article comment count is: 1

Intahe : “Nafashijwe n’umunyamahanga mpemukirwa n’incuti yo mu muryango”

Vyoba birashika mukibaza ko mworokorwa n’umunyamahanga, murundi, yamara mugahemukirwa n’uwo mu muryango mbere musangiye n’amaraso ? Iyi ntahe ya Niyubuntu*, umusore wo mu Rumonge  yagiye kurondera ubuzima mu gihugu ca Zambiya iravyerekana.  

Nitwa Niyubuntu. Mfise imyaka 34. Mvuka mu Rumonge. Nahejeje amashure yisumbuye mu 2013, mugabo sinatora ikibazo co kuja muri kaminuza, ariko guca nigira umugambi wo kuja kwisumamwo muri Zambiya narirya urwaruka rwinshi rwo mu ntara yacu rwariko rurahahurumbira. 

Nshitseyo, nahasanze abagenzi b’Abarundi, bamwebamwe tuvuka hamwe. Barandangiye akazi ko kudandaza  inzoga mu bunywero. Ni urudandazwa rukomeye cane kuko muri ico gihugu inzoga zisohoka ku bwinshi. Ndi muri ako kazi ni ho naca mpura n’umusore umwe  avuka muri ico gihugu, ahava ambera incuti ntazokwibagira.

Yama aza guterama nk’abandi ariko umusi umwe ni ho yankebukanya ambaza ko noba nzi kugendesha imodoka nanje nti:  “Ishwi”. Kukaba  nka ko sinari nzi n’iyo bitaye umutwe. Ndabona ko bimubabaje  ariko ntiyashirwa. Ahubwo aca ambwira ko nomusanga imuhira bukeye bwaho ku muhingamo, kugira tuvugane.

Aca ambera umuvukanyi

Nshitse iwe yarampaye ikaze kandi ndabona n’imiduga itatu iri mu bwoko butandukanye, ihagaze mu rugo iwabo. Ambarira ati:  » Nashaka ko woza uraca amahera ukoresheje iyo ‘Corolla’ nka taxi kuko ari yo nganza.  Izindi ni iz’abandi. Ariko ko utazi kuyigendesha urumva ko bitoshoboka ». Erega yahavuye ansaba ko noguma mba aho iwabo kugira nkwirikirane inzu n’iyo miduga hanyuma nkazoronswa umushahara buri kwezi kuko abavyeyi biwe baba hanze y’igihugu. We yari yaronse akazi mu ntara zo hagati mu gihugu.

Nari ntomboye kuba mu nzu ntariha. Aho narahakoreye gushika mu mwaka w’2016  ariko imbere y’aho gato mu mwaka w’2014 nari nariyungunganije nugurura ubunywero mu mahera mpembwa n’ayandi nakura mu biraka naronka vy’ukuvuza umuziki (nari uwo bita DJ) mu manza. 

Kuva mu 2014, ubwo bunywero bwarampa amahera nca niyumvira kugura iparasera mu gisagara ca Rumonge. Umugore wa marume ni we natumye ngo andonderere. Emwe yandonkeye na zibiri. Imwe iri inyuma  gato y’igisagara iyindi aho bita mu Nyakara. Erega naciye ndahagura hose.

Uwanje ansanganiza uburyarya

Mu 2016 ni ho niyumvira  gutaha kugira ndabe ya ma pararasera nongere ntangure  umugambi  w’ukwubaka imwe muri zo. Naragiye kumuraba, za parasera zose nta n’imwe yashoboye kunyereka. Uri aho yanyereka iyasizwe na marume, ahandi akanyereka iyidakwije ibipimo. Iyo  mu Nyakara yoyo n’ubu ntarayinyereka. Ahubwo  yatevye anyiregako ko amahera yayo yahuye n’ibibazo vyari mu muryango. Niko gusubira muri Zambiya mbabaye cane, ukwubaka biba bihagaze uko. 

Wa wundi ati: « Amagorwa ntasiga ayandi ». Nshitseyo  nasanze umuhungu  nari nahaye akazi ko kubika amahera, yarayegeranije aratwara. Ayo twaca yose yaguma ngaho mu bubiko. Mbajije umwigeme bakorana, yanyishuye ko yagiye nk’uwugaruka, ko batazi inzira yafashe. Naciye mfata makeyi yari asigaye nongereza tumwe nagarukana mvuye mu Burundi, kugira ngo agatahe gasubire kaduge. Naracuruje gushika mu 2019 aho naciye ntaha burundu. 

Ubu mpanura abaja kwisumamwo mu bindi bihugu ko bokwurwuruza amakonte mu mabanki ari ngaha iwacu no muri ivyo bihugu baba barimwo kugira babikeko uduhera baba bariko bararonka. Ivyo bizotuma birinda uguhemukirwa. Ikindi ni uko batokwijajara ngo barafise abariko barabakuirikiranira ibintu vyabo batari hagufi.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Emwe ntagire ngo ariwenyene.
    Nibenshi bahura nivyobibazo
    Uwowewe nuko yarasanzwe yikorera ivyiwe.haruwuba akorera umuntu hagera ko ahembwa Boss wiwe akarondera ivyamwagiriza kugira afatwe afungwe.nibenshi bari mubibazo babuze nitike ibatahana abandi bagatinya gutaha kubera bokorwa nisoni kumara imyaka 5 ugataha mwi pantaro wagiyemwo ukonyene utashe wagirijweko wivye.
    Ahubwo Muzotegure ikiganiro kubarundi bari mubihugu vya Afrique cane cane Zambia ubugome bwoguhemukira abitwa abakozi canke abomusangiye vyimonogoje