article comment count is: 0

Kwivuza ingwara zo mu bihimba vy’irondoka, umusozi ugoye kwururuka

Ingwara ngo ziri kune ziri gutanu, zikavugwa ugutandukanye. Izo mu bihimba vy’irondoka, ku rwaruka, kuzivuza ngo si yororo. Intahe ya Samuel 

Ni umusore w’umusonga, akayobe, agatwengo, ntiworaba.Afise imyaka 21. N’ubwo ubwiza bw’umubiri bwerekana ko Samuel amerewe neza, siko vyamye. Nkuko avyivugira, ubuto bwiwe bwaranzwe n’ubuguruguru bwinshi. Mu gihe yari agifise imyaka 16, Samuel yaza yatanguye kwiryamanira n’abigeme. Yari ashushe, kandi ivyo yironderera ni gake yabibura. Abigeme baramwikundira, kandi nawe yarafise utujambo dusosa, agasa na neza. Baramuhurumbira, eka nawe akidagadura. Wamenga yabasize umuti. 

Umuyondi wacitse amaganya…

N’aho yagerageje kuryimara, Samuel ntivyagumye bisosa. Yahavuye ashika kwisimbo ry’inuma. Igikoresho nyamukuru carahuye n’ibibazo bikomeye, mu gihe yarakwije imyaka 18. Avuga ati : «Ico gihe, igitsina canje catanguye kuza kirandya, nkaza ndiyagaza cane, harazako uduherehere twinshi, gica gitangura kuvyimba mbona. Ubwoba bwarantekeye. Ico gihe, nari mperuka guhuza ibitsina n’umwigeme kandi sinari nikingiye. Mbere ni gake nikingira». Ni uko, amagorwa amubana amagorwa. Ibisaka vy’imbwa birasha. Samuel ntiyabona ukuntu na kumwe yova muri ayo  maganya. Ibintu nk’ivyo ntiyabona uko yobiyagira abavyeyi, ati bari guca bamwihambira abona. Ni ko kwitura umugenzi wiwe, aramugira ku muriri. Amahirwe yiwe, uwo mugenzi yari asanzwe akurikiranira hafi ibijanye n’inyigisho zihuye n’irondoka rijanye n’amagara meza

Amakiriro ya Samuel

Nikwo kwitura ivuriro mugenzi w’urwaruka ry’i Gihanga, riherereye muri Virage II. N’ubwoba bwinshi, Samuel yari agiye kwitura umuganga, kanatsinda ntayindi nzira yo gukira yari afise. Ashikiriza ati «ncinjira narinzi ko agomba andye umutima, ingene nshobora kwandura indwara nkizo nkiri muto. Ariko siko vyagenze. Yabifashe ibisanzwe, aransigurira ko vyama vyashikiye urundi rwaruka tungana. Twarayaze umwanya utari muto, arampa impanuro zikwiye, ingene noza ndigenza mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina, aranyereka akamaro ko kwikingira mu gihe vyanse kwihangana. Imiti yanyandikiye nayiguze ibihumbi cumi n’umunani, inyuma y’indwi zibiri, igikoresho canje cari casubiye kumera neza

Amaze gukira, Samuel yarahindutse baramuyobegwa. Yaciye yinjira mu migwi yiga ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, aho asanzwe yiga kuri ECOFO Murira 1 riri i Gihanga, mbere arahava aba umwe mu mboneza zigisha abandi, akaza arashinga intahe z’ivyamubayeko. «Kubera ko benshi bari banzi, n’ububegito bwanje bwose, birabafasha iyo babonye ko nahindutse. Abakobwa twaryamana kera, benshi narabasavye baje kwipimisha. Hari abavyemera n’abavyanka. Narafashe umwanya wo kubasigurira ingaruka mbi z’ivyo twabayemwo, kandi benshi barabitahuye, bariko barahinduka bukebuke

Kubwa Samuel, urwaruka rurahura n’ingorane nyinshi ziturutse ku kutamenya mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina n’ingene bovyitwaramwo neza. Agasaba ko inyigisho zorwizwa cane, zigafatigwa umwanya ukwiye ntibibe ivyo kwikurayo, kandi urwaruka rukaronka akaryo ko gushikiriza neza ibibazo vy’arwo, bijanye n’ibihe vya none, abavyeyi na bonyene bakaronswa inyigisho z’ingene boza barayaga n’abana babo ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion