Bahuririra imbere y’ishure shingiro rya Scheppers muri zone Nyakabiga. Bagizwe n’abagabo b’udutama, bamwebamwe utuda tudakwirwa mu mashati. Urwarwa n’agatabi badakura ku munwa n’uturirimbo tutumvikana neza baguma bayingira. Abababona bakibaza bati: “None ni ryari abo bantu bakora ; mbe hoho boba […]
Akazi
Guhagarika uburovyi muri Tanganyika: twibukanye inyanduruko y’iyo ngingo
Nk’uko vyavuye mu mazerano ibihugu bikikije ikiyaga Tanganyika vyagiraniye, igenekerezo rya 15 Rusama 2023, ni ryo sango ntarengwa ryo guhagarika uburovyi muri ico kiyaga. Naho kuri uyu wa mbere batari bwahagariko nk’uko umwanditsi abitwiganira, aratwibutsa icatumye iyo ngingo ifatwa n’ibiyiherekeza.
« Allo Nyakwubahwa Perezida, erega bose ntiboba abarimyi »
Ibiharuro vyo kuva kera bivuga yuko Abarundi barenga ibice 90% babeshejweho n’uburimyi. Uko imyaka itera yigira imbere, na canecane dufatiye kuva mu 2020, ibiciro vy’ibifungurwa ntibihengeshanya kuduga. Bimwe mbere bigeze aho vyikuba kabiri canke gatatu. Kubera iki abarimyi ari benshi […]
Kurobera muri Tanzaniya : ni inzira y’urukiza koko ?
Abarundi bava mu ntara zitandukanye baraja kurobera (kurondera ubuzima) mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Ivyo rero birafise inzira bicamwo, n‘inzitizi zidasigaye inyuma.
Ni igiki gituma urwaruka rutoroherwa kw’isoko y’akazi ?
Icigwa cakozwe n’ikigo Adisco mu 2017, cerekana ko mu Burundi urwaruka rugera ku bice 55,2% mu mitumba hamwe na 65,4% mu bisagara rutagira akazi. Nta nkeka ko ivyo biharuro vyabandanije biduga. Imwe mu mvo zibituma, ni bamwe mu batanga ubuzi […]
Burundi: ivyo gutegekanirizwa kazoza bavyumva nk’umugani
Mu Burundi, kuronka akazi ka Reta si icoroshe. Bisa no kurondera umuzi w’ibuye. Abatari bake, canecane urwaruka, bakora ubuzi butobuto bahawe n’abikorera utwabo. Boba bategekanirizwa kazoza nk’abandi bakozi ? Twaraganiriye na bamwe muri bo.
Reka kumfata ku munwa, mbaze!
Hari ingeso yadutse mu mwuga wo kumenyeshamakuru. Iyo abanyeshamakuru turi mu kiganiro, hari abiha ububasha bwo kubuza bandi abandi kubaza. Ahandi naho bakavuga ko ivyo bariko barabaza bidakenewe. Iyo nyifato uzoyisanga mu Burundi gusa. Iyo ngendo irasuzuguza abanyeshamakuru.
Kirundo : kwibana abakozi vyimonogoje
Ubusuma ni vyo buri kwinshi ariko hari ubutari bumenyerewe kandi bugoye no kwemera ko bubaho. “Kwibana abakozi bo mu nzu” ni ikintu gitangaje ariko cimonogoje cane mu ntara ya Kirundo, kuko umukozi ashobora guteka ivy’umurango ivy’ijoro bigatekwa n’uwundi. None bitumwa […]
Intahe : “Nafashijwe n’umunyamahanga mpemukirwa n’incuti yo mu muryango”
Vyoba birashika mukibaza ko mworokorwa n’umunyamahanga, murundi, yamara mugahemukirwa n’uwo mu muryango mbere musangiye n’amaraso ? Iyi ntahe ya Niyubuntu*, umusore wo mu Rumonge yagiye kurondera ubuzima mu gihugu ca Zambiya iravyerekana.