Ncinjira kaminuza, hari abantwenze ngo nize ibitagira akamaro mu buzima. Ni nde yababeshe ? Ikirundi kirambeshejeho, jewe n’abanje. Sinibagira iyo navuye.
Akaranga
Uko ikibanza c’Ikirundi cahindaguritse kuva 1962 kugeza 2020
Kuva igihugu c’Uburundi cikukira, ururimi rw’Ikirundi rufashwe nk’ururimi rw’igihugu. Ariko, hambavu y’urwo rurimi, turafise izindi ndimi zikoreshwa mu buzima bw’igihugu. None izo ndimi, ko zikoreshwa zose muri rusangi, zibanye zite ? Ikirundi gifise ikibanza ikihe uno musi ? Umwihwezo.
Intambo z’ikirundi : vyinshi mutari muzi kuri izo nkingi z’umuco wacu
Mu Burundi dufise intambo nyinshi zitandukanye kandi ziteye igomwe. Zikomoka mu mihingo itandukanye y’igihugu, zigatambwa na bose, abato n’abakuze. None izo ntambo zoba zitambwa mu gihe ikihe ? Zikomoka mu turere utuhe ? Umupfasoni Christine Ndayizeye, umutamvyi yabigize umwuga akaba […]
Ubushingantahe canke ubupfasoni ntibuzanwa no gushinga umuryango
Kwinuba, gutunga urutoke canke gukumira abantu ngo ni uko batarubaka izabo, birabababaza cane, kandi bigatuma bamwe bafata ingingo zo guhuruduka, kenshi zinabajana mu rudubi. Hari benshi bitiranya ubushingantahe canke ubupfasoni n’ukuba umuntu yarangoye(we). Ni ukwihenda cane.
Abana bitaburiyeko imyambaro y’ishure : igihano si wo muti
Inyifato abanyeshure baraye berekanye igihe barangiza ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza, abatari bake barayiteye ivyatsi; bamwe mbere baranabasabira ibihano. Uwo ni wo muti? Habe na mba! Agakete ku bavyeyi n’abarezi.
« Gusaba irembo », « gutwikurura », … imanza dukwiye guheba mu Burundi
Ntivyoroshe. Mu gihe Abarundi bamwe batora kwihebera Imana kugira bahunge ubukene, twari dukwiye kurimbura imigirwa itabereye ibihe turimwo, tukayisezerera…
Kubera iki Abarundi badakunda ireresi zakozwe n’ab’iwabo ?
Mu Burundi, kubona ireresi ndundi ku mboneshakure y’igihugu canke y’abigenga ni nk’umugani, gusanga naho hari aboba bazitunze mu mihana yabo ni nko kurondera umuzi w’ibuye. None vyoba biva kuki?
Indamutso ibereye ijambo ry’ikirundi mu rubanza ni iyihe ?
Mu Burundi, uko intwaro zagiye zikuranwa, kuva ku za cami kugeza ku ma republika, utibagiye umuzo w’amadini, uburyo Abarundi bagenda baramutsa mu kuvuga ijambo ry’urubanza bugenda buhindagurika. Aho bigeze ubu, indamutso zarabaye nyinshi ku buryo atawukimenya indamutso ibereye mu rubanza […]
Ururimi rw’ikirundi : inkingi y’imico n’akaranga vy’Uburundi
Uyu munsi, abatari bake mu rwaruka barumva umuntu avuze ikirundi kiryohoye nabo bakibaza ko ariko aravuga ikirundi kigoye. Niho bamwe bamwe usanga baca bamubwira ngo : « Kura ikigamba ngaho! » Ariko rero, yaba indimburo canke amayagwa y’ikirundi, niba bigishobora gukoreshwa kandi bikagumana […]