Iyo umuhungu afise amatungo make, arira gusa ko yoronka uwumwemera uko nyene, maze bagashinga urugo. Ku bakobwa naho, iyo imyaka itanguye kwiyongera, basigara barira uwobakura iwabo gusa. Niyirora Thaddée arabinegura, akagira ati « bempi bakwiye kubanza kugendana umwanya ukwiye ».
Amafaranga
Ubukene bw’ibitoro mu Burundi: ni kuki abategetsi badashaka kuvugisha ukuri?
Abarundi baramaze ukwezi kurenga mu ngorane z’ubukene bw’ibitoro. Iruhande y’ingingo zitandukanye zigenda zirafatwa mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu gusangira bike bihari, abategetsi batandukanye baratanga insiguro z’ubwo bukene. Ndayishimiye Déo akakira izo nsiguro nk’ibinyoma bikoreshwa mu mayeri y’abanyepolitike yo guhuma amaso […]
« Kugira umwana i mwaro », imwe mu ngendo zizingamitse Uburundi
Abenshi bavyita ikimenyane canke aka mwana wa mama. Abanje kudusigurira ico ari co ingeso yo “kugira umwana i mwaro”, Iradukunda Laude arerekana ingene iyo ngendo ari inkomoko y’ukurya ibiturire n’izindi ngeso mbi, maze agahamagarira umwe wese kugira ico akoze.
Abahejeje amashure ntibakwiye kurera amaboko
Ukwiga ni kimwe, ukuronka akazi kajanye n’ivyo wize n’ikindi. Ubukene bw’akazi ni ingorane izigirije urwaruka mu Burundi. Ariko, bamwe bamwe bahisemwo kwiyungunganya. Jean Désiré Nduwayo araduha uburorero, agaheza akerekana ingene Leta yoshigikira utwigoro twa be n’urwo rwaruka.
Ingorane z’itangwa ry’akazi mu gisata c’indero
Igisata c’indero kiri muri bimwe bikunze kuvugwamwo ingorane z’ikena ry’abakozi. Ariko rero, naho bir’uko, s’ukuvuga ko abize ukwigisha babuze. Leta iheruka gufata ingingo yo gutanga akazi ku barimu bake cane. Oscar Niyonkuru asanga vyari bikwiye ko n’ako kazi gatangwa kuri […]
Kwatirwa mu mwuga wo kudandaza
Abasokuru barayamaze ngo « ibanga riraheberwa ». Hariho ibisata bimwe bimwe vy’ubuzima umuntu adapfa kwinjiramwo ukwo ashatse kuko haba hariho n’ivyo ategerezwa gukwiza imbere yo kwakirwa mu muryango. Ari na vyo benshi bakunze kwita urwinjizo. Kwatirwa mu mwuga wo kudandaza na vyo […]
Iminsi mikuru iheza umwaka n’abunguruza abantu bikika mu kiza
Ihimbazwa ry’iminsi mikuru iheraheza umwaka ryama ryisangije isura kuri bose ! Bamwe baraziganya kugira bazosume ibikwiye maze bifate neza muri ivyo biringo. Abandi na bo baramenya uko bavyifatamwo kugira ngo iyo minsi ntibasige uko yabasanze. Bamwe muri abo n’abunguruza abantu bikika […]
Ubukene n’indwara ikira
Mu gihe abantu benshi bugarijwe n’ubukene hirya no hino mu gihugu, mu ntara ya Gitega, hari umuti abanyagihugu bamwe bamwe bagerageje kubutorera. Uwo muti ushimikiye ku gushinga udushirahamwe duto duto maze abanywanyi bakaza baraziganya bongera baguranana hagati yabo. Gutyo rero, […]
Abapfungakiwani babaye umurengera
Abatari bake baramaze kwumva ijambo “abapfungakiwani” rikunze gukureshwa mu bisagara ariko rikaba risanzwe risigura abakoresha ububeshi mu kwiba. Abo rero babaye umurengera kandi barageramiye abantu batazi kwiyubara kuko bama bivye abatari bake nk’uko Jean-Désiré Nduwayo atuyagira ivyamushikiye.