article comment count is: 0

Ubuganga ni ibanga ritoroshe

Mu buzima bwa minsi yose, abantu barazezwa amabanga atandukanye. Hari abayashingwa kubera icizere abantu babagiriye. Ariko hari n’abandi, hambavu y’ico cizere c’abantu, babanza kugira ico bakoze kugira ngo vy’ukuri babere ibanga kanaka. Hari rero amabanga asaba umwiteguro nko kwiga canke kwimenyereza. Muri ayo mabanga harimwo kuvura abantu. Renovat Ndikumwenayo niwe atuyagira ukwo ubuganga ari ibanga ritoroshe.

Umuganga ni umuntu akenewe cane kuko ajejwe amabanga ahambaye ku magara y’abantu. Nta n’umwe ayobewe ko iyo umuntu agwaye, canke iyo afise izindi ngorane, nk’iz’imibano canke iyo yipfuza kurondoka ku rugero, yitura muganga akaba ariwe amufasha. Ayo mabanga rero umuganga ajejwe ntapfa kuyaronka ukwo nyene. Si nka kurya batora umukuru w’umutumba canke abandi barongozi. Ahubwo bisaba kuba warize ukongera ukanonosora amashure y’ubuganga, hanyuma ukongera ukizigirwa n’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Hariho n’ikindi gihambaye hambavu yo kuronka ubwo bumenyi. Umuganga ategerezwa kuba afise ingabirano mu mutima yo gukunda ubuzima bw’abantu, iyo kwitanga, iyo kwihangana no kurinda, tutibagiye kugira ubwira n’ubwitonzi bukwiye hamwe n’ukuba umugumyabanga. Ivyo rero bibonekera mu bikorwa akora kuko ategerezwa kwakira uwumwituye wese ataravye intara avamwo, ubwoko bwiwe, igitsina, idini, umugambwe, eka n’ibindi vyose bishobora gutandukanya abantu n’abandi.

Abantu babona gute umwuga w’ubuganga ?

Abo twashoboye kuganira baranyemereye ko babona umuganga nk’umuntu adasanzwe kuko ibintu akora atari benshi bobishobora. Adeline (izina ryiwe ryahinduwe) yari aje kwivuza mu bitaro bikuru vyo mu Rutana, yambwiye ati: « Nitegereje ukuntu umuganga ashobora guhanagura amaraso y’umuntu yakomeretse, akitaho umurwayi aremvye mbere akegeranya n’uwitavye Umuremyi abo iwabo bamuhunze, mbona ko atavyo noshobora naho noba mpembwa umuliyoni ». Ndamubajije igituma atobishobora yambwiye ko iyo mpano atayo Imana yamuhaye kandi ko atinya no kubona umuntu yakomeretse. Icibagiwe co ni ukubona ikiziga c’umuntu. Aha mwomenya ko, ku bitaro bikuru bikuru, bishika gake ko habura umuntu, n’imiburiburi, umwe yitaba Imana uko indwi zibiri zirangiye.

Ingorane umuganga agira mu kurangura umwuga wiwe

Naho rero umuganga ajejwe amabanga ahambaye mu kubungabunga amagara y’abantu, na we nyene arahura n’ingorane zikomeye. Usanga yakira abagwayi bava mu mihingo itandukanye kandi bafise n’indwara z’ubwoko bwose. Uri indwara zandukira, iz’ubumuga, izidakira, n’izindi nyinshi. Izo ngwara ziratuma umuganga ashobora kuhandurira zimwe zimwe muri zo. Ivyo bigatuma ahakura n’inyanduruko y’urupfu. Ivyo rero birashobora gutuma abaganga bamwe bamwe badashobora kurangura umwuga wabo batekanye mu mutima kuko baguma bafise umwitwarariko wo gutinya kuhandurira.

Inyifato ibereye imbere ya muganga

Abantu rero bari bakwiye kwubaha abaganga mu kububahiriza mu kazi kabo narirya aribo bajejwe kubungabunga amagara ya twese. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu na bwo bukitaho gukingira abaganga mu ngorane zose zishobora kubashikira mu gihe bari kukazi kabo, mbere bakanabaronsa ibikoresho bikwiye kugira barushirizeho kurangura neza akazi kabo. Kanatsinda, igihugu gitera imbere iyo gifise abanyagihugu bafise amagara meza maze bagashobora kurangura neza imigambi y’iterambere.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion