Bahuririra imbere y’ishure shingiro rya Scheppers muri zone Nyakabiga. Bagizwe n’abagabo b’udutama, bamwebamwe utuda tudakwirwa mu mashati. Urwarwa n’agatabi badakura ku munwa n’uturirimbo tutumvikana neza baguma bayingira. Abababona bakibaza bati: “None ni ryari abo bantu bakora ; mbe hoho boba bamariye iki imiryango ?” Abaganga bo babona ko ingaruka ari nyishi harimwo n’iz’ indwara.
Layilayi, ni iritazirano ry’umwe muri abo bagabo. Aturuka mu ntara ya Gitega. Haraheze imyaka cumi ataduga. Afise imyaka 45 ariko aracari umusore natwo uduhuzu tuboneka nk’uduheruka kumesurwa mwak’uyu. Iruhande yiwe, hari abandi bariko batumura agatabi, amaso atukuye.
Tumubajije uko abayeho yishura ko bigoye agira ati: “Jewe nzindukira ng’ aha kubera ko ata kandi kazi mfise. Mu gufungura ndya intete z’ amajana atanu ngaca nywa n’utuyoga tw’igihumbi kugira ndabe ko nomara umusi.”
Tumubajije iyo akura ayo mahera agira ati: “Oya mani reka kumbaza ivyo. Iyo ndonse uwuncorera miya tatu canke utundi dukeya ndabaho”. Nongeye kumubaza ico arwaye kubera udutama tuvyimvye n’udushatsi umenga yadusize porodwi, yanyishuye ati: “Eka jewe sindwaye kabisa urabona ko ngendagenda kandi nta ngorane mfise. Nayo ivy’ukuduga, ntihararengerana nzoba ndaduga. Mu kuryama naho, ndafise abagenzi tuba turi kumwe ng’ aha canke ku gifurege (Drain de Vugizo Ndlr ) niho ndara”.
Ni uruhombo
“Abo bagabo bazindukira mu tuyoga, bakirirwaho amaherezo yabo azoba ayahe? Amafaranga bakoresha bayakura he? Imiryango yabo, ko mbona bose ari aba ruguru bayimariye iki? Ubwo aho siho hava ingeso mbi zigatandukira n’urwaruka na rirya ari imbere y’ishure?”, utu ni utubazo dutandukanye uwukurikiranira hafi ivy’imibano akaba n’umujenama wa komine Mukaza yibaza.
Ku bwa Patrice SABUGUHEBA, uruhombo ni runini ku miryango yabo no ku gihugu. “Nk’uwasize umuryango ruguru, umugore n’ abana bica bigenda gute mu gihe umugabo amaze imyaka n’ iyindi adataha. Umugore ashobora guca yigenza nabi akaja mu bindi. Eka n’ abana barabura urukundo n’indero bohawe na se wabo.
N’uruhombo ku gihu kandi kuko abo bo muri zone Nyakabiga canke ahandi mu zindi zone, bagaburirwa n’ abakora. Unasanga muri abo hari abafise utuyoga two mu macupa, bamara kudufata tukabaca intege kubera ubukare bw’umwambiro wazo”.
Ugutuza ama “ligala”
Uyo asanzwe ari umujenama wa komine Mukaza asigura ko ari ikibazo ariko ngo ntabona aho intwaro inanirirwa kugira ituze mwene ayo ma ligala, atuma abantu baca utugugu abandi bakababuza gukora. Ku bwiwe, intwaro nikore ibihuye n’ amategeko ibahane. Vyanse i Bujumbura ni baduge ruguru baje gukorera ingo zabo. “Uwarondeye akabura ngo yicara nk’uwakwije”, uyo mugani ngo nta kibanza ufise ni baje kurondera ahubwo ni bivuze bakire hanyuma bakore ibibateza imbere bigateza imbere igihugu.
Utwo tugwi kenshi udusanga dukoraniye ahagurishirizwa urwarwa, amakara aho usanga bakina n’urubugu na za casino. Usanga baguma banywa inzoga zibatwara inguvu hanyuma bakarya n’ibifungirwa bidakwije ibisabwa. Kwama ku ntete bakavanga n’utwo tuyoga kandi bakavangavanga bituma bamererwa nabi . Dr Jean Claude Cishahayo ati: “Baca barwara indwara z’ugufungura nabi canke bakagira indwara zijanye n’ amafyigo n’igitigu”.
MURI IYI NKURU HARI AMAJAMBO MWAKORESHEJE ATABEREYE UMUNYAMAKURU. NGO UDUTAMA, ISHATI ZITABAKWIRA, UDUTAMA TUVYINVYE.,.
Bamuraba amajambo mwandika naho aba ari ikirundi. Inkuru iryoha iyo harimwo icubahiro na professionalisme muvyo muvuga… Aya majambo mwakoresheje muri iyi nkuru ntabereye « ikiyago » c’ikirundi. Clickbaits muzirekere abandika mu congereza n igifaransa. Murakoze
HARI AMAJAMBO YOGUKORESHA ADAKOMERETSA UMUNTU NUMWE
COMMUNICATION NON VIOLENTE UWANDITSE IYI NKURU ARAKWIYE KURONDERA UBUMENYI BUKWIYE KUGIRA YANDIKE NEZA