Abiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bifashishije imiduga yunguruza abantu, nta n’umwe ayobewe ingorane zahora zibonekeza ku bituro vy’imiduga iva hagati mu gisagara iyo bugorovye. Ariko rero ubu haribonekeza amahinduka mu buryo abantu bahora burira muri iyo miduga. Caritas Ninziza aragaruka ku kuntu ibintu vyahindutse maze akanasanga ko, baba abunguruza abantu canke abiyunguruza, bose bashima iyo ngendo nshasha.
Haraheze iminsi mike umunywanyi w’Umurwi Yaga-Burundi, yanditse ku bijanye n’uruja n’uruza mu gisagara ca Bujumbura iyo hageze ku mugoroba. Aho rero akaba yari yashimikiye ku musunikano wari usanzwe wibonekeza ku bituro vy’imiduga yunguruza abantu mu gisagara iyo bwije maze agirako anaterera iciyumviro c’ukwo abantu botonda imirongo bakurikije ukwo bagenda barashika. Ico ciyumviro ciwe, naho atawokwemeza cane ko arico cakoreweko, biribonekeza ko gishobora kuba cari gisanzwe mu mitwe ya benshi maze gishirwa mu ngiro kugira ibintu vyorohe. Icibonekeza kandi n’ukwo nka bose bakiriye neza ayo mahinduka kuko ukurikiranye ibiyago vy’aba na bariya urasanga banezerewe.
Ukwo bamwe n’abandi bavyakiriye
Hari ku mugoroba wo mu ndwi iheze. Niho nateramira mu gisagara ca Bujumbura hagati maze ntaha nk’igihe c’isaha cumi na zibiri zishira isaha imwe y’ijoro. Nari maze iminsi numva abagenzi bambwira ngo « ubu utashe bwije kugira uronke umuduga uratonda ugacoka ! » Ntavyo nari bwibonere n’amaso yanje. Ariko rero niho nashika aho benshi bita kuri Bata nsanga imirongo y’abantu bataha mu buraruko bw’igisagara niho igera. Nanje nshikira mu bandi ndatonda.
Mu gihe twari tukiriko turunguruza twegera umuduga, niho abo twari dutondanye havamwo umupfasoni umwe ati : « Ariko Mana iyi ngingo yaje hageze nimba hatari bwarengerane ! Nk’ubu umuntu baba bamusitasise yabaye iyondoyondo ! None irabire uwu mutekano uhari ». Umugabo yari atonze imbere yiwe nawe ati : « Reka sha burya ngaha ntiwibaze ngo vyashimishije bose ! Urazi ishavu ibisuma bisigaye bifise ? Bamwe bari baramenyereye kwikika mu kiza maze bagakora mu mifuko y’abantu urabona ko ataco bakihanoba ! » Uwuri wa mupfasoni nawe asubizayo ati : « Barakamaramara ! Urazi amaterefone y’abantu ukuntu yari yahatikiriye ? N’ukuri iyi ngingo izofasha muri vyinshi ! »
Muri ako kanya nyene twari dushikiriye umuduga maze turinjira. Ariko rero, kubera babantu bari batanguye kuyaga kera, niho babandanya kuyaga. Wamupfasoni arongerako ati : « Hari umuduga wagira upakirire harya ku Kigo Ndangakaranga. Ubwo nyene ntitumenye iyo abantu baturutse baca babwira uwuwugendesha bati : « aho niho wimuriye igituro » ? Ubwo nyene aciye yugara arabandanya ku gituro gikuru ! » Umwe atoza amafaranga mu muduga nawe aba yamwumvise ati : « Ahubwo yagize Imana ko ataciwe amande ! Ubu abatujejwe babonye uriko urapakira bidaciye mu mategeko, baca bakwandikira igitasi c’ibihumbi cumi ! None wumva woza kuzira amajana atatu ? Naho woba uriko urakoresha Kwasiteri ntushobora gukwiza ivyo bihumbi cumi ku rugendo rumwe ! Icibagiwe coco n’izi Hiyase ! Ariko ubu na twebwe biratwirohera kuko dupakira mumutekano ntangere ! »
Umuntu yihweje ukwo abantu bakiriye iyo ngendo yo gutonda, biraboneka neza ko yaje hageze. Ni naco gituma uwo mwitunganyo wagizwe n’abagendesha imiduga hamwe n’abiyunguruza wari ukwiye gukomezwa abantu bakabandanya kworoherwa.
Ivyo bintu ni vyiza cane, vyari bikwiye kuba no bindi bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu n’abantu!
Vyose nibibandanye uko. Amajambere ntagoye gushikako habuze abayategura bakayakwirikiza. Bandanya bandanya.
Erega hari ico tutazi.ingorane zose ziri mû Burundi nitwe tuzozitorera umuti.ntakurinda kuja mû mahanga
iyo ngingo ndayishigikiye caaaaaaaaaaaaaaane IMANA ishimwe