article comment count is: 1

Ruguru ni ho bagitaha ubukwe, mu gisagara barayeyemvya

Mu gisagara, kugira habe urubanza rw’ubugeni hategerezwa kuba inzoga nyinshi za Brarudi, ikibanza kiberamwo urubanza kigakotwa, amajambo arambira, abantu bakagira inyota n’inzara, urubanza rukabera kure bikagorana gutaha, n’ibindi. Hagati mu gihugu hoho si uko. Mu buryo buba buhari, urubanza ruba intibagirwa. Uwu mwanditsi aratwiganira ivyo yabonye igihe yataha ubukwe ku mutumba Nyamugari mu Giheta, mu ntara ya Gitega.

Jewe nashikiye kw’isengero aho baragana. Ndashika, ntangura kunezerwa n’ukuntu baba baherekeje umugeni, abamuzi n’abatamuzi. Bararaganye baraheza, mu nyuma turagenda ahabera urubanza. Nta vyo gukota inzu y’urubanza. Ahubwo imisore igifise inguvu ivyuka kare kwubaka urugambiriro (tribune), bagasakara n’amahema hafi y’urugo rwakira umugeni. 

Kubera isengero itari kure cane y’umuhana w’umuhungu, ntitwatevye kuhashika naho twagenda n’amaguru. 

Unywa ku vyo waterereye

Dushitse ahabereye urubanza, umuziki wari du! du! du!  Abageni baje imbere, ya misore ikaza inyuma “yariye imbanga” (yariye “ikari”, yajinyitse).  Hakurikira abavyeyi b’abageni. Abandi bose bagakurikira. 

Ariko rero jewe ko nari mvuye i Bujumbura, bampaye ikibanza c’imbere, i buryo bw’ abageni, i bubamfu bwanje hari hicaye uwurongoye ikirindiro c’igiporisi, kuko bamuha iteka ridasanzwe. Hageze kuzimana inyobwa, bamwe babaha amabakure y’urwarwa ruryoshe. Bakeya ni bo baronse ibiyeri. 

Ntohoje bukebuke bambwiye ko waterereye ibiyeri unywa ibiyeri, waterereye urwarwa ukanywa urwarwa.  Guterera ibiyeri nturinda gutwara ikarato. Hari uwuzana ibiyeri bitatu canke bine bivanye n’uburyo afise. Kandi muri ivyo azanye, ategerezwa kuronka ico anywa n’ico aha uwo ashatse. Ubugeni twarimwo hari ibiyeri bitarenga 14, ariko insongo n’urwarwa vyari bihari vyari nk’ikiyaga. Vyari biryoshe ntimwari kuraba. Bose bafatanye mu nda kandi bafise ishaka ryo kuryosha urubanza.

Isipoti z’imisore zibuze …

Ya misore yaherekeza abageni, aho hose yagumye hanze, irarahira kwinjira. Naguma mbona abagabo bakuze banyuragiranwa baja kubongorera ibintu. Ngize ndacabaza, banyishuye ko iyo misore yanse kwinjira kuko isipoti (itabi ry’isegereti) zabo bari babuze aho bazibitse.

Sinzi uwazanye ipaki y’isigereti imwe bita “Supermatch” nja mbona barakije itabi babona kwinjira, n’ifyeri ryinshi batumura umwotsi. Amahoro aba araboneste. Ngize uku nja mbona inkoko zitatu zitetse zose zipfukishije ama supageti zizanywe ninkumi zasokoje uruhanika, zimwe zambaye ibitenge bishasha vyitwa “Cumba na Salon” izindi zambaye ivyitwa “Merci Chéri”

Inkoko imwe bayihaye abageni, iyindi bayishira abavyeyi b’umuhungu, iya nyuma bayiha abavyeyi b’umukobwa. Abandi baciye babafungurira infungurwa zisanzwe, mugabo zikwiye. Abantu bararya barahimba. N’inzoga barashoza. 

Injaruwa zaraguruye inyoni

Inyuma yo kwica akanyota (atakwipfuvya) no gufungura, abahumure bagiye bariyonjorora umwe umwe amajambo y’urubanza amaze guhera. Buhwibiriye, hari hasigaye imisore n’inkumi iritera ikarisama. Injaruwa ngizo ziba ziratanguye. 

Kubatazizi ni za ndirimbo bita iki ZD za kera, ba Pepe Kalé, Loketo, Zaiko Langa Langa, Chala Mwana…., nizo batazira injaruwa. Imisore n’inkumi zaratamvye inkungugu iratuma. Aho rero abageni ni bo batwara ibendera mu gutamba.  

Ngira ngo tugira dutahe, ni ho naja numva nyene ubugeni agize ati: “Abarara ni bangahe ?” Bose bati: “Abashaka gutaha bagiye twese turarara !” Mparuye mbona ni nka 50 batarota bataha. Serugo ati: “Hakagera kuryama, abakobwa barara mu nzu, abahungu mw’ihema. Ntihagire uwugorana. Bazane inzoga tunywe rero”. Urubanza ruca ruba rushasha ! Baraye baranywa gushika aho inzoga n’itiro bibanesha, bararyama. Kuva ubwo ndemeza ko nabonye ico bita “gutaha ubukwe”, mu gisagara hoho ni ukuyeyemvyako !

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)