article comment count is: 21

Kuvyuka usanga wasohoye intanga : bisigura iki ?

Umugabo mu kurangiza uburyohe mvabwonko bwiwe, arasohora intanga. Ivyo birashobora gushika umuntu yiryamiye, yibereye mu gatiro, agasanga aho aryamye hatose. Uwo bishikiye irya mbere canke kenshi, ataronse insiguro, arazazanirwa. Hari n’abibaza ko barwaye canke babiterwa n’amadayimoni. Muti none ukuri ni ukuhe ? Umuco. 

Abahinga bavuga ko gusanga wasohoye usinziriye, bishika irya mbere harya umuhungu atanguye kuba umuyabaga. Mu gifaransa bavyita “rêve mouillé” (ariko ijambo rimenyerewe ni  “pollution nocturne”).  

Iyo umuntu amaze kuba umuyabaga rero, biramushikira kenshi n’aho aba ataragira imibonano mpuzabitsina. N’uwumaze kuba umugabo arangura amabanga y’abubatse, na we nyene hari aho bishika; mugabo ni gake cane.

None vyoba biva kuki?

Iyo umuhungu amaze kuba umuyabaga, umubiri wiwe urahingura intanga nyinshi co kimwe n’uruziri zibamwo. Kubera ko intanga ziba zibaye nyinshi, umubiri urakenera kuzisohora. Ni ukuvuga  ko kuzisohora muri ubwo buryo ari ukugabanya iziba zirenzeko. Hari n’aho bishobora gushika kenshi mu ndwi canke bikaba akarenga rimwe mw’ijoro rimwe. 

Ivyo biranashika iyo warose uriko urarangura amabanga y’abubatse. Muri iryo tiro, haragaragarira icipfuzo c’imibonano mpuzabitsina, mugabo ku buryo bwihishije cane. Hari n’aho utigera wibuka ko warose.

Ni ibisanzwe cane iyo umubiri w’umuntu ukora neza. Nta na kimwe wovuga ngo kirabituma, kandi ni nk’uko ata na kimwe kibihagarika. 

Iyo bishikiye uwuryamanye n’umutambukanyi wiwe, usanga bica bimutera isoni cane, co kimwe n’umuyabaga bishikiye abavyeyi biwe bakabibonera ku mashuka. 

Kubera iki bidashikira bose ?

Nimba ubona bitaragushikira, biva ku bituma vyinshi. Igishoboka ni uko woba ukiri muto cane.  Ikindi abantu batibuka, ni kimwe twavuga aho hejuru, ko umubiri usohora izo ntanga kubera ko ziba zabaye nyinshi cane. Uwuzisohora mu buryo ubu canke ubundi, ntaba afise izirengako mu mubiri wiwe, zokenera gusohoka. Ni co gituma rero udasanga wasohoye usinziriye.

N’aho biri uko, hari aho usanga bikenewe ko uraba neza. Ni ukuvuga ko bishobora gushika, ugasanga umubiri wawe ntuhingura intanga. Ni ukuvuga ko iyo ukwije imyaka 15-16, ukaba utarigera ubona umubiri wawe usohora, biba bikenewe ko wegera umuganga akakurabira ko vyifashe neza. 

Muri make rero, ni vyo hari abo bibuza amahoro, iyo bagize baravyuka bagasanga batotesheje aho baryamye. Ariko, nk’uko abahinga babivuga, bakwiye gutekana, kuko nta na kimwe kidasanzwe kiba cabaye.

PS: Uwo muco wose tuwukesha urubuga Fil Santé Jeune. 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (21)

    1. Nibaza ko biragabanya inguvu mu kurongora amabanga yabubatse … vyiz wobireka… kubiheba bivana mukubikora iki ku motiva si ari amareresi uhora urab mu kw isambanya ucuyakuramwon ham ukarab ikintu cogutwarbumwany wokora kuburyo utokwisang urahantu ur wenyen kugir ntubikore

    2. Eg Cane Biric Umubiri Ukagwara Ningwara Zitandukany Nko Gucikumugongo,kumeneka Umutwe Kwaburakany,impuissance,.. At Wobiheb Gt?Muvukanyi Gerageza Kwiyibagiz Ibihe Vyakuranz Urikumw Nabo Mudasangiye Igitsina Hama Usenge Cane Wisonzesh Utang Uyo Mutwaro Kubanyebanga.Umukama Azobihindura Usigaruri Muzlma.