Ingwara ngo ziri kune ziri gutanu, zikavugwa ugutandukanye. Izo mu bihimba vy’irondoka, ku rwaruka, kuzivuza ngo si yororo. Intahe ya Samuel
Amagara
Gihanga : imyidogo ku mavuriro magenzi y’urwaruka
ubwo bashima ibikorwa vy’amavuriro magenzi y’urwaruka muri iyo komine, baridogera ibiciro vy’imiti hamwe no kwivuza indwara zifatiye mu bihimba vy’irondoka. Bakavuga bati : “Ayo mavuriro yoba vy’ukuri magenzi y’urwaruka mu gihe atworohereza kwivuza neza, mu mikoro make yacu”.
Akaborerwe : “nyamusubiza umupfungwa mw’ibuye”
N’igihe baba barekuwe, abanyororo biziziwe na za nzoga zikaze ntiboroherwa. Bati : “Iyakariye ntigaheba“, uwazinyoye izo nzoga ntizimugumiriza ibanga. Akanya nk’aka yisanga mu mafuti amusubiza mw’ibuye nk’uko vyashikiye Ernesto*. Intahe.
“Inkarateka”, “kapitambere” …: zitwa amazina amota uburakari
Bati : « umuntu yivuga uwamugabiye », bivanye n’inzoga ikunzwe cane mw’ibohero iri canke ririya, ntibatangwa kuyivuga mu kuyitazira. Amazina bazitorera nayo dusanga agaragaza ko ari inzoga zikaze kandi ziteye ubwoba. Turabire hamwe zimwe muri zo.
No mu yandi mabohero zariraye
Hari abibaza ko ikibazo c’inzoga zitemewe n’amategeko kiri mw’ibohero rikuru rya mpimba gusa. Ihibambewe, no mu mabohero yo hagati mu gihugu akayoga gakaze ntigashobora kuhabura. Naho nyene, abapfungwa bamwebamwe usanga ari bo bikorera izo nzoga ziboreza naho zigaruka zikabangamira n’amagara […]
Uko ‘’Amasozi y’Inkuba’’ ikorwa ntibihumuriza
Co kimwe n’ahandi hose bakora izo nzoga zitemewe n’amategeko, no mu mabohero uko zikorwa ntibihumuriza na gatoya. Bakoresha ibikoresho bitabereye, mu buryo butitaho amagara y’abazozihereza. Ikintu co nyene baba bishakira: gukora akayoga gakaze kazotuma abakanyoye batipfuza kugasiba. Dukurikire uko inzoga […]
No mu mabohero zirengwa ukuri kwamye
Naho hari abajejwe umutekano baguma bacunga ko ata bintu vya magendo canke bitarekuwe n’amategeko vyinjira, ibikoresho vyo kwenga izo nzoga biribonekeza indani mu mabohero menshi yo mu Burundi. None ivyo bigenda bite ?
Abategetsi barwanya gute inzoga y’umudiringi ?
Mwaro ni imwe mu ntara zibonekezamwo umudiringi uzwi kandi ku kazina k’umunanasi. Mu gihe iri mu nzoga zitemewe na Reta, mbega indongozi n’abajejwe umutekano boba bayirwanya gute ? Colonel Gaspard Gasanzwe, buramatari w’iyo ntara aratwishura kuri ivyo bibazo vyose hamwe […]
Umudiringi: ni bisosa bisesereza
Bati inzoga ni ‘’nkura mu mubindi ndagukure mu bantu’’. Umudiringi wowo ntugukura mu bantu gusa, ukura mu muryango uwawihebeye, ukamukura no mu kibano. Eka utera ingaruka zitari nke. None izo ngaruka ni izihe vy’ukuri ? Twarabatohoreje.