Hari ingeso yadutse mu mwuga wo kumenyeshamakuru. Iyo abanyeshamakuru turi mu kiganiro, hari abiha ububasha bwo kubuza bandi abandi kubaza. Ahandi naho bakavuga ko ivyo bariko barabaza bidakenewe. Iyo nyifato uzoyisanga mu Burundi gusa. Iyo ngendo irasuzuguza abanyeshamakuru.
Mu musi iheze uwuserukira igihugu c’Uburusiya mu Burundi yarahaye ikiganiro abamenyeshakuru. Abamenyeshamakuru bitavye ico kiganiro bari benshi kubera imvo zibiri. Uburusiya buriko burarwana na Ukraine kandi uwuserukira ico gihugu yari yemeye gufasha kugira igitoro, ifumbire, bishike mu Burundi vyoroshe.
Hari ababuza mugenzi wabo kubaza…
Nkuko vyama bigenda, mu kiganiro nk’ico abamenyeshamakuru barabaza ibibazo bitari vyitezwe canke umengo ntibikenewe. Muri ivyo harimwo ikibazo c’abanyeshure b’abarundi bari mu Burusiya baguma bapfa ku bwinshi.
Uwuserukira igihugu c’Uburisiya yarishuye ariko umumyeshamakuru yumva ntanyuzwe. Asubiye kubaza, bamwe mu bamenyeshamakuru bamusamiye hejuru bati: “Ico kibazo cawe cishuwe”. Uyo mumenyeshamakuru yaciye ahora. Mugabo vyaraboneka ko bagenzi we bamuniganye ijambo.
Ivyo si irya mbere ndabibona. Nanje vyaranshikiye mu myaka iheze. Ico gihe, uwurongoye ibanki nkuru y’igihugu yariko aha ikiganiro abamenyeshamakuru. Ikiganiro kigitangura yagize ati: « Nishura ibibazo bitatu gusa« .
Ivyo bibazo ahejeje kuvyishura nanje naciye mbaza kuko ikibazo canje kitari cabajijwe kandi cari nkoramutima. Ndakibajije, bamwe mu bamenyeshamakuru bavugiye hejuru bati : » Ibibazo vyaheze ».
Ariko uyo mutware nyakuntunga yaranyishuye neza kandi mu burwaneza. Icantangaje n’ingene umwe muri abo bamenyeshamakuru yaciye ambwira ngo:
« Wobaza ico kibazo mu kirundi ».
…n’abavuga ngo ikibazo yabajije ntigikenewe
Hari n’ikindi gihe vyashitse umumenyshamakuru abaza ikibazo. Abandi bamenyeshamakuru bati: » Ico kibazo ntigikenewe » Uwariko atanga ikiganiro nawe ati: » Wumvise inyishu bagenzi bawe batanze! Bamubaza ibikenewe! ». Iyo ngendo irerekana aho ubumenyi n’akarangamutima abamenyeshamakuru bamwe bamwe bafise. Hari vyinshi batazi ku vyerekeye kumenyeshamakuru.
Kutamenya akarangamutima k’umwuga
Kimwe maze kubona nuko abamenyeshamakuru baba baje kurondera inkuru kandi bakaja mu kibanza c’uwuriko aratanga ikiganiro.
Nibaza ko abamenyeshamakuru babuza abandi kubaza badatahura uburemere bw’ikibi baba bakoze. Mu majambo make ubujije umumenyeshamakuru kubaza, uba ubujije ico kimenyeshamakuru kurangura umwuga gifiye uburenganzira. Kubatazi ingene ibimenyeshamakuru bikora, nobamenyesha ko ata munyeshamakuru abaza ikibazo yiyumviriye. Ivyo abaza nka vyose aba yabitumwe n’umurwi w’abamenyeshamakuru bakorana. Namwe nimwishire mu kibanza c’umumenyeshamakuru yabujijwe kubaza ivyo bamutumye! Ashitse kukazi avuga iki ?
Birakwiye kuranduranywa n’imizi
Iyo ngeso irateye ubwoba. Kuko irasubiza inyuma umwuga wo kumenyeshamakuru. Ivyo bituma abakora uwo mwuga ducanamwo. Umbujije kubaza ntiwibaze ngo biba biheze. Ahubwo ndakubona nk’umukeba kuko wewe umbuza kurondera inkuru ntushaka ko nkora. Ivyo biha impigi abantu badashaka ko umwuga wo kumenyeshamakuru utera imbere.
Si ivyo gusa, abantu batanga amakuru babonye ingene ducanamwo baradukengera kandi bakatwima amakuru. Nico gituma kenshi uza ubona hari abantu baza kutubwira ivyo tubaza canke ivyo tutabaza mu kiganiro. Hari n’igihe bagusaba ibibazo uhava ubaza. Hamwe abo batubuza kubaza boba babikora batabizi vyoba ari vyiza kuko iyo ukora ikosa utazi urimenye ntusubira. Ariko nibaba babikora n’ibigirankana, ni ukuri umwuga wo kumenyeshamakuru warinjiranywe.
Hari abamenyeshamakuru bihenze igisata
Nagira mpanure abamenyeshamakuru babuza abandi kuvuga kubera ukutamenya. Ntakibazo na kimwe kiba. Kiretse gicoza uwukibajijwe canke gihonyanga agateka k’abandi. Iyo mugiye kurondera amakuru. Nta mumenyeshamakuru n’umwe yiyubaha kandi azi icokora arekuriwe kwishura mugenzi ikibazo kibajijwe uwatanze ikiganiro. Iyo ngingo y’urufatiro umumenyeshamakuru wese akwiye kugendera.
Mu bindi bihugu hoho bageze kure. Umumenyeshamakuru aja murondera amakuru mu bihaniro nk’ivyo, abaziko ariwe atangura kubaza. Nico gituma mwama mubona mu kubaza batanguranwa mu kubaza. Nta n’umwe abuza mugenzi we kubaza.
Nimuhitemwo !
Nagira mpanure ababikora baziko bariko bakora amakosa. N’ukuri nimuhe umwuga. Mwarihenze umwuga. Genda muronderere ahandi. Mugabo nimba mwanse kugenda. Gumamwo kuko murashobora kuba muriko murondera amahera yokwibeshaho. Nahonyene mureke kubuza bandi kubaza. Udafise ivyo ubaza reka ababifise babaze. Harya wibazako umbujije kubaza, uwuriko ataranga ikiganiro akubona nk’intwari canke nk’umuntu atazi ivyo arimwo? N’ukuri ndagusavye, undeke nibazirewe.
Yaya Namw Murarenze
Hahahahahah…. Bakureke shaa wibarize