article comment count is: 0

Abakobwa boshobora ibikorwa vy’abahungu ?

Dusanzwe tuzi ko mu Burundi bw’aho hambere hahise, abahungu n’abakobwa batari basangiye ibikorwa mu buzima bwa minsi yose. Umukobwa yari afise ibikorwa vyamugenewe mu muryango, eka n’umuhungu nyene yari afise ivyo ajewe. Ariko rero, ukwo imyaka ihera, ibintu biguma bihinduka maze ugasanga hari abakobwa basigaye bashobora gukora, kandi neza, ibikorwa vy’abahungu nk’ukwo Oscar Niyonkuru abituyagira.

Mu ndero n’imico vy’ikirundi, umwana w’umukobwa yamye afise udukorwa yiharije. Umwana w’umukobwa yahabwa indero na nyina . Nyina yaramwigisha gukora udukorwa dutoduto two muhira . Akarorero, twovuga nko kugirira isuku mu rugo, guteka, kujisha, eka n’ibindi. Dufatiye ku vyitiranwa vy’umukobwa, na vyo nyene birerekana k’umukobwa yari afise ibikorwa yisangije. Amazina bita umukobwa yari menshi. Hari umunyakigo, umuzezwanzu, umusaziragusya, n’ayandi. Duhereye kuri ubwo burorero, usanga umukobwa yakora udukorwa dutoduto two muhira gusa.

Twihweje aho tugeze uwu munsi, dusanga ibintu vyarahindutse. Abigeme b’uwu munsi, ntibacugaranirwa mu kigo. Umwana w’umukobwa ariga akaminuza, agakora bigashimwa co kimwe n’umuhungu. Bamwe muri bo baramaze kwijukira ibikorwa vyahora vyiharijwe n’abahungu gusa. Utembereye mu gisagara ca Bujumbura, uhasanga abakenyezi baca amahera mu buryo butandukanye. Bamwe badandariza ku mabarabara, abandi ugasanga bahereza amatafari n’amabuye abubaka amazu. Kera ibikorwa nk’ivyo vyakorwa n’abagabo gusa.

Ivyiyumviro vya bamwe mu bo twaganiriye

Solange n’umwigeme w’imyaka 20. Namusanze aho asanzwe ahereza amatafari abubaka amazu. Yaranyiganiye icatumye ahitamwo uwo mwuga, ndetse n’ico umumariye. Yambwiye ati : « Mubuzima bwa minsi yose ndi umunyeshure. Mu muryango tuvukana turi abana batanu kandi tubayeho mu bukene ntangere. Data yoturihiye amashure agendana ubumuga, mama nawe ntiyoshobora kudufasha muri vyose wenyene. Iyo uburuhuko bugeze, nca nja gukorera amafaranga ngo ndonke ibikoresho vy’ishure».

Anita n’umukenyezi w’imyaka 30. Co kimwe na Solange, Anita ahereza amatafari aho bubaka amazu. Yaranganiriye ico akura muri uwo mwuga. Yambwiye ati: « Jewe nagiye kwubaka nkiri muto cane. Maze kuvyara abana babiri, umugabo yaciye anyirukana. Uwu munsi aho mbaye nsavye indaro. Abana bose narabashize mw’ishure. Kugira ndabagaburire nongere ndabasomeshe, ntegerezwa gukorera amafaranga».

Ico abantu bose bakwiye kumenya

Kubona abigeme bijukiye ibikorwa nk’ivyo, ni ikintu co gushima. Ikibabaje n’uko benshi muri bo bavyibuka ari uko bagize ingorane gusa. Umuntu wese yari akwiye kumenya gukora udukorwa twose. Sinshatse kuvuga ngo abahungu n’abakobwa bakabe ibikorwa bakora. Oya namba! Umwe wese yogerageza kumenya gukora n’ivyo abandi bakora. Uwu munsi ushobora kuba ufise uwugufasha ejo ukamubura bitakuvuyeko. Ivyashikiye Solange na Anita bishobora kuba ku muntu awo ari we wese. Iyo bishitse rero, uca wikora kubumenyi wari usanganywe ukibeshaho. Iyo bishitse ataco wari usanzwe uzi gukora naho, ushobora gusanga ugiye mu ngeso mbi. Akarorero ni abatwarwa n’ubukene ugasanga bagiye kwiba abandi nabo bakaja mu bushurashuzi. Ingeso nk’izo nta muntu zitera iteka. Ukugaya akazi si vyiza na gato. Abantu bakwiye kumenyera gukora akazi ako ari ko kose nakare bavuga ngo ntamwuga udakiza kiretse uwo kuroga.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion