Kubera ikiza c’umugera wa Koronavirisi, mu bihugu vyinshi harafashwe ingingo zidasanzwe, harimwo n’uko kizira gukoranako. Ivyo bikaba vyaradurumbanije vyinshi harimwo n’ibijanye n’amabanga mpuzabitsina. Abantu benshi bakibaza rero ukuntu abantu bogira imibonano kandi ico kiza kibabuza kwegerana. Muganga Sylvain Mimoun aratanga […]
Amagara
Ubuzima bw’abubakanye : amarira y’abatandukanijwe n’ikiza Covid-19
Ikiza ca koronavirisi kiragisibije kw’isi yose. Gifata abantu kigasasika, abato n’abakuze kikajaniranya. Cashika mu bakundanye hoho kigakora amarorerwa. Bamwe kirabafata kikarambika mu bitaro, n’abo kidafashe kikabatandukanya kandi bari umwe, nk’uyu muvyeyi umukenyezi wiwe yugaraniye mu gihugu c’Urwanda hagira hahere amezi […]
« Boost » : inganda ziracatikiye !
Mu mwaka w’2018, ishirahamwe Yaga ryarifatanije n’ayandi mashirahamwe mw’isekeza ry’ukurwanya ikiyayuramutwe kizwi kw’izina rya « Boost ». Bamaze kumenya ibitari bike kuri ako karanda, abategetsi bamwebamwe baragize ivyo batangaza ko bagiye gukora, ngo ako kabi karandurwe. Yamara, nk’uko vyari kirya gihe, n’ubu […]
#Coronavirus : impanuro zofasha abakoresha gukingira abakozi
Mu gihe ikiza citwa Coronavirus kiriko kirasasasika inganda mu bihugu bitandukanye kw’isi, gutora inzira zo kuzitira ico kiza ni icihutirwa ahantu hose hakoranira abantu mu rwinshi. Canecane mu buzi, ahahurira abakozi benshi. Ng’izi impanuro n’ingingo ishirahamwe canke ubuyobozi kanaka bwofata, […]
#Coronavirus: ibihuha vyagwiriye, dufate iki tureke iki ?
Kuva ikiza Coronavirus cadutse mu gihugu c’Ubushinwa, mu mpera z’umwaka w’2019, ibihuha vyakwiye hose. Mu mabarabara, ku mbuga ngurukanabumenyi, eka no mu biyago bitandukanye, umwe wese yivugira iryo ashatse. Uno musi hoho, abarenga 30 bamaze gushikanwa muri ca kibanza categurirwa […]
Kuvyuka usanga wasohoye intanga : bisigura iki ?
Umugabo mu kurangiza uburyohe mvabwonko bwiwe, arasohora intanga. Ivyo birashobora gushika umuntu yiryamiye, yibereye mu gatiro, agasanga aho aryamye hatose. Uwo bishikiye irya mbere canke kenshi, ataronse insiguro, arazazanirwa. Hari n’abibaza ko barwaye canke babiterwa n’amadayimoni. Muti none ukuri ni […]
Kwibonanya : inyishu ku bibazo mwama mwibaza
Kwibonanya, kwikinisha, canke kwimara inambu y’umubiri bivugwako vyinshi cane. Mu bitabu, mu binyamakuru, ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye havugwa ibi na biriya, ariko abantu bakagumana ibibazo bitagira inyishu. Ng’izi rero inyishu ku bibazo bimwebimwe abantu bagira.
Burundi : abagendana umugera w’igitigu B bari mu makuba
Amezi atatu arikokoye imiti yahora ihabwa abagendana umugera w’igitigu wo mu bwoko B (hépatite B) wabuze aho wahora utangirwa. Ivyo bikaba bibabaza cane abawugendana babona ko ata kabuza bagiye guhona. Umve akamo k’umwe mu bawugendana.
Isegenya yaraye itikije inganda: “igiti kigume kidukora mu jisho?”
Kw’igenekerezo rya 22 Kigarama 2019, benshi mu banyagihugu baba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura bikanguriye kuganya. Imvura y’isegenya yaraye iragwa yahitanye abantu n’ibintu, imiryango irahekuka. Harakwiye kugira igikozwe Uburundi ntibwame mu marira.