Kubera ingeso yo kunywa urumogi yiziziye abatwa bo ku musozi Gika muri komine Ngozi, imiryango imwe imwe irafise ikibazo mu kurangura amabanga mpuzabitsana. Aline*, umukenyezi wo kuri uwo mutumba, aratwiganira amakuba yo kurongorwa n’umugabo anywa urumogi.
Imbeho ihari izura inzara. Turi hepfo y’igisaga ca Ngozi, ku musozi wa Gika. Ni igihe c’isaha cumi na zibiri n’igice z’agatondo. Naho ku mugwa mukuru w’intara abantu bariko baranyuraginwa, muri ico kigwati c’abatwa hoho siko biri. Utuzu tw’ivyatsi babamwo turacugaye. Uri hanze urumva abana barira, abakorora n’abarira.
Aho nyene, ni ho twasanze Aline, ariko yahira utwatsi turiko tumera twinjira mu nzu yiwe. Niko gutangura kutuyagira ayo abayemwo. Iruhande y’ibibazo vy’inzara, imbeho, indwara, n’ibindi, Aline afise ikibazo camusesereje kuva mu mwaka w’2012. Atubwira ati: ” Kubera umugabo wanje anywa agatabi gakaze (Aha yaciye anyongorera ko ari urumogi), kurangura amabanga y’abubatse vyarampahamuye.”
Amakuba
Iyo uwo mugabo yanyoye urumogi, ntashobora kurara ataranguye amabanga y’abubatse. Amakuba Aline ahabonera ntagira izina. Ashika amusimbirako, ntaco arinda kumubaza. Ivyo bigatuma uyo mukenyezi ababara mu gihimba c’irondoka. Eka mbere kenshi arava amaraso. Aline avuga ko kubera ububabare, hari igihe yirirwa aryamye, ntashobore kuja gukora. N’umubabaro mwinshi ati: “Hari igihe vyashitse ndamara indwi yose ntashobora gutambuka”.
Mugabo Aline yemeza ko ata kibazo agira iyo baranguye amabanga y’abubatse n’umugabo wiwe iyo yabuze ibiyayuramutwe.
Ikindi kibabaza uyo mukenyezi, kubera urwo rumogi, umugabo wiwe ashaka ko barangura amabanga y’abubatse umwanya munini. Iyo amubwiye ko arushe, intambara ica isutama.
Acumura abizi
Uyu mukenyezi avuga ko umugabo wiwe azi ko kunywa urumogi vyonona umubano mpuzabitsina mugabo vyaramunaniye guheba. Akagira ati: “Bukeye, ndamubwiye ko yaraye anduhishije canke ambabaje, aransaba ikigongwe.” Jérôme*, umugabo wa Aline, nawe agira ati:” Ni ukuri umukenyezi wanje ndamukunda. Ariko kubera namaze kuba umuja w’ako kantu, vyarananiye kugaheba.”
Uyu mugabo w’imyaka mirongo itatu amenyesha ko ababara iyo abonye umukenyezi wiwe bafitaniye abana bane ariko ararira kubera yamubabaje. Ntaco atakoze kugira abihebe, vyaranse. “Ntanyoye urumogi, iyo ndanguye amabanga y’abubatse sindyoherwa.”
Kugira atezurire umukenyezi wiwe, Jérôme yama yagerageje gufata ingingo yo guhindura, mpera umbone. Ati: ” Naragerageje guhagarika urumogi, nca nywa inzoga kugira simbabaze umukenyezi wanje. Ariko ntivyankundiye kuko inzoga zirazimvye cane. Nta mahera yo kuzigura ndonka”.
Imvo n’imvano
Kugira atangure kunywa urumogi, Jérôme avuga ko yabitumwe n’uko yavukiye mu muryango urunywa. Yarwigishijwe na mukuru wiwe. Ico gihe, Jérôme yari afise imyaka umunani. Akagira ati: “ Mu muryango wacu, ntitwari dufise ico twifuka mw’ijoro. Inzu twabamwo yarava kuko yari isakajwe ivyatsi. Kugira ntore agatiro, mukuru wanje yambwiye ati:” Nywa agatabi, nta mbeho canke imvura usubira kwumva.”
Kuva ico gihe, yaciye atangura kuba umuja w’urumogi. Ubu ntashobora gukora ikintu na kimwe atarunyoye. Imbere yo gusohoka inzu, abanza kunywa urumogi. Ikimubabaza, ni ukuntu rumwononera umubano wiwe n’umukenyezi yakunda.
*: amazina yahinduwe
🤣🤣🤣Nikibazo
C’est la verté?