Ibiharuro vyo kuva kera bivuga yuko Abarundi barenga ibice 90% babeshejweho n’uburimyi. Uko imyaka itera yigira imbere, na canecane dufatiye kuva mu 2020, ibiciro vy’ibifungurwa ntibihengeshanya kuduga. Bimwe mbere bigeze aho vyikuba kabiri canke gatatu. Kubera iki abarimyi ari benshi ariko umwimbu ukaba muke ? Ubwo hoshigikirwa bake beza umuti ntiwoba ubonetse ?
Nyakwubahwa Perezida, igihe mwashikira amabanga yo kurongora Igihugu cacu c’Uburundi, narahimbawe cane no kwumva mushize imbere icivugo ngo : « Umunwa wose uronke ico ufungura, umufuko nawo uronke amafaranga. » Kukaba nkako, buri muntu wese abaho kubera ko yaronse ico atamira. Inyuma y’ivyo araheza akagwa avyuka kugira ngo aronke rya faranga rimufasha kwikenura haba mu kwambara, mu kwivuza, mu gutunga umuryango, mu kwinezereza n’ibindi n’ibindi.
Inyuma yo gushikiriza iryo hangiro nyamukuru, imigambi itandukanye yarakurikiye mu ntumbero yo kurishikako. Aha nogaruka kw’ihimiriza ridasanzwe rihamagarira Abarundi bose atawusigaye inyuma kwijukira uburimyi n’ubworozi, uburyo bwongewe amakoperative yo ku mitumba yose, hafi 3.000, igize igihugu (imiriyoni 10 z’amafaranga y’amarundi kuri buri koperative), amafaranga atari make yashizwe mw’ibanki y’urwaruka BIJE hamwe no mu mugambi PAEEJ kugira ngo ashigikire ahanini urwaruka ruja hamwe ngo ruteze imbere ico gisata c’uburimyi n’ubworozi. Hari n’ayandi mafaranga ashirwa buri mwaka mu bijanye no kuronsa ifumbire abarimyi (imiriyaridi 15) no kugwiza imbuto zirobanuye (imiriyaridi 3), n’utundi twigoro twinshi.
Hari Abarimyi, n’abaherekeza abandi
Nyakubwahwa, nubwo biboneka ko inguvu zongerejwe ku bijanye n’ico gisata c’uburimyi, impinduka nziza kw’isoko ntazo. Ibiciro kw’isoko ntibihengeshanya kuduga uko bukeye uko bwije. Ntitukimenya ngo ni mu gihe co kwimbura, ibiciro bibandanya biduga igihe cose. Vya biharage n’umuceri dufungura minsi yose, ntaho ikiro kimwe gishobora kuboneka munsi y’amafaranga 3.500 Fbu. Ifu y’imyumbati igeze hafi ku 3.000 Fbu, iy’ibigori muri 2.500 Fbu… Ibintu aho bigeze bisaba ko hofatwa ingingo zihuta kandi zibereye, zirengeye gukura amatagisi ku bidandazwa nkuko ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta buherutse kubikora. Burya iminwa y’Abarundi ibandanya igwira. Mu gihe umwimbu w’ibifungurwa nawo udahejeje ngo wiyongere ku rugero rukwiye, iduga ry’ibiciro rizokwamaho, ubona ko no gusumira hanze bisigaye bigoye.
Ivyo vyose ndabikubitijeko ijisho birantera ubwoba bigatuma nibaza nti, mbega ko inguvu zishoboka zari zakoreshejwe kugira ngo Abarundi benshi bashoboka barime ariko ibintu bikabandanya biba nabi, ubwo umukenyuro ntiwohinduka? Nyakwubahwa, ndazi Abarimyi, munkundire nandike ntanguje urudome rukuru, abo barimyi si benshi kandi wanashima, nawe uri muri bo. Abo barimyi si n’abagoronome bamwe baba baravyigiye muri kaminuza. Ariko rero, ivyo bakora babikora nk’abavyonse. Indimo zabo usanga ari nini kandi zitunganijwe vy’akaroruhore. Iyo bimbuye, bararonka ivyo bafungura, ivyo bahako incuti, eka bakanashora umusesekara, isinzi ry’abantu rigashikirwa. Mbega inguvu zikoreshwa mu gushigikira Abarundi mu kivunga zoja kuri abo barimyi b’akarorero, ntivyotuma baduha umwimbu ukwiye kandi uzimbutse?
Uwutarimye, akore ibindi
Umwaka urangiye wa 2022, mwawitiriye uw’uburimyi ; iki ni co kindi kintu campimbaye. Mw’ijambo mwashikirije ryo kutwipfuriza umwaka mushasha mwagize muti : « Igihe nzobona Abarundi bose bijukiye uburimyi, amatongo yose akaba agizwe n’ibiti n’imirima ata nkukura, isi yasubiye kugira akanovera kayo, ivyarimwe bigatanga umwibu ukwiye… tuzoheza twemeze ko igihugu cateye imbere. » Ijambo ryiza. Mu mpera z’umwaka uheze, mwarashikirije umugambi uhamagarira Abarundi ko buri rugo rwose rugiye gutunga n’imiburiburi inkwavu zitanu. Mw’ihuriro ry’urwaruka riherutse kubera i Gitega, mwarakariye Gabriel rufyiri n’abandi nkawe, nkuko mwabivuze, bigumira i Bujumbura barindiriye gusuma ivyo batarimye ariko bakaganza gusemerera ngo ibiciro bigabanywe. Ivyo vyose ni ivyatumye mbandanya ngira ibibazo. Ibijanye no kurima burya nivy’Abarundi twese? Ko dufise ingabirano zitandukanye, umwe wese ntiyokwikomeza aho abona bimubangukira?
