article comment count is: 6

Ubuzima bw’abubakanye : amarira y’abatandukanijwe n’ikiza Covid-19

Ikiza ca koronavirisi kiragisibije kw’isi yose. Gifata abantu kigasasika, abato n’abakuze kikajaniranya. Cashika mu bakundanye hoho kigakora amarorerwa. Bamwe kirabafata kikarambika mu bitaro, n’abo kidafashe kikabatandukanya kandi bari umwe, nk’uyu muvyeyi umukenyezi wiwe yugaraniye mu gihugu c’Urwanda hagira hahere amezi abiri. Umve akababaro kiwe.

Nkumbuye umwiza wanje ! Nkumbuye inarugo ! Nkumbuye uwunyuzuza ku mutima no ku mubiri. Hagera kuryama uburiri bugahinduka ikirambi, ubu si nkiryama ndarambarara. Ng’aya amezi abiri agira yikokore. 

Umwe nari nzi ko afise uruhara rudasanzwe mu kuntu mbayeho n’uko merewe kuva turushinze, tumaranye imyaka itandatu. Ubu aheze i mpinga kubera ico kiza none nanje ndi igicuga, ku mutima no ku mubiri. Hagera kuja kuruhuka nkeguka, aborohewe bacokera mu kavaziko nanje nkarusha imbwa guterama. 

Kubera ntaba nasinziriye neza ntora itiro mu gatondo, aho gutonda ku murimo, ngatangura guhunyiza. Kubandanya ndyamye ni ikizira kubera ko umwana aba akeneye gutegurwa ngo ahafate kw’isomero. Ndinanata ngatonda, mugabo abambona bakambwira ko ndushe mu maso. 

Umuvyeyi ni ikindi!

Kubera umwana yari amenyereye kubona nyina muhira kenshi, iyo bugorovye aca atangura kubaza aho ntahira. Igitangaje nari nsanzwe ntaha bwije,  mugabo nshitse ntevye ambwira ati : “Papa wampevye !” Nkumva umutima ucitse, akunda guca yungikanyako ngo: “ndakumbuye Mama. Azoza ejo anzaniye amarori n’isaha ?” 

Ico kiza kiragisibije. Ahahora urukundo kivyeyi hasigaye umujenyene, ubwoba no kwiyubara ngo umwana ntiyandure nawe akubona akagusanganira. Uwanje wewe yari yaramenyereye abavyeyi bose, none ubu abona umwe. Kubera ico kiza. Iyo nanse kumuterura aca yihebura ukamenga ni impfuvyi. Ewe sibe! 

Ndagerageza guhema ndaramye kubera ntazi ivyo duhura aho nirirwa ndehera, ariko umwana ivyo ntavyo azi, yibaza ngo ni ukutamukunda. 

Ntababesha ndi mu maganya n’agahinda kuko ivyo twakora turi babiri nsigaye ndabikora ndi umwe, nawe ntashobora kuza ngo amfashe. Ace hehe ko inzira zizitiye?

Kubazwa twose mu rugo…

Uno musi, bikoma gatoya, ndembeje akazi canke ngeze kure yo muhira, nkumva umukozi ngo: “Wagiye utampaye amahera y’amakara, nibagiye kuyakwaka…”  Aho ngeze ngaca ngaruka. Kare ivyo sinabibazwa, inarugo, yabibona. Ubu ni jewe ntegeka ivyo baza guteka, mugabo nanka kubabesha nta vyo nari menyereye. 

Kare vyashika gake ko ndaba ko umwana yoze canke bamusize neza ngo aje kw’ishure. Ubu noneho  ni jewe ndabigira kandi imisi yose, nkamenya twose two mu rugo, no kuraba ububiko bw’ibifungurwa bigeze. Nawe uwo nakunze agapfana ishavu ngo yoza ariko ataho ari buce.

Nta kundi nsigaye nubakiye kw’iterefone. N’aho ata mvura idahita, iya Covid-19 izohita ihitanye vyinshi kuko irimwo inkukura yondesha umubiri, ikababaza umutima.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Je pense que les etrangers bloqués à l’étranger bari bakwiye kuborohereza bagatahuka nkuko mubindi bihugu babikora, kwugaranira umuntu mumahanga afise iwabo kanatsinda atari yaranabiteguye nukuri siheza.

  2. Iyo article irimwo amajambo y’ikirundi wamenga ariko avuga amazina.harimwo amajambo agoye gutahura sof k twari twamaze gutahura contexte gusa. Big up Juste Big