article comment count is: 36

Kwibonanya : inyishu ku bibazo mwama mwibaza

Kwibonanya, kwikinisha, canke kwimara inambu y’umubiri bivugwako vyinshi cane. Mu bitabu, mu binyamakuru, ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye havugwa ibi na biriya, ariko abantu bakagumana ibibazo bitagira inyishu. Ng’izi rero inyishu ku bibazo bimwebimwe abantu bagira. 

Kwibonanya vyoba ari bibi ?
Inyishu kuri iki kibazo ntihurizwako. Abaganga bavuga ko ata kabi karimwo. Hageze mu bijanye n’ukwemera canke ibijanye n’imico bikaba ibindi. Hari ababibona nk’ibisanzwe mugabo iyindi mico n’amadini yandi akavyiyamiriza, bakanavuga ko ari icaha. 

Aho rero ikiba gisigaye, ni wewe nyene wigira inama y’ico wokora n’ico woreka. Bikuzazaniye ukaraba umuntu w’umwizigirwa ukamwitura akakugira inama.

Kwibonanya vyoba bitera ubugumba ?

Havugwa vyinshi ku bijanye n’ukwibonanya. Muramaze kwumva bavuga ko vyoba bigabanya inguvu mu gihe co kurangura amabanga y’abubatse, ubugumba, kurangiza ningoga mu gihe co guhuza ibitsina, uruhumyi, …

Si vyo na mba. Ahandi hoho haba havuka abana bake kuri iyi si.

Uwumaze igihe yibonanya, arashobora kubihagarika?

Ego cane. Birashika hakagira abantu bizizirwa n’ukwibonya. Nimba ubona ko udashobora gutora agatiro utabikoze kenshi ku musi, aho ushobora kuba ufise ingorane. Mu gihe wibaza ko ufise ingorane yo kubohwa n’iyo ngendo, birakenewe ko wegera umuhinga akagufasha.

Kwibonanya biragabanya ububasha abantu b’igitsinagabo?  

Oya. No ngaho ni ivyo abantu bapfa kwemera. Kwikinisha ntibituma umuntu w’igitsina gore canke igitsinagabo abura ububasha mu gihe c’imibonano mpuzabitsina. Kwibonya ntibituma umugabo asohora intanga z’ibihumbwa.

Nimba warabaye imyaka myinshi mu busore, ukaba wamaze ico gihe cose wibonanya, bizoshobora gushika urangize ningoga canke utebe igihe uzogira imibonano mpuzabitsina irya mbere. Bukebuke bizokunda bisubire mu buryo. Ntiwihebure vyose birasubira gufata umurongo, igihe iyo mibonano iza iraba kenshi.

Abantu benshi baratinya kwerekana ko bibonanya, kubera bibaza ko boba bihaye akamenyo. None bari bakwiye kubitinya?

Bivana n’aho umuntu ari. Wakuriye aho bavuga ko ari ibiterasoni, utegerezwa gutinya. Ariko rero kwibonya ni inyifato mvukanwa. Nta na kimwe cotuma wumva isoni z’uko wabikoze. Mugabo mu gihe wiziziwe n’iyo ngendo kandi wumva ikuremereye, ntiwibagire kwitura umuntu yogufasha.

Kwibonanya vyoba bigabanya ko umuntu aryama agasanga yasohoye intanga asinziriye?

Ego. Gusohora intanga usinziriye bitumwa n’uko uwo muntu w’igitsinagabo aba atagira imibonano mpuzabitsina kugira ngo azisohore. Kwibonanya rero birabigabanya.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (36)

  1. Ikibazo ca Bruce ndagifise nanje.

    Hama umuntu aravye igisomwa canyu womenga muriko murahimiriza abantu kubikora.

    Notera akamo uwubisoma wese kwigira inama n’ingigo akaraba ibimuha amahoro mu mutima.

    Mwabivuze ko ari « inyifato mvukanwa » ariko kuri benshi naho ata muntu n’umwe aba yarabibabujije baragira isoni ryo kubivuga kandi bakabikora binyegeje bigatuma naho babikora bakaryoherwa ata mahoro bibaha canke batisanzura kubivuga bemanze ?

  2. C’est un péché tout simplement mureke kuzimiza imitima y’abantu please…..mwavuze abahinga c’est vrai mwe mwibagiye ic’ijambo ry’Imana ibivugako kuko niyo yabiremye et kwibonanya sinibaza ko ari mubirekuwe n’ijambo ryayo…… Nta kubaho nk’ingabo zitagira umutware tugakora ivy’umubiri udusavye vyoos…

  3. nivyiza arko ahanini ubutumwa buri muri ibi mwanditse ngaha buhengamira ku citumviro c’uko atangora bitera wibonanya mu gihe atari wewe nyene wumva uremerewe nuwo mugirwa.

  4. Ndashak abandi biba nazi ibindi babidusangize n’a cane cane kuri côté négatif bishobotse batubwire n’a conduite a tenir!!si non muri twese ntanumwe atazi KO ari icaha

  5. Ni bibi turetse ko bitera isoni n’uwubigira akabanza kwihisha iyo abikora biranatuma asubira inyuma muntuumbero yiwe mbere bishobora no gutuma ataco yokwimarira muri kazoza. Burya ikintu cose umuntu akora Imana itemera kimutera guhona(urupfu).