Nyakwubahwa, nitanzeko akarorero, jewe navukiye mu muryango w’abavyeyi uko ari babiri bose barima. Si ibikorwa bijanye no kurimira impeshi canke agatasi, kuragira ibitungwa canke mbere no gukuka amase yavyo, vyose narabikoze. Ariko rero sinigeze ngira inyota nyinshi yo gukorera mu gisata c’uburimyi nubwo abavyeyi batahengeshanya kuduhimiriza. Munyumve neza, si kubera ko nashatse kwumvira ba bandi ngo uwukize akira isuka. Ivyo kwandika hamwe n’ibijanye no gukoresha inyabwonko (informatique), ni vyo vyamye bintembera mu mutwe kuva. Aho rero nkatandukana na Dusabe Wilbert kuko nubwo yize ivyo gukanika, we agatima kagumye ku burimyi n’ubworozi. Umwe wese ashigikiwe mu ngabirano ziwe, vyose vyoterera mw’iterambere ry’igihugu!
Erega kandi Muhanyi, no muri vya bihugu twemera ko vyateye imbere, Abarimyi ntabwo ari benshi. Ndazi murabizi cane. Muri Amerika, Abarimyi baharurwa kuri 1,8% mu benegihugu barenga imiriyoni 331. Mu Burusiya, Abarimyi bangana n’ibice 9%, mu Bufaransa bakangana n’ibice 2,6% … Mbega tweho kuki uburimyi tutoburekera abarimyi nyabo ? Burya buryo butangwa ngo bushigikire isinzi ry’abarimyi bakoresha isuka, bwoheza bukaronswa bake, aba nabo bagaheza bakabukoresha mu kugura amamashini n’ibindi bikoresho bigezweho, bakanabwifashisha mu guhemba abahinga n’abakozi basanzwe. Gutyo uburimyi bwoheza bugatera imbere nkuko bikwiriye, abatabukoze nabo bagashobora gusuma no kuja kwiyungunganya mu bindi bisata biboroheye.
Hejuru y’ivyo ga Nyakwubahwa, mwoheza mukaturonsa uburaro buri hamwe na hamwe irya n’ino mu gihugu, nka kurya mutegekanya kubikora vuba mu gisagara ca Bujumbura. Vyofasha kugira ngo ntitugume twimarirako isi ndimwa mu kwubaka amazu aho tubonye hose.
Murakoze.
Ico ciyumviro ni ciza cane.
Nocunganira ntanga ikindi ciyumviro canje.
A. INTAMBUKO YAMBERE.
1. Hakwiye gutegurwa ibirwati mu ma commune yose, abantu bakaba mu hanwe amatongo asigaye agategurirwamwo imigambi na cane cane umurimyi buteye imbere.
– vyotuma abarundi bose bisanga hafi y’amashure, amasoko, amaburiro, ubutegetsi bubarongoye n’ibindi vyishi.
-Vyotuma haboneka umwimbu ugaragara mu gisata c’uburimyi n’ubworozi na rirya irico gisata gutunze abarundi beshi.
-Vyotuma indyane z’amatongo zigabanuka mugihe vyoba vyizweko neza bigatunganywa neza kuri bose.
2. -Leta irakwiye kwitwararika ibiterwa njabuka-mazi ikanarondera isoko ry’ivyimburwa kuburyo abarimyi batabihomberamwo canke ngo bibace intege.
– Gushiraho itegeko ko buri muntu ahurikira muri cooperative irima ibiterwa njabuka-mazi. Vyotuma amafranga yagaciro yiyongera, abantu bagashobora kwikenura nka kera (aho wasanga mwihemba ry’ikawa abantu bose bikenura muri vyishi, abatama bagasoma iceri banezerewe)
B. INTAMBUKO YA KABIRI
– Kubera abantu batanganya amatongo, Leta yotegura agaciro kaho umwe wese yarafuse, hagakurwamwo aho ahawe muki gwati agiyemwo. Bakiga agaciro kaho asize, leta ikazoza uramushubusha mukiringo kanaka gushika ihatahure. Ivyo bikaba ariko ariyo itegeka imigambi iharangurirwa.
– Uwukeneye gukora umugambi uwo aro wo wose, Leta yoha akaryo uwukeneye kurangura umugambi, abahinga bayo bakawukwirikirana, hama ku mwimbu ubonetse, hakagira ibice vyawo bija muri Leta kuriha ba bahinga. Umurimyi agashira agaheza akariha ikori.
C. Itunganywa ry’ingo nshasha.
– Abatarubaka izabo hamwe n’abazokwaruka nabo, Leta niyo yotegura ingene ibigwati bizotera vyaguka. Yobahereza aho bubaka nabo mubi rwati, batarinze kugura.
M.N: Vyizweko neza bigashirwa mu ngiro, vyotuma ubushomeri (chômage) bugabanuka cane mbere bukanasezererwa burundu.