article comment count is: 0

Iminsi mikuru iheza umwaka n’abunguruza abantu bikika mu kiza

Ihimbazwa ry’iminsi mikuru iheraheza umwaka ryama ryisangije isura kuri bose ! Bamwe baraziganya kugira bazosume ibikwiye maze bifate neza muri ivyo biringo. Abandi na bo baramenya uko bavyifatamwo kugira ngo iyo minsi ntibasige uko yabasanze. Bamwe muri abo n’abunguruza abantu bikika  mu kiza mu kuduza ibiciro maze bakahungukira kuruta nk’uko Dorine Muco Muryango abituyagira.

Hari ku wa gatandatu, igenekerezo rya 24 Kigarama. Data wacu yari aramutse yubaka urwiwe uwo munsi. Bisanzwe bizwi ko imiryango ishigikirana kuri uwo munsi. Twarakiriye abantu batari bake i muhira baje kumara urwo rubanza.  Icantangaje n’uko nka bose bidoga ko ababunguruje babadugirijeko igiciro. « Urugendo rwagenze neza ariko baduciye amaboko kandi ata mikoro akwiye dufise », uko niko mwene  datawacu yanyishuye ndamubajije uko urugendo rwagenze. Ngize ngo ndamubaze ayo babaciye kuva mu rumonge gushika mu gisagara ca Bujumbura, yanyishuye ko babatse amafaranga ibihumbi bine (4000 Frbu) umwe umwe kandi ko abiyunguruza bacanacanako mu kwurira imiduga. Niho yongerako ati : « Ntivyari vyoroshe. Bahora baronka ingenzi zigereranye. Ariko uno munsi hari abantu isinzi ku gituro. Umuntu ntiyaronka naho ahagarara. Batudugirijeko amafaranga igihumbi (1000Frbu) yose kuri umwe umwe wese!»

Iryo duzwa ry’ibiciro ryoba riva kuki ?

Uretse abatagira ukwo bagira, Abarundi nka bose barakora uko bashoboye kugira ngo barangirize neza umwaka mu miryango yabo. Hari rero ba serugo baba kure y’imiryango yabo bivuye ku mvo z’akazi bakora. Ntawokwibagira ko n’abanyeshuri  baja mu buruhuko bw’igice ca mbere muri iki gihe co guheraheza umwaka.

Abiyunguruza rero na cane cane baja mu gihugu hagati baba ari benshi mu minsi irangiza umwaka. Muri ico gihe, abasanzwe baronderera ubuzima mu kwunguruza abantu n’ibintu baca bikika mu kiza mu kuduza ibiciro uko bavyishakiye. Bene kurondera ukuntu boshikira imiryango yabo baremera gutanga ayo mafaranga.  Rimwe na rimwe ndetse barananigana. Ubona ko iminsi mikuru irangiza umwaka iba mu mpera z’ukwezi abakozi baronkejwe agashahara kabo.

Akamo notera hamwe n’ico niyumvira cofasha

Ukwunguruza abantu n’ibintu birafise amategeko abigenga mu gihugu cacu. Kira noneho hariho n’ubushikiranganji bujejwe ugutunganya n’ukugenzura ivyerekeye ugutwara abantu n’ibintu. Kubw’ivyo, ntawuyobewe ko ibiciro  bishingwa na Leta biciye muri ubwo bushikiranganji nyene. Ni naco gituma mboneyeho akaryo ko gusaba abajejwe ubwo bushikiranganji ko bogumiza ijisho ku bunguruza abantu n’ibintu mu gihugu cose na cane cane mu minsi mikuru y’impera z’umwaka. Ivyo vyotuma abikika mu kiza kugira ngo bazimbe abiyunguruza bagabanuka, eka ndetse bakanatuzwa.

Ibicishije mu bushikiranganji bubijejwe, Leta yoshinga igipolisi kijejwe iyubahirizwa ry’ibiciro biba vyarashinzwe mu kwunguruza abantu n’ibintu. Kugira ngo iryo banga ico gipolisi coba kijejwe rirangurwe vyoroshe, hoca hanashirwaho imirongo ya terefone itarihwa ifasha kumenyesha amakuru vyoroshe. Abiyunguruza ni yo boca baza baracako kugira batabaze mu gihe hoba habonetse abunguruza abantu baciye kubiri n’ibiciro vyashinzwe na Leta.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion