Tanganyika n’ikiyaga kizwi kw’isi yose. Eka mbere hariho n’abakizi batazi ibihugu bigikikuje. Nk’uko Oscar Niyonkuru abituyagira, ico kiyaga n’itunga rikomeye ku Burundi hamwe n’ibindi bihugu bigisangiye naho kititwararitswe nk’uko bikwiye.
Amafaranga
Ni gute twokoresha neza amafaranga yacu?
Mu gihe amafaranga ya muntu ari yo ahanini amufasha mu vyo akeneye iminsi yose gutyo akabandanya kwiteza imbere mu muryango, hari n’abandi bantu bayaronka akabapfako ubusa eka mbere ugasanga ababo babayeho nabi kurusha n’abandi atayo bafise. Renovat Ndikumwenayo aratuyagira ukwo […]
Inzara irarembeje abantu mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe abantu basabiririza mu gisagara ca Bujumbura baguma biyongera uko imyaka ihera, abantu benshi baribaza nimba ababayeho nabi muri ico gisagara ari abo babona ku mabarabara hamwe no mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi gusa. Jean Désiré Nduwayo aratuyagira […]
Igiturire kizocika ryari mu Burundi ?
Mu gihe abategetsi benshi b’igihugu cacu, uhereye ku bo hejuru gushika ku nzego zo hasi bama basemereye, eka mbere bakanagabisha abarya ibiturire, umuntu aribaza igituma igiturire kidahera canke ngo kigabanuke mu gihugu cacu. Oscar Niyonkuru aratuyagira uko abibona n’ico yiyumvira […]