article comment count is: 0

Kirundo : Inyuma yo gusambura inzu zegereye ibarabara, hari akarusho ?

Si ivy’imbeshere, kuva aho ingingo yo kwubahiriza imetero zitandatu hagati y’urugo n’ibarabara igiriye mu ngiro, igisagara ca Kirundo carahindutse cane. Ugereranije n’uko mu misi yahera hasa, n’uko uyu musi hasa, hariho itandukaniro ridasanzwe naho nyene hari abo vyasize mu mifuko hatifashe neza . Uyu mwanditsi aratwiganira ivyo abona ko vyahindutse.

Nta gihe kinini giheze, igisagara ca Kirundo nticasa neza na mba. Amazu ashaje, amarangi acafuye, inyubako za kera, amabotike ashaje, amazu y’uburiro aheruka gusanurwa kera, igisagara kitabona kuko atari hose hari amatara, amazu agarukira kw’ikaburimbi afatanye n’imiserege,… nivyo vyaranga ico gisagara.

Ariko ubu harashajije ntiworaba. Amazu y’ubudandarizo barayasubiyemwo, inyubakwa zimwe zimwe ni nshasha kandi zubatswe mu buhinga bwa none, amarangi ni mashasha. Ubu ahatari hake hari amatara. Inyubakwa zarigiwe inyuma, igisagara kibona guhema. Nko ku murongo w’ahahora inzu y’uburiro izwi kw’izina rya “Bagatelle”,uhaciye urahatamarira. Imbere y’izo nyubako zishajije igisagara, hari amabarabara ashashemwo amabuye (pavé mu gifaransa). Ivyo bigatuma wa mucafu wahahora w’ivyatsi biduga utahaba. Gakiza, umwe mu biyunguruza n’amaguru agira ati : “Vy’ukuri ubu mu Kirundo, ntihasa nk’uko hahora. Harabaye isuku, haragutse no mw’ijoro harabona neza. Aho babomoye hose barahashize amatara. Ni heza cane ntiworaba”.

Ariko hari abahahombeye vyinshi

Issa, umudandaza akorera ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo aratwiganira ivy’izo mpinduka : “Ivyamwa vy’iyo ngingo vyo biraboneka. Ubu dukorera ahantu hagutse. Imiringoti y’amazi n’intsinga zijana umuyagankuba ubu zirafise aho zica. Regideso ntirinda kukubomorera inzu nk’iyo habaye ikibazo ku miringoti itwara amazi. Igisagara ubu gisa neza. Aho guhagarika imiduga ( parking) hasigaye ari henshi kandi hagutse. Ugereranije na kera, ubu mu Kirundo hasigaye hari ibihakorerwa (services) vyinshi. Eka n’uruja n’uruza ubu rusigaye rworoshe ugereranije n’imisi iheze”.

N’aho biri uko ariko, haracari agahaze. Kubera abantu baguma bagwira mu gisagara, hari ibice bimwe bimwe amabarabara asigaye yaga. Twari twabigarutseko muri iyi nkuru. Umudandaza Issa arafise ico asaba : “Nimba bikunda, turasavye badushirereho ya mabarabara yagutse (auto routes). Turasavye kandi hanaterwe n’amashurwe. Vyoba vyiza cane kuko vyotuma igisagara ca Kirundo kiba ciza kurusha”.

Naho biri uko, hari abatari bake bahahombeye. Aho twovuga nk’abari bafashe amadeni kugira bashobore kwubaka canke basubiremwo inyubakwa zabo. Uyu wundi mudandaza akorera ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo agira ati : “Nta mwanya ukwiye wo kwitegura twaronse, ntivyari vyoroshe namba cane cane ku bari bafashe amadeni mu mabanki yo gusanura canke kwubaka inzu kugira biteze imbere. Ingingo nk’izi ziba nziza kurusha iyo twaronse umwanya ukwiye wo kuzitegurira”.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion