article comment count is: 0

Ni igiki gituma urwaruka rutoroherwa kw’isoko y’akazi ?

Icigwa cakozwe n’ikigo Adisco mu 2017, cerekana ko mu Burundi urwaruka rugera ku bice 55,2% mu mitumba hamwe na 65,4% mu bisagara rutagira akazi. Nta nkeka ko ivyo biharuro vyabandanije biduga. Imwe mu mvo zibituma, ni bamwe mu batanga ubuzi badahurumbira urwaruka rugiheza amashure. Vyoba biva kuki ? 

Nta wobideha, hirya no hino mu gihugu, urwaruka ruheza amashure ruridoga ko rutaronka akazi. Amashure nayo, haba ayisumbuye canke aya kaminuza ntahengeshanya kuramura buri mwaka. Ibitigiri vy’abashomeri biguma vyiyongera. Mu birirwa  ku ma « ligala » haba harimwo bamwe muri urwo rwaruka rushomereye.

Mu mwaka w’2017, itohoza ryakozwe n’ikigo Reja gifadikanije na Adisco, ibice 41% vy’urwaruka bamenyesheje ko babura akazi kuko babuze ibakwe canke amahirwe, 17% bakakabura kuko bakumiriwe, nayo 12% bakabura akazi kuko ivyo bize bidafise isoko ry’akazi ryagutse.

Amashirahamwe yigenga hamwe n’abikorera utwabo, ni bamwe mu bategerezwa gusahiriza Reta mu guha akazi urwaruka ruhejeje amashure. Ariko igikunze kwibonekeza, iyo habaye ihamagara ryo gutanga akazi, harabamwo agatego kabuza anahirwe bamwe bamwe. Oliva (izina ry’itirano) ni umwigeme w’imyaka 27 amaze imyaka ibiri ashomereye. Agira ati : « Ndatangazwa n’ingene basaba ko uwurondera akazi ashiramwo ico yamaze, no kuba afise ubushobozi kanaka mu kazi amaze gukora. » Uwo mwigeme akavuga ko abatahira ubwo buzi ari ababa babusanganywe kuko ari bo baba bafise ubwo burambe busabwa. 

Binubwa kubera ubumenyi buke

Mu kiyago catunganijwe n’ikigo CREOP-jeunes igenekerezo rya 31 Nzero 2023, umuhinga mu bijanye n’indero akaba n’umwigisha muri kaminuza Pr Joseph Ndayisaba, amenyesha y’uko  ukudahurumbira urwaruka rugiheza amashure ngo baruhe akazi bifitaniye isano n’ingene rutegurwa mu mashure.

Kubw’uwo muhinga, abakoresha ntawobatako umwikomo n’aho biri uko. Ashikiriza ko hari imvo nyishi zituma abaheza amashure batarabwa ryiza n’abatanga ubuzi. Akabandanya ati :

«Itohoza ryakozwe n’ihuriro ry’abahinga bo mu bisata bitandukanye, ryerekana ko urwaruka ruri hagati y’ibice 69% na 93% rumara hagati y’umwaka n’imyaka itanu ruriko rurondera akazi k’ibanze. Nayo abakoresha bikorera utwabo hamwe n’amashirahamwe yigenga barenga amajana atatu, ibice 45% muri bo, bamenyesheje ko ubumenyi bw’abakozi baronka, baheza amashure muri iyi myaka,  budahwanye n’ivyo baba bakeneweko mu kazi. Buri hasi cane. Arico gituma badahurumbira.»

Iyindi mvo itokwirengagizwa, nk’uko bivugwa n’uwo muhinga, ni itunganywa ry’ivyigwa ridaha ikibanza kumenyereza umunyeshure ubuhinga bwo ku rubuga rw’akazi, kuko bufise ico butandukaniyeko n’ivyigwa vyo mw’ishure. Ikindi, ni ukubura aho bimenyerereza akazi, eka n’iyo baharonse ntibakwirikiranwa bikwiye. 

Umuti urama urashoboka ?

Imwe mu nyishu Reta itanga kw’ibura ry’akazi ni uguhimiriza urwaruka kwitunganiriza imigambi. Ubu hoho abirirwa ku ma ligala bajanwa gukora ibikorwa vy’igihugu kandi ku buntu. Kuri iyo ngingo iherutse gufatwa, uwo muhinga agira ati : « Imbere y’ukubatwara gukora ibikorwa vy’igihugu ku buntu, hari hakwiye no kwigwa igituma bahitamwo kwirigwa kuma ligala, ikibazo kigatorerwa inyishu kuva mu mizi y’aco.» 

Pr Joseph Ndayisaba akavuga ko bimwe mu vyokorwa kugira urwaruka ruheze amashure maze abikorera utwabo barugirire icizere, baruronse akazi, ni uko inyigisho zojana n’igihe, ivyo abakoresha bipfuza bigafatirwako mu gutanga inyigisho.

Arongerako ko ikindi cofasha cane, ari ukugwiza n’ugufata mu mugongo ibigo bihari kugira ngo bihe inyigisho urwaruka inyuma y’amashure. Ivyo bigo bikaruhuza n’abikorera utwabo bashaka abimenyereza canke bashaka abakozi, gutyo urwo rwaruka rukamenyera akazi mbere rukanaronka amahirwe yo kwizerwa ko rushoboye.

Abumva ni bumbe…

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion