Mu mwaka w’2017, twarababwiye ubuzima umunyeshure abayemwo mu bigo vya kaminuza y’Uburundi, ku gafashanyo k’9000 gusa vy’amafaranga y’amarundi. Ku wuba atararonka uburaro muri ivyo bigo, aronswa agafashanyo k’30 000. Ubu rero ayo mahera yagabanutse. Inkurikizi.
Amafaranga
Kuki abavyeyi ata kinini bagifasha mu bugeni bw’abana babo ?
Tuvyiga mu mashure no mu biyago vy’abakurambere, ko aho hambere hahise, umusore yagera kwubaka urwiwe, maze se akamutunganiriza ivya nkenerwa vyose ; hama akamusohora. Ubu si uko bigenda ; aho kumufasha, umuryango womengo ushaka kumuremera. Mbega ivyo ntivyohinduka ? Akabaruwa ku bavyeyi.
Uburundi muri #CAN2019: kurya kw’inka ikamwa ico yariye
Uburundi bwaraye bukuye meza mu mahiganwa y’igikombe ca Afurika kiriko kibera mu Misiri, ata n’inota na rimwe buronse. Birababaje. Ariko, ntibitangaje; kuko bifise ico vyavuyeko.
Hari ingo zibayeho ku rugero rurengeye amikoro zifise
Ntivyigera vyoroha kubeshaho umuryango, na cane cane iyo agashahara k’umuntu kadahuye n’urugero rw’ubuzima yifuza kubamwo, akenshi ku gushaka kumera nk’abandi. Atari nka hamwe rero umuntu yoba ashaka kumara ubuzima bwiwe mu madeni, aba akwiye kuraba neza ivyo ashira imbere.
Ikirimba : « Ntaho bitaniye n’umuco wo guhinda ikibiri »
Mu cirwa cakozwe n’ibanki nkuru y’igihugu mu Burundi mu mwaka w’2015, Abarundi bafise ububiko mu ma banki baharurwa ku bice 16,4 kw’ijana. Abandi none babigenza gute? Bokoresha “ikirimba.”
Bujumbura : mu manza abasuma barakaka !
Muri ino minsi hasigaye hari abantu baza mu manza hambavu yo kuvumba bazanywe no kwiba. Abo bantu babikorana amayeri adasanzwe eka mbere baramaze no kwiba abatari bake. Uwutabaye maso rero azokwibwa ivyiwe nk’uko Rivardo Niyonizigiye atera akamo abatarabimenya.
Bujumbura : « ng’uku uko nibwe mu buryo ntari nibaza »
Ahatari hake mu gisagara, muri ino minsi, abantu benshi baridoga cane ko bibwa mu buryo butangaje. Abenshi rero ubu bibwa n’abantu utokwikeka ko ari abasuma, mu gihe muhuriye mw’ibarabara, basa nk’abandi bose. Caritas Ninziza aratwiganira ivyamushikiye.
« Abanyamwaro barakunda amahera cane » : vyoba vyavuye he?
Iyo hagize umuntu azigama cane udufaranga twiwe, wumva bamubwira ngo “wewe uri umunyamwaro, ntaco wikura”. Ngabo Spageon yaregereye umuhinga mu vy’akahise kugira amusigurire iyo mvugo iyo yazananye.
Gushinga urugo: “ uwitonze amira ibinoze”
Iyo umuhungu afise amatungo make, arira gusa ko yoronka uwumwemera uko nyene, maze bagashinga urugo. Ku bakobwa naho, iyo imyaka itanguye kwiyongera, basigara barira uwobakura iwabo gusa. Niyirora Thaddée arabinegura, akagira ati « bempi bakwiye kubanza kugendana umwanya ukwiye ».