Mwaro ni imwe mu ntara zibonekezamwo umudiringi uzwi kandi ku kazina k’umunanasi. Mu gihe iri mu nzoga zitemewe na Reta, mbega indongozi n’abajejwe umutekano boba bayirwanya gute ? Colonel Gaspard Gasanzwe, buramatari w’iyo ntara aratwishura kuri ivyo bibazo vyose hamwe n’ibindi.
Yaga : Inzoga y’umudiringi, ni vyo ko inyobwa aha mu ntara ya Mwaro ?
Col. Gasanzwe : Ego iracanyobwa aha i Mwaro ariko si nko mu misi iheze. Umudiringi mwinshi ukaba wari ugwiriye muri komine ya Kayokwe n’agace gatoya ka Nyabihanga. Na Ndava, hamwe n’agace gatoya ka Rusaka. Izo komine zihana imbibe.
Yaga : Mwatubwiye ko « umudiringi atari mwinshi nka kera », ni gute mwawurwanije aha mu ntara yanyu ?
Col. Gasanzwe : Ubu umudiringi ni mukeyi cane. Ikintu nashitse ngira nkija mu mabanga yo kurongora iyi ntara, kwari ukurwanya inzoga y’umudiringi kandi narawurwanije biboneka. Uti vyagenze gute ? Ngishika, nta sukari yaboneka. Hama, ntangura kurondera iyo ija. Nkabona yuko ishika mu badandaza ariko ugaherera mu mitumba. Rero, umudiringi mu kuwukora, bawukoresha ibintu vy’ibicafu hama bagaca bashiramwo isukari. Isukari nasanze yabura kubera bayikoresha umudiringi.
Hama naciye ndonka abantu banyitura bambwira ngo « umugabo wanje aha singiteka, igitoke gikira kwama, aba atwaye », abandi bati :« Ibitungwa barabimaze bavyiba baja kubigurisha maze ngo binywere umudiringi ».
Niko guhitamwo gutangura kugira inama abanyagihugu, aho nciye ndabasigira terefone zanje. Hama, bagaca bandondera mu mpisho, bakambwira bati, ku mutumba kanaka, umudiringi urahiye. Ngaca nsimbirayo.
Yaga : Mbega vyagenda gute ngo mwishikire aho baba bahejeje kuwenga ?
Col. Gasanzwe : Nahashika nk’isaha icumi zo mu gatondo, nkinyegeza aho batambona n’abaporisi bancungera. Bugaca tubabona. Hama, tugaca tugenda aho bari tukabafata, ngaca ntumako OPJ akaza akabafata, akabagirira « dossier » hanyuma akabacira urubanza ikibiraro. Bamaze kubona nkora uko, abanyagihugu baciye batangura kuja baramfasha kuwurwanya kuko wari ubagejeje habi.
Yaga : Mwotubwira nka zimwe mu ngorane mwabona umudiringi wateza ?
Col. Gasanzwe : Mu ngorane wateza harimwo nk’umugabo awunyoye wasanga umugore arara ahagaze, kubera yamubuza amahoro. Ikindi naco ni uko abawunywa bataba bakirima kubera birirwa baborewe ugasanga wabatwaye inguvu, ikindi gikomeye ni uko abawunywa cane wasanga bavyimvye umubiri hamwe n’ibindi. Rero, abanyagihugu baranyizeye bakaza barambwira aho uri, nkishikirayo.
Yaga : Ubu twovuga ko umudiringi watujijwe mu ntara ya Mwaro ?
Col. Gasanzwe : Kuva aho isukari isubiriye kuboneka, turumva aho wasubiriye gukorwa ariko si nko mu misi iheze. Ubu bakora nk’agacupa kamwe. Ariko kera umuntu yarashobora gukora ama « bagages » atatu canke ane. Kubera ukuntu wunguka, ku bihumbi 30 vy’umutahe, uwuwukora arashobora kwunguka nk’ibihumbi 300 canke 400. Umudiringi ntiwahonejwe bikwiriye, baca umugani mu Kirundi ngo « nta mwonga ubura isato, iba idahizwe », tubandanya tuwurwanya, ariko ubu birapfuma. Ubu twarabwiye abakuru b’imitumba batatubwira ahakorerwa umudiringi, kuko nta kintu gikorerwa ku gacimbiri canke ku mutumba kitazwi, ko abatazotubwira ahari uwo mudiringi, tukawufata, tuzoca tubagufungana n’abo bawukora.