article comment count is: 1

Ubuzima bw’inyuma y’ishure nshingiro

Abatari bake baribaza ukwo bigiye kugenda ku banyeshure batamenye muri ca kibazo ca Leta kibaha uburenganzira bwo kubandanya amashure y’inyuma y’ishure nshingiro. Mu gihe bamwe bibaza niba hazoboneka ubuzi bushobora kubatunga, Apollinaire Nkurunziza araremesha abazoshiruka umwete bakitegurira imigambi ko ubuzima buzobandanya.

Haraheze imyaka itatu ishure nshingiro ritanguye. Iryo shure rikaba ryaje abenshi batumva intumbero yaryo vy’ukuri kuko ritari rimenyerewe. Bikaba vyarateye amakenga abavyeyi n’abanyeshure batari bake. Mbere benshi bahavuye baritazira izina ngo ni « Mforma ntahe », kuko bumva ko umunyeshure arirangije azoca ataha muhira.

Ariko ku rundi ruhande, abatunganije uwo mugambi mushasha w’inyigisho, barasiguye akatari gake akamaro k’iryo shure. Vyarashitse n’umukuru w’igihugu ubwiwe aratera intege abanyeshure n’abavyeyi atako aranamenyesha ko Uburundi buri mu bihugu bike vyari bisigaye gushira mu ngiro uwo mugambi. Iciza nyamukuru cagiye kiravugwa kuri iryo shure n’uko uwurihejeje ashobora kwitunganiriza umugambi, akironderera akazi we nyene atarinze guhanga amaso Leta, kuko aba yaravyigishijwe neza mw’ishure. Ikindi n’uko, inyuma y’umwaka w’icenda, uwushoboye kabandanya aheza agakurikirana igisata yipfuza, ari ibijanye n’indimi canke ubushakashatsi.

Mbega bose bazobishobora ?

Umuntu yihweje abana baba bariko bararangiza ishure nshingiro muri iki gihe, usanga ari abana bato cane. Abenshi bari hagati y’imyaka 13 na 16. Umuntu akabona neza ko mu gihe batoshobora kubandanya amashure, bigoye ko baronka ubuzi bakora. Igitangaje n’uko umugambi wa Leta ari ukwigisha abana benshi kandi ku buntu. Niko vyaragiye mu ngiro, aho usanga abana barenga mirongo itanu mu kirasi kimwe. Ivyo bisigura ko ihangiro rya Leta ryashitsweko. Ariko Leta nyene ni yo yaciye ishiraho umukwabu ntarengwa. Kugira umwana abandanye amashure inyuma y’ishure nshingiro ategerezwa kubanza gukora kandi agatora ikibazo ca Leta. Abazoba badatoye ico kibazo nabo bakazoca baja kwiga amashure y’imyuga.

Ego vyari vyiza cane kwiga umwuga kuko bituma umuntu ashobora kwiyungunganya. Ariko ikigoye n’uko mu mashure menshi yubatswe, cane cane mu bikorwa rusangi, hubatswe gusa amashure nshingiro maze amashure y’imyuga aribagirwa. Umuntu rero akibaza iyo abayobewe ca kibazo ca Leta  bazoca baja.

Ukwiyungunganya inyuma y’ishure nshingiro

Abarundi barayamaze bati « ugaya umwuga ukaba unize umuryango ». Ishure nshingiro ririgisha kandi rigahimiriza ukwitunganiriza imigambi. Ariko ikintu nyamukuru kibuza abantu kwiteza imbere, cane cane urwaruka, ni ugusuzugura akazi. Umuntu akumva isoni yibaza ko abantu bomutwenga bamubonye ariko akora akazi gasa n’akagayitse. Naho biri ukwo, kubera inyigisho z’ishure nshingiro, urwaruka rutari ruke rwamaze gutegera ko atakazi kaba kabi. Akarorero n’imirongo y’abanyeshure umuntu abona, muri iki gihe c’ici, bikoreye imiganda y’ibikaju bavuye kubirangura iyo birimirwa. Icerekana ko baba ari abanyeshure baba bambaye n’imyambaro y’ishure. Ubabajije barishura n’umunezero mwishi ko urwo rudandazwa rubafasha kwikenura mu tuntu dutoduto batarinze kugora abavyeyi.

Bivanye n’uko abanyeshure bose badashobora kubandanya amashure y’inyuma y’ishure nshingiro canke ngo bige amashure y’imyuga, bari bakwiye kugira ishaka ryo gukora akazi ako ariko kose gashobora kubabeshaho. Gutyo, inyuma y’ishure nshingiro, ubuzima buzobandanya.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)