article comment count is: 0

Burundi: ivyo gutegekanirizwa kazoza bavyumva nk’umugani

Mu Burundi, kuronka akazi ka Reta si icoroshe. Bisa no kurondera umuzi w’ibuye. Abatari bake, canecane urwaruka, bakora ubuzi butobuto bahawe n’abikorera utwabo. Boba bategekanirizwa kazoza nk’abandi bakozi ? Twaraganiriye na bamwe muri bo.

Kubera ko ubuzi bwa Reta canke ubw’amashirahamwe yigenga bugoye kuboneka, abikorera utwabo basigaye ari nk’agahengekerezo k’abarondera akazi canecane urwaruka. Ubwo buzi rero, buba ari mfatakibanza, ndetse n’agahembo kaba ari intica ntikize.

Hari abo twaganiriye basanzwe bakora ubuzi nk’ubwo, bose bahuriza hamwe: “Nta tegeko na rimwe abakoresha bacu bisunga, haba mu kuduha akazi, mu kuduhemba ndetse no mu kutwirukana”.

N.K., umusore w’imyaka 23 adandariza umuntu mu mangazini iri hagati mu gisagara ca Bujumbura guhera mu mwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri. N’akababaro kenshi agira ati: “Nama nibaza ko twebwe abakozi batobato twoba tugengwa n’itegeko rigenga abandi bakozi mu Burundi, canke twebwe ritaturaba”. 

Eka n’umwigeme A.N w’imyaka 24, yamaze imyaka ine akorera umuntu mu mangazini idandaza amaterefone, ahava arirukanwa ku kazi, ahuje ikibazo na N.K. Agira ati:   “Namaze imyaka ine nkora akazi neza, uwunkoresha yahavuye anyirukana kandi nta na cumi yantekereye, kanatsinda ntiyari yarigeze anziganiriza, nta n’amasezerano y’akazi nari mfise”.

Dufatiye kuri iyo myidogo, biragaraga ko hari abakoresha batitaho ivyo gutegekaniriza kazoza abakozi babo.

Vyoba biva kuki ?

Nk’uko tuvyiganirwa n’abatandukanye bakora ubwo buzi, imvo nyamukuru ituma abakoresha bamwebamwe batitaho kuziganiriza abakozi babo, ndetse no kubakoresha hisunzwe itegeko rigenga akazi mu Burundi, bitwaza igwirirana ry’abarondera akazi. I.B. atwiganira ko umusi arukura mu kanwa abiwbira umukoresha yamubwiye ati: “Utagakeneye genda abagashashaye ni benshi”. 

Aho rero, uwuramutse akaronse, ntaheza ngo akiyankishe yemera gukora uko akoreshejwe. Iyindi mvo, abo bakoresha batinya guha amasezerano y’akazi abakozi babo kuko baca bategerezwa kubarihira amafaranga yo kubategekaniriza kazoza nk’uko bisabwa n’itegeko rigenga akazi mu Burundi.

Iryo tegeko rivuga iki ?

Umushingwamanza Innocent Nshimirimana wo mu rwego rw’abashingwamanza bakukira Sentare y’iyungururizo ya Gitega, amenyesha ko itegeko rigenga umukozi n’umukoresha mu Burundi, ryerekana neza ko umukoresha wese ategerezwa kuziganiriza umukozi wiwe.

Mu gace karyo ka cumi na kabiri, ingingo ya mirongo ibiri n’icenda y’iryo tegeko irabitomora neza: “Umukoresha wese ategerezwa kuziganiriza umukozi. Umukozi wese afise uburenganzira bwo kuziganirizwa hamwe no guhabwa ivyo yaziganirijwe”.

Ku bw’uyo munyamategeko, mu gutanga akazi hategerezwa kuba amasezerano hagati y’umukozi n’umukoresha. Muri ayo amezerano, ni ho haba harimwo umushahara umukozi azohembwa, hanyuma umukoresha akamuziganiriza ibice bitandatu kw’ijana, ibindi bice bine kw’ijana biva ku mushahara w’umukozi buri kwezi.

Arongera akavuga ko akamaro k’ayo mafaranga umukozi aziganirizwa ari ayamufasha iyo atagishoboye gukora akazi, canke hamubayeko izindi ngorane izo ari zo zose bigatuma ahagarika akazi, araheza agatungwa n’ayo yaziganirijwe. 

Niyo bishitse agahindura akazi, umukoresha wiwe mushasha abandaniriza aho uwambere yarageze  kumuziganiriza.

Umuti

Umushingwamanza Innocent, avuga ko naho biboneka ko ico kibazo kigoye gutorera umuti, hariho urwego rw’igihugu rujejwe ubugenduzi bw’akazi, rwategerezwa gukurikiranira hagufi abo bakoresha batitaho ineza y’abakozi babo. 

Abandanya asaba ko Reta yoshiraho itegeko ritomora uko abakozi bakorera mu bisata vy’abigenga bakwiye gutegekanirizwa kazoza, nk’uko haherutse gushirwaho itegeko ryerekana uko abakozi ba Reta bagiye gutegekanirizwa kazoza kabo.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion