Mu Burundi, uko intwaro zagiye zikuranwa, kuva ku za cami kugeza ku ma republika, utibagiye umuzo w’amadini, uburyo Abarundi bagenda baramutsa mu kuvuga ijambo ry’urubanza bugenda buhindagurika. Aho bigeze ubu, indamutso zarabaye nyinshi ku buryo atawukimenya indamutso ibereye mu rubanza iyo ari yo nk’uko Onesphore Nibigira abibona.
Muri ino myaka, iyo haramutse hari urubanza, iyo umuntu agira afate ijambo, uza wumva bamwe ngo : « Tugire Kristu ! », abandi ngo : « Yesu ashimwe/ Yesu akuzwe ! ». Abakigerageza kwigana uko aho hambere vyakorwa nabo bakagira bati : « Tugire amahoro ! ». Ariko no ngaho nyene, umwe wese usanga aca yongerako ayandi majambo, ugasanga ni icipfuzo canke iciyumviro gifatiye kw’idini canke ukundi kwemera uwugira avuge ijambo aba afise ku mutima. Mu gihe dusanzwe tuzi agaciro akaranga k’ikirundi gaha ijambo, kuba uburyo ijambo rivugwamwo bugenda buratituka uko ibihe biha ibindi, ntivyobura gutera amakenga. Ari na co gituma ngera ahantu nkibaza nti none indamutso ibereye mw’ijambo ry’ikirundi riryohoye neza ni iyihe ?
Uko vyagiye birahinduka
Kare na kare, nyene kuvuga ijambo yararamutsa ati : « Tugire amahoro ! », maze akongerako icifuzo cerekeza urubanza agiye kuvugira ijambo. Nk’akarorero, iyo ari mu rubanza rw’ubukwe, uwuvuga ijambo aramutsa ati : « Tugire amahoro n’ubumwe mu miryango ! » ; kuko na none urubanza ruba rujanye n’ukwunga ubumwe hagati y’imiryango yasabanye. Ariko rero, ivyo vyagiye birahinduka urunganwe ku rundi, canke mbere bivanye n’ukuntu intwaro zagiye zirakuranwa.
Hari umuhumure w’imyaka mirongo umunani mperuka kuganiriza, ni we yambwiye ngo : « Ku ntwaro ya cami, baramutsa bavuga izina ry’umwami yaba ari ku ngoma ». Agatanga akarorero ko mu gihe yaruka ati: « Kuri Mwambutsa, bavuga bati: ‘Gira Mwambutsa !’, abantu na bo bakishura bati: ‘Naganze’ ». Hamaze kuza intwaro ya Republika, baciya batangura kuvuga bati: « Tugire amahoro n’umugambwe w’abadasigana Uprona ! », kuko ico gihe hari umugambwe umwe wari ku butegetsi, ari wo Uprona. Hamaze kuba amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi naho, mu mwaka w’1991, Leta y’ico gihe yashinze ko