Abiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bifashishije imiduga yunguruza abantu, nta n’umwe ayobewe ingorane zahora zibonekeza ku bituro vy’imiduga iva hagati mu gisagara iyo bugorovye. Ariko rero ubu haribonekeza amahinduka mu buryo abantu bahora burira muri iyo miduga. Caritas Ninziza aragaruka […]
Akazi
Ituzwa ry’utuzu tw’imbaho mw’isoko ya Ngozi
Mu minsi iheze, mw’isoko nkuru ya Ngozi, haribonekeza ku bwinshi utuzu tw’imbaho badandarizamwo benshi bazi kw’izina rya « Kiosk ». Ariko rero icibonekeza n’uko ubu hari ituzwa rya bene utwo tuzu ngo kuko ari two dukwiragiza umuriro ningonga nk’iyo wadutse mw’isoko. Ubu […]
Mu Burundi umuntu yoshobora kubeshwaho n’utugenegene?
Mu Burundi hari abanyatugenegene batandukanye. Muri bo benshi barazi guhingura neza utugenegene twabo ariko ikibabaje n’ukwo usanga ahanini umenga batahira umuruho bakuye mu bikorwa gusa kuko badaheza ngo baronke agahimbazamusyi kababereye nk’ukwo umukozi wese yama aberwa n’impembo. Naho biri ukwo, […]
Ingorane z’amakarata yo kwinjiza amafaranga
Haraheze iminsi ishirahamwe Econet Leo ririko riradandaza amakarata yo gushira amafaranga muri terefone yanditseko « Nipe Buddie ». Amenshi muri ayo makarata akaba ari ay’igihumbi. Iyo uyiharuye wihuta, akenshi ibiharuro biratabukana n’agakarata. Ivyo rero bikaba bitari bimenyerewe ku makarata yahora akorwa n’ishirahamwe […]
Abakobwa boshobora ibikorwa vy’abahungu ?
Dusanzwe tuzi ko mu Burundi bw’aho hambere hahise, abahungu n’abakobwa batari basangiye ibikorwa mu buzima bwa minsi yose. Umukobwa yari afise ibikorwa vyamugenewe mu muryango, eka n’umuhungu nyene yari afise ivyo ajewe. Ariko rero, ukwo imyaka ihera, ibintu biguma bihinduka […]
Ubuganga ni ibanga ritoroshe
Mu buzima bwa minsi yose, abantu barazezwa amabanga atandukanye. Hari abayashingwa kubera icizere abantu babagiriye. Ariko hari n’abandi, hambavu y’ico cizere c’abantu, babanza kugira ico bakoze kugira ngo vy’ukuri babere ibanga kanaka. Hari rero amabanga asaba umwiteguro nko kwiga canke […]
Ukwiyunguruza ntivyoroshe muri Bujumbura
Kuva igihe, ku mvo z’umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura, hafatiwe ingingo ibuza amapikipiki kurengana ibiraro vyinjira mu gisagara, haribonekeje ubukene bw’imodokari zunguruza abantu kuko benshi arizo baciye batangura kuza barafata. Prosper Niyonkuru abona ko iyo ngorane yari ikwiye gutorerwa […]
Ikibazo c’amafaranga y’ingaru mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe muri ino minsi, mu gisagara ca Bujumbura hibonekeza ubukene bw’amafaranga matomato, hariho ikibazo gikomeye ku bagenda n’imiduga yunguruza abantu. Amafaranga y’ingaru ubu asigaye akwega imitongano hagati y’abiyunguruza n’abakozi b’iyo miduga nk’ukwo Jean Désiré Nduwayo abituyagira.
Ubuzima bw’inyuma y’ishure nshingiro
Abatari bake baribaza ukwo bigiye kugenda ku banyeshure batamenye muri ca kibazo ca Leta kibaha uburenganzira bwo kubandanya amashure y’inyuma y’ishure nshingiro. Mu gihe bamwe bibaza niba hazoboneka ubuzi bushobora kubatunga, Apollinaire Nkurunziza araremesha abazoshiruka umwete bakitegurira imigambi ko ubuzima […]