Iyo umuhungu afise amatungo make, arira gusa ko yoronka uwumwemera uko nyene, maze bagashinga urugo. Ku bakobwa naho, iyo imyaka itanguye kwiyongera, basigara barira uwobakura iwabo gusa. Niyirora Thaddée arabinegura, akagira ati « bempi bakwiye kubanza kugendana umwanya ukwiye ».
Kuva na kera na rindi, gushinga umuryango ni iteka rihambaye kandi kurishikira bigasaba kuvyitegurira bihagije. Muri kino gihe rero, kuri bamwe bamwe si uko bimeze. Womengo uwo mugenzo usigaye ari ugushitsa ibwirizwa gusa. Ugira gutya ukumva ngo kanaka yazanye umugore utigeze umenya ryari yareheje. Wagira urabaza ukumva ngo bahuriye kuri za mbuga ngurukanabumenyi za « whatsapp » canke « facebook».
Naho nyene « ubugaba bw’umugabo ari bwo buryo bwiwe », imvo biturukako ziratandukanye, ariko nyene n’ingaruka zavyo si nke.
« Ubukene, imyaka », zimwe mu mvo z’ukwihutagiza kwa benshi
Manariyo, umusore w’imyaka 30 ati : « abahungu b’abagenzi turi murunganwe rumwe, ubu nta n’umwe muri bo adafise umwana. Iyo duhuye bavuga ko nkwiye kwegeranya uburyo nanje nkarongora. Ubu nokira gutsitara na makeya gusa, novuga namusimbanye. Erega na nya bakobwa nyene nta wukwemera atakubonana amikoro akwiye !»
Ku bigeme nabo, ngo « umwigeme ariko aregereza imyaka 26 atawuramusaba ko bokwubakana, aca atangura kwihebura ati : kumbure bose barambenze, agaheza akazirikira ku wuzohirahira akarikura mu kanwa, canke uwokwerekana na bukebuke ko ashaka kwubaka, naho ata buryo bukwiye yoba arabironkera. Igikuru kiba ari ukuronka uwo witirigwa gusa, ibindi murabimenya mu nyuma » ; uwo ni Kayobera(yahinduwe izina), umwigeme wo mu gisagara ca Bujumbura.
« Iyihuse kuvyara yavyaye ibihumye »
Uko kwihutagiza rero, eh mama ! ngo imyaka iragiye, abandi nabo ngo bararonse uwutabagoza uburyo bwinshi, bituma ingo mwe n’izo zimera nk’inzu yubatswe ku musenyi. Uraheza ugasanga, ata n’ikiringo kinini kihaciye, bene kwubakana badashoboye guhuza kuri vyinshi, mbere bikavukamwo ukwinubana, ari nayo ntango y’umutekano muke mu rugo.
Ku rundi ruhande, iyo umwe ahisemwo kurushinga ngo n’uko bamwemeye n’amikoro yiwe make, uwundi nawe ngo « ndatomboye bankuye iwacu », ubukene canke ubutunzi vyose bihereza kubatandukanya : ni za ntandaro zo kurenga ibigo, iyo bidatewe n’ingeso mbi.
Ku bw’ivyo vyose rero, imisore n’inkumi botahura ko kwubaka bitigera bita akanovera, ariko bikaba bizima iyo abashimanye barushinze babanje kwitegura bihagije. Maze rero nkabona ko mu ntumbero y’ukwitegurira urugo rurama, kanaka yofata ikiringo kinini co kugendana n’uwo yashimye, kugira na ntaryo amenye ko bazohuriza kuri vyinshi bamaze kubana. Na kare ngo « uwitonze amira ibinoze ».
Murakoze Cane