Mu gihe muri ino minsi, mu gisagara ca Bujumbura hibonekeza ubukene bw’amafaranga matomato, hariho ikibazo gikomeye ku bagenda n’imiduga yunguruza abantu. Amafaranga y’ingaru ubu asigaye akwega imitongano hagati y’abiyunguruza n’abakozi b’iyo miduga nk’ukwo Jean Désiré Nduwayo abituyagira.
Haraciye iminsi amahera matomato yabuze mu gihugu cacu, na cane cane ngaha mu gisagara ca Bujumbura. Ubu n’inoti ziboneka z’ijana usanga zaratabaguritse ku buryo uyishize mu mufuko uyikuyeyo nabi usanga ari ubunwenwe. Ico kibazo c’izo noti zishaje caranashikiriye Ibanki Nkuru ya Republika y’Uburundi aho yafashe ingingo y’uko ata muntu n’umwe yosubira kuza aranka izo noti yitwaza ko zishaje. Ivyo biri uko mu gihe hari hasohotse ibingorongoro vya mirongo itanu ngo bisahirize, ariko navyo ntibikiboneka. Mbere hari n’urukurukuru ko vyoba bisigaye bijanwa mu gihugu kibanyi ca Congo gukorwamwo imigufu yo kwambara mw’izosi.
Muti rero bimeze gute?
Ubu mu gisagara ca Bujumbura biragoye gufata umuduga wunguruza abantu udafise amafaranga amajana atatu avunje. Ivyo rero bikunda gushika mu masaha y’umugoroba kuko ababa bariko bariyunguruza baba ari benshi kandi basiganwa n’ubwira. Imbere y’uko wurira umuduga, barya bajejwe gutoza amahera, babanza kukubaza ko ufise amafaranga avunje. Utayafise baca bakwankira kwinjira ngo n’uko ata ngaru bafise. Mbere ubu hariho abasigaye bariha amafranga amajana atanu kandi vyari bizwi ko ari amajana atatu, kubera ko bihuta kandi bubiriyeko, bagaca bahitamwo guheba iyo ngaru.
Umwe mubo twaganiriye asanzwe akora akazi ko gutoza amafaranga ku muduga w’unguruza abantu yagize ati : «Ni ukuri si twebwe, ikibazo c’amahera matomato cabaye ndanse. Umve namwe, ubu dusigaye tuvunjisha igihumbi bakaduha amafranga 800 gusa y’ibingorongoro. Ayo nayo ukayasubiza abantu bane gusa baguhaye amajana atanatanu. Aho murumva namwe ko bica bidutera uruhombo runini kuko dusanga umuduga wagiye ku mafaranga amajana abiri na mirongo itanu ku muntu». Arangiza asaba ko Ibanki Nkuru ya Republika yofata ico kibazo mu minwe, gutyo igwize amahera matomato kugirango nabo ntibakore bahomba narirya ngo igitoro gisigaye kibazimba.
Vyarashitse, igihe nariko ndiyunguruza, nicarana n’umugore atembereza utuyobe n’utwumbati mu gisagara. Niho yagenda aranganirira ivyamushikiye, agira ati : «Umunsi umwe bwaranyiriyeko ndi ngaha mu gisagara hagati, hama ngenda gufata umuduga. Harya ngira nurire, uwutoza amafaranga arambaza ko mfise ayavunje. Nanje nti mfise amajana atanu. Aca arambuza kwurira ngo nta ngaru afise. Erega naciye ndindira iyindi. Haciye akanya iyo yindi irashika, ngenda kwurira nka kumwe kwa mbere. Naho urazi ko kwurira ku mugoroba ari umunigano ukomeye. Burya n’uno wundi nawe yambajije ca kibazo nyene. Yumvise ko mfise amajana atanu, nawe nyene aca ambwira ngo nururuke. Ndiyumvira kuguma nururuka nsubira kandi bwije ncampitamwo kuyamuha yose kandi narinzi ngo ndaza kugura akunyu muri ayo majana abiri y’ingaru ». Burya twavanye nsigaye numva intuntu ku mutima kuko ngo ivyo vyama vyashikiye abatari bake na cane cane ku mugoroba.
Ikibereye gukworwa
Ku bwanje, Leta ibicishije kw’Ibanki Nkuru y’Igihugu, yogwiza amahera matomato. Uruja n’uruza rwokworoha, abunguruza abantu bakorehorwa mu kuronka ingaru. Eka n’abunguruzwa nabo nyene bakworoherwa muri rusangi. Mu gihe iryo kena ryohaguma, ryotuma amafarana abandanya ata agaciro. Ni vyiza rero ko hogira igikozwe co gusukamwo mabisi.
Vyoba Vyiza Kweli Bazirenouvelle!
Ico ni ikibazo gikomeye cane. Amahera y’Uburundi afyaturirwa m’ Ububirigi Nimba noba ntihenze. Ububirigi bwoba bwarafatiye ibihano abarundi. Kurubwo buryo, Leta yoshobora kwitura k’Ubushinwa maze akaba aribo badufyaturira amahera. Kubera iki umwana w’Uburundi yokwicwa n’inzara? Umwana w’umubirigi ahimvye ntacoyimena?