article comment count is: 5

Covid-19 : ko bibujijwe gukoranako, amabanga y’abubatse aracashoboka ?

Kubera ikiza c’umugera wa Koronavirisi, mu bihugu vyinshi harafashwe ingingo zidasanzwe, harimwo n’uko kizira gukoranako. Ivyo bikaba vyaradurumbanije vyinshi harimwo n’ibijanye n’amabanga mpuzabitsina. Abantu benshi bakibaza rero ukuntu abantu bogira imibonano kandi ico kiza kibabuza kwegerana. Muganga Sylvain Mimoun aratanga umuco.

Gukaraba neza kandi kenshi, gukorora canke kwayura uteze inkokora, kudakoranako, na canecane kutagwana mu nda, canke gusomana… ni bimwe mu buryo bwo kwingira kwandura no kwanduzanya koronavirisi.

Kugira ngo ico kiza ntibandanye kirandagata, izo ngingo zitegerezwa kwubahirizwa kandi ata kudohoka na gato. Mu gihe rero bibujejiwe kugwana mu nda canke gusomana, kurangura amabanga y’abubatse ku buryo umuntu yoryamana n’uwundi ntibanduzanye biraba bigoye cane.

Koronavirisi ntifatira mu bihimba vy’irondoka mugabo…

Nk’uko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) ribivuga, umugera wa Covid-19 “ushobora kwandukira umuntu uciye mu tuma tw’udute dutaruka iyo umuntu yasamuye canke akoroye”. Aho bikumvikana ko kwandura bishobora kuba umwanya uwo ari wo wose kandi aho ari ho hose, no mu gihe co kurangura ayo mabanga nyene.

Muganga Sylvain Mimoun akabona ko bisa n’ukurugoma inda, aratomora ati : “Koronavirisi si umugera wandukira biciye mu bihimba vy’irondoka, mugabo ukuntu abariko baragira imibonano mpuzabitsina bakoranako vyotuma atawosya bwose”. 

Ku bwiwe, guhema cane kandi unyarutsa, kugwatana umwanya umunini, gusomana, hatibagiwe gukuyakuyana vyerekana ko kurangura ayo mabanga muri ico gihe ari ukwigerezako, bishobotse bovyirengagiza.

Iyo bikenewe naho ? 

Mu gihe abantu basanzwe barabwa n’itegeko ryo kwiyugarana canke ababana, ibituma umugera udahererekanywa bitegerezwa kwubahirizwa vyose. Bishitse bakarangura ayo mabanga, muganga avuga ati : “Imbere canke inyuma y’imibonano, abantu bategezwa gukaraba neza, kandi  uwushaka kwasamura canke kwayura agatega inkokora, ntahirahire ngo yasamurire ku mukunzi wiwe”.

Mu bisanzwe izo ngingo ziragoye kwubahiriza mu gihe c’akaryoheramubiri. Akabitomora ati : “Aho bigoreye, ni uko mu gihe c’ayo mabanga, umuntu usanga yajanywe cane, ku buryo ivyo kuguma ameze magabo ku vyo akora n’ivyo yoreka bitaba vyoroshe na gato”. 

Mu gihe uno musi ihangiro rikuru ari ukwikingira, ababishoboye boshira imbere kwihangana bakirinda barinda n’abakunzi babo. Abo bidashoboka, nk’abubakanye bategerezwa kurwubaka, bokurikiza izo mpanuro za muganga twavuze aho hejuru, maze bakisunga amabwirizwa y’isuku na ntaryo. Ntawobideha ivyo bintu biragoye ariko amagara ni amazi, ni ukuyabungabunga.    

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Tendo la ndoa ni lazima kwa wanandoa na lisipofanyika,mwanaume au mwanamke anaweza kufa kwa msongo wa mawazo.wafanye ila waendelee masharti ya wataalamu