  6. Ikintu cose umuntu akaro Imana itacemera kimuzanira guhona. Burya turetse ko n’uwubikora bimutera isoni bigatuma yihisha,no mubwenge hari ivyo asubiramwo inyuma mbere bizoshobora nuko bizomugora mugushika kuntumbero

  7. Uretse ko sujet ubwayo idashoboka, nivyo wanditse ntibishoboka na gato
    Masturbation ifise ingaruka mbi nyishi mureke ubwo kuzimiza abantu.
    Sur quels fait muhakana ibibi vyari et sur quels fait mwemeza ivyiza itera

  8. Kuki Kutanditse ko:
    1) bitera dépendance
    2) bituma umuntu atakaza concentration
    3) bituma umuntu agira ukwibagira cane
    4) bituma umuntu atakaza umushatsi
    5) bishora gutera infection (harabagira des douleurs au niveau du bas ventre iyo bikinishije)
    Etc.

  9. Uwomuhing atangaz amabi nkayo akwiy gushengezw kuk ark yic abant bensh nn ivyo mwabivugany n’umugang nd? Cnk n’ivyo mwibaz?

    1. Commentaire *ivy bint nyamuhinga yavyiz mwishure ryahe? naajareka guhumba abantu ubw nububesh kwanza nicyaha kandi birarwaz

      1. Yaga rimw na rimw birayicanga ,arko muvyukuri mureke kuzimiza abantu lmana izobibahembere mwigishe muhanure,.muvuze ngo abahinga ntibabibona kumwe eka nyene harimw abatwaw navy nubu bubatse ariko babibandanya base kuva mu buja bwavyo,gt uwo wita umuhinga yatwaye nivyo yobivuga nabi??? Hmmm ni bibi kd cane mureke gutera inteke abana bato ,.uwahoze abikora arko akaboheba niw abizi ,erega ni kwisambanya ko muvyorosha ngo n’ukwimara inambu oya reka !!! Rero ni bibi ,icaha , ku Mana yoyo ni igiseseme ,ni 1 mu nzira y’ubusambanyi .

  10. Yaga Ivy mwandik bisomw n’abant buy musi,mwaribajij abant bashobor guteger nez it terme mwakoreshej uk bangan?se masturber vyar kub bien compréhensible kubwanje.hama iyo mugir am recherche ntimubon k mwiband kuruhand rumw vrt,nibibi biric biramugaz,n nk drogue en faite utangur buk buk ham ntumeny iy bikugez.mukor amatohoz yibic kand mudusigir ibibaz umunt atar bugir am recherche agapf Ivy asamy.il y’a des milliers d livre zab psychologue ou sexologue n’aband babibayemw bavug à quel degré ivy bint ar bibi vrt.turekan n’ibint vyam croyance ou imic mais twiband kum réalité ab ahar

  11. bene wac ndabasavy ntimuz mubikor KK kubiheb birashobok ark gutor umut wagukurind ingarukamb zavy ntibipfa kubonek nanj nkicompa umuti wondind ingarukambi yavy noshima birengej UK uvyiyunvir ndabinginze muz mwirinde ntimubone nkay mbony muze mwirinde

  12. Merci beaucoup! None x ko bavugako kubera gusohora intanga kwa cane kubantu bikinisha baba ingumba?ikindi ngo biratera cancer de prostate! Nanje nokwemeza kwari bibi kubera ubikora ugwara numugongo

  13. Mwabivuzeko Vyinshi Ariko Ntagitabo Nakimwe Canke Ikinyamakuru Mbere Nurubuga Ruza Gwerekana Neza Imvo Yavyo Uko Abatarabijamwo Bokwikingira Kuko Kwivuza Ntivyorosho Nkukwikingira Muratubwira Rero Imvo Zibituma Mwongere Muduhe Ubuhamya Bwukuntu Uwabimazemwo Igihe Yovyivanamwo Bigahera Ikindi Naco Ntakamaro Birimwo Atari Plaisir Yonyene Ahasigaye Ndavyita Bibi Kbx Ariko Mubandanye Mushaka Shaka Kukanyuma Muzokwibura Kuko Imana Ntiyicaye Iragorora Ibitagororotse.

  14. Kumara Imyaka Myinshi Mubusore Biragabanya Ukwihangana Kurico Kibazo Ariko Ubaye Umugabo Kirahera Kuko Aho Uzisohorera Uba Uhafise Bitumwa Rero Akenshi Nubukene Bwaho Uzisohorera.

  15. Jew rekandababwire ukuri kwibibintu. kukonaraganiriye numuntuyararwaye(umuhungu) iyindwara:kwisambanya,kwikinisha,… Birashobokakobiva kumvo nyishi nkukuba ukundakuraba amashusho yibiterasoni,nkokugiraabagenzibabibakabikubwira,nkokwankwa numukobwa ugaca wikinisha nkukourikourabimukorera nibindi.kwisambanya icoyambariye yagizeati:ninkukowokundakunywainzogacane,kujamuburaya,gukunda kurya igiturire… kwisambanyanibibipe:bitumaunaniza ubwonko,bitumaibiro bigabanuka kuribamwe….ivyizayambariye:birashobokako urongorautevye,birakinga indwarawokurakuwundimwobamwasambanye.ukwowobiiheba nugusengahamaugafata ingingomuriwewe.kukobiragoyeguhebape ni nkumuntu anwa urumogi cankewisuma.kubwanje ivyobavugakobitera igitiguntavyonzi kukonabatabikora bubatse mbonabakirwaye.murimake(NINGESO).