Ubu rero, abigeme benshi baratinya gutwara inda z’indaro gusumba izindi ngorane zose bokura mu mibonano mpuzabitsina. Jean-Désiré Nduwayo aratuyagira ingaruka mbi z’uburyo bwo gutandukanya imvyaro iyo bukoreshejwe n’abigeme bataravyara.

Nk’ukwo mubizi, uburyo bwo gutandukanya imvyaro buri ubwoko bwinshi. Ukwo rero buri ubwoko bwinshi, n’ababukoresha baricaguriramwo ubwo bibaza ko bwobamerera neza. Muri ubwo buryo rero, harimwo ubutarekuwe kuri uyu canke uriya bivanye n’igihe kihaciye yibarutse, canke uburyo yibarutsemwo, canke mbere bivanye n’indwara ashobora kuba agendana. Aha twotanga akarorero k’indwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, iy’igitigu, izifatira mu bihimba vy’irondoka, n’izindi. Ariko naho twavuze abamaze kuvyara, umuntu arashobora kwibaza niba abigeme bataravyara bararekuriwe gukoresha ubwo buryo? Mbega hoho vyoba bishoboka baburekuriwe bwose?

Irwirirana ry’abantu ryatumye igisata kijejwe kubungabunga amagara y’abantu kw’isi ciga uburyo bwofasha abantu kuvyara bake kandi mu gihe babishakiye. Ivyo na vyo bikaba biba mu bihugu nka vyose kw’isi. Mbere n’abigeme batarubaka canke bataravyara basigaye bakoresha ubwo buryo. No ngaha mu gihugu cacu, biri ukwo.

Uburyo bwo gutandukanya canke kwirinda gusama ni bwinshi. Muri bwo hariho ubwoko kama burekuwe kuri bose hamwe n’ubwoko bwo kwa muganga canke bw’ikizungu. Ubwo bwoko rero bw’ikizungu, abamaze kwibaruka baraburekuriwe. Ariko rero ku bataravyara sikwo biri kuko hari ubwo bakoresheje bushobora kubagirira ingarukambi muri kazoza nko kuba ingumba, n’ibindi. Ariko naho ubwo buryo bufise izo ngarukambi, hariho abigeme benshi barabukoresha ukuri kwame.

Muti none vyifashe gute?

Ubu abigeme bataravyara basigaye bakoresha,  ku bwinshi, ubwo buryo bwo gutandukanya canke kubuza imvyaro. Iminsi namaze ndiko ndimenyereza ku bijanye no kuvura, ndi mu gisata kijanye nivy’irondoka, abatari bake baratwituye. Icantangaje ni umugore yazanye abakobwa biwe babiri kugira ngo tubashire kuri ubwo buryo. Nobanza kubamenyesha ko abo bigeme umwe yari afise imyaka 17 uwundi 15. Naramubajije nti ni kuki uzanye abo bana bawe kandi bakiri bato? Yanyishuye ati: «Bananiye kuko nabahanuye kera vyaranse, ubu nshatse ndabe ko batonzanira amada atagira na ba se!». Erega narumiwe, ndabura ico mvuga. Ariko ndinanata ndamubaza nti kushaka baje kuri ubwo buryo, nta bwoba ufise ko bashobora kwandura indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka nka Sida n’izindi? Yanyishuye ati: « Hako bovyara abana batagira ba se bakangora irera, bopfuma bagwara Sida, ubundi ho hariho icizere kinini mfise ko batamaze kwandura?»

Ku bibazo nari mfise ntakindi nasubiye kurenzako kuko naciye ngwa mu gahundwe ! Hama ndabaha ubwo buryo. Gusa icantangaje ni ukwo umwanya wose namaze nyaga n’uwo nyina wabo, bobo ivyo yariko aravuga ataco vyari bibatwaye kuko baguma birabanira mu maso bagaca bitwengera.

Ico abigeme bomenya hamwe n’impanuro bogendera

Abigeme barakwiye kumenya ko burya buryo bwo gutandukanya imvyaro atari bwiza ku magara yabo. Kuko iyo babukoresheje igihe kinini bituma bashobora gucika ingumba. Ivyo bikunda gushika cane kubakoresha urushinge, akagegene, n’ubwoko bumwe  bw’ibinini. N’ubwo abakiri bato bakunda kubaha ibinini bimwe twita pilile, navyo nyene birafise ingaruka mbi na cane cane ku magufa. Ikindi naco ni uko ubwo buryo budakinga indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka nka Sida, Zona, n’izindi. Ico abigeme bomenya rero n’ukwo igikuru ari ukwihangana vyanse bagakoresha agakingirizo.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Birantangaje none abakobwa nabo batandukanya imvyaro gute?baba bubakanye nande?bazitandukanya barazifise?cnke bifuza ko haba iki? je mbona bahisemwo inzira yubusambanyi boreka kugorana bakabigira ukonyene bagafa bafuye kuk nubundi umusambanyi aba yafiriye indani kuwutabihevye ngo yakire Agakiza haba hasigaye guhenuka bakamujana kumaziko nawe akibandaniriza muri Gehinomu

  2. Ibihe tugezemwo kubijanye nukugira imibonano mpuzabitsina muribi bihugu vya afrika,turi kumurindi udasanzwe.ivyukwikingira bizogera kuba prioritaire kuma generation azoza hanyuma kuk’ubu nabigeme bake ashobora kubahuka akabaza uwobagire babikorane kwafise agakingirizo.nibo baba bakwiye kuvyitwararika kuko umuhungu agwaye batikingiye umukobwa ategerezwa kwandura ariko umuhungu ashobora kutandura abikoranye numukobwa agwaye. Abakobwa ntibatinya ingwara batinya inda yindaro

  3. Kubwo Gufasha umwigeme kwikingira inda atipfuje,iyo miti umwigeme yoyikoresha ikiringo kingana gute kugira amenye ko hageze ko yobihagarika nayahandi kwihangana cnk gukoresha agakingirizo sivyabose.imiti yikirundi yoyo gute kumenga abarundi turi abashakashatsi?