Igisata c’indero kiri muri bimwe bikunze kuvugwamwo ingorane z’ikena ry’abakozi. Ariko rero, naho bir’uko, s’ukuvuga ko abize ukwigisha babuze. Leta iheruka gufata ingingo yo gutanga akazi ku barimu bake cane. Oscar Niyonkuru asanga vyari bikwiye ko n’ako kazi gatangwa kuri bake kari gakwiye gutangwa biciye mu gukora ikibazo kugira abana baronke ubumenyi buzobafasha kwiteza imbere no guteza imbere igihugu.
Haraciye iminsi Leta imenyesheje ko izotanga akazi ku bantu amajana umunani gusa mu gisata c’indero. Muri bo, amajana ane n’abo mu mashure y’intango, abasigaye nabo bakazokwigisha mu yisumbuye. Umuntu avyihweje neza asanga abo bantu ari bake cane ugereranije n’abize uwo mwuga bakeneye akazi. Ivyo bituma umuntu yibaza ikizokwisungwa mu gutora abo barimu.
Ivyo biri uko mu gihe abize umwuga wo kwigisha bicaye i muhira ari benshi cane. Abo nabo bafise imyidogo myinshi kuko batabona neza ingene akazi gatangwa. Urashobora gusanga nk’umuntu amaze umwaka umwe canke ibiri ahejeje amashure atanze kuronka akazi uwumaze imyaka itandatu yarahejeje. Iyo bigenze uko rero, umuntu ashobora kubiha insiguro nyinshi. Hashobora kuba hakoreshejwe igiturire, ikimenyane, ubucuti canke ibindi. Uko igipfungu kirwira mu gutanga akazi, niko abagasaba batakaza icizere. Hamwe vyobandanya uko, igisata c’indero cogira ingorane nyinshi ndetse n’igihugu cose.
Ingaruka mbi zishobora guterwa n’akazi kadatanzwe mu muco
Ingaruka mbi ya mbere n’uko uwo mukozi afise amahirwe make yo gukora neza ico ajejwe. Ugukora akazi, kaba aka Leta canke ak’abigenga, ni ibanga rikomeye. Ico ukora cose, ubwirizwa kugikora ku neza y’abo ujejwe gutunganiriza. Mbega umuntu aronse akazi kubera igiturire, yotinya nawe kucaka abo ajejwe ? Mu Kirundi bavuga ngo umuntu atanga ico afise. Umwarimu aronse akazi bidaciye mu muco, kenshi usanga no ku kazi adakorera mu muco.
Ingaruka mbi zishobora gushika si izo gusa. Abanyeshure nabo nyene barashobora kuhaburira ubumenyi. Ivyo na vyo bigatumwa n’uko hatisunzwe ubumenyi mu gutanga akazi. Kubona abakeneye akazi ari benshi, ntivyari bikwiye kuba intambamyi. Vyari bikwiye ahubwo kuba akaryo keza ko kuronka abakozi babishoboye. Biramaze kuboneka ko ubumenyi mu mashure buguma busubira inyuma. Birababaje rero kuko hari benshi botanga ubwo bumenyi ariko bakabura inzira babicishamwo.
Uko akazi kotangwa ku neza ya bose
Biribonekeza ko Leta itagishoboye gutanga akazi ku bantu bose. Ivyo birunvikana kuko abize barwira ku munsi ku munsi. Leta yari ikwiye rero gukorera kuri ako karyo keza, ikaronka abakozi b’incabwenge boteza imbere igihugu mu bisata vyose. Izo ncabwenge nazo zoboneka biciye mwihiganwa. Hotunganywa ikibazo ku bakeneye akazi bose kandi ku mugaragaro. Abavyifuza bose bagakora, uwurushije abandi ubumenyi akaronka akazi. Bibaye uko, imyidogo yogabanuka. Uwo binaniye yomenya icabitumye, ntiyosubira guta umwikomo ku batanga akazi.
Abajejwe gutanga akazi mu gisata c’indero bari bakwiye gukorera mu muco. Ugukorera mu rufuri, bituma abantu babakurako icizere. Bituma kandi abenshi biyumvira guca mu zindi nzira zitabereye. Gutyo, uwutagira uwiwe amuserukira akaharwa. Leta nayo yari ikwiye gusuzuma neza ko abo yahaye ubwo bubasha bakora ku neza y’igihugu. Atari uko, bagasubirizwa n’ababishoboye. Ivyo bikunze, igisata c’indero coronka abakozi babishoboye. Eka n’abanyeshure boharonkera ubumenyi buzobafasha kwiteza imbere n’uguteza imbere igihugu cabibarutse.
Ibi Vyose Biva Kukuntu Abarundi Batagikundana,umwe Wese Ashira Imbere Inda Yiwe,gutanga Igiturire Nivyo Vyishe Igihugu
Mbega uwo ikibazo conanira yoba ari akigugu kandi yarize ?Mbega uwonanirwa yotahira he unyumvira ?
Abantu ntibagikundana,ukuri nakwo kwarabuze.Nayakibazo gitanzwe nticobuza ko karonka abatagitoye kubera Zangorane za Nkunzi,igiturire na Ka mwana wa mama Vyawaze Gutsimbataramu Gihugu.Vyama vyabonetse henshi !
Twaragowe,ikibabaje Nuko Ubutegetsi Bw’ubu Butatwerekwa Kandi Dushoboye.Tout Honneur Aux Honnorables Poilismes!
Ivyo Vyose Biva Kukutitaho Abandi Gutanga Ibiturire.. Gushira Inda Zacu Imbere.Naho Ikibazo Cokorwa Ntivyobuza Ko Haronka Akazi Abatagitoye.
no ikibazo nticokorwa ahubw bohamagara abafis diplome zubwigisha ico kiramaze.
MBEGA KO MUGUTANGA AKO KAZI BOKORA IKIBAZO UWONANIRWA NIKIBAZO YABA ARI IKIGUGU