Mu gihe umukino wa kazino wemewe n’amategeko mu Burundi, mu ntara za Ngozi, Muyinga, Karusi, hamwe na komine ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura, uheruka guhagarikwa, wagirizwa kurenga amategeko nk’uko twabibonye mu binyamakuru bitandukanye. Imvo z’iryo hagarikwa zoba ari nyabaki […]
Amafaranga
Reveriyano Ndayavugwa : yahora asaba none ubu arasabwa
Abagendana ubumuga kenshi barikumira, bakabona ko ataco bishoboje. Naho hari abaca bahitamwo kuja gusegerereza, hari abandi bivyukiranya, maze bakagaragaza ko bashoboye kwibeshaho nk’abandi. Revereyano Ndayavugwa, ni umwe muri abo. Aratwiganira uko yavuye mu buzima bwo gusegerereza, akitunganiriza imigambi y’iterambere.
Tugwiza ububare, twibuka ko « ideni ry’inzoga ritijana »
Ku bw’uno mwanditsi, « nta kabare nta shengero ; vyose ni hamwe ». Akavuga ati : « nk’uko Reta yashizeho amategeko agenga igwirirana n’ugukora kw’amashengero, vyari bikwiye kuba gutyo no ku bubare » ; arabisigura hano.
Isabuni bururu : amayeri y’abadandaza bamwe bamwe
Reta iti: “ Kugira turwanye neza ikiza ca Koronavirisi, reka dushireho umugambi uzimbura isabuni, ngo Abarundi bakarabe na ntaryo”; isabuni Bururu iba igihe kw’isoko, ku giciro kitavuna. Abadandaza nabo bati: “ Ziranyazwe! Inyungu zacu zigiye kuhasigara. Kugira twicungere, tuzoca tugahinyanyura”; […]
Isabuni «Bururu»: hari abahombeye aho abandi bungukiye
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro akamo katewe n’umukuru w’igihugu mu kurwanya ikiza koronavirisi, Reta ifadikanije n’ishirahamwe UNICEF yaragabanije igiciro c’isabuni nshasha ihingurwa n’ishirahamwe Savonor, «Bururu», ku bice 50 %. Imiriyoni cumi z’isabune «Bururu» zikaba ari zo zizohingurwa, ku kwezi […]
Mbe ubuzima bw’umukozi w’Umurundi bwifashe gute ?
Ku wa mbere Rusama hashize, wari umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi. Mbega mu Burundi, ihimbazwa ry’uwo musi ryasanze ubuzima bw’umukozi n’ineza yiwe vyifashe gute, na rirya iterambere riva muri we nyene ? Reka turabire hamwe.
« Natirimukije umukoresha wanje, antwaza inda, none yaranyigaramye » : intahe
Josiane* ni umwigeme w’imyaka mirongo ibiri n’ibiri; yamanutse i Bujumbura afise imyaka icumi n’itandatu, aje kurondera akazi. Yahora yumva bavuga ko i Bujumbura amahera yisesa, akibaza ngo azotunga atarushe. Yamara uko yavyibaza si ko yabisanze. Aratuyagira ayo yahaboneye.
« Amakoperative Rwagasore », ico yari asumbije ayandi mashirahamwe yo kwiteza imbere
Nk’uruganda rw’ivyiyumviro vyo kwiganzura, umugambi wo gushinga amakoperative y’abanyagihugu warabangamiye cane intwaro y’Ababiligi. Mu mpera z’imyaka y’1950, kugira ubwigenge mu butunzi vyonyene ntivyari bihagije; Rwagasore n’abo bagendana bipfuza kubona igihugu cikukiye vyanka vyakunda.
Ikoreshwa ry’abana bataragera: “Uwanka agakura abaga umutavu”
Ingingo zirafatwa, ariko abantu bakaguma bakoresha abana batarakwiza imyaka yo gukora. Aha i Bujumbura ndetse no mu yindi mihingo y’igihugu, abana bafise hagati y’imyaka cenda na cumi n’umwe, usanga bariko bakora ubuzi bwo mu nzu, kudandaza canke ubundi bwose abo […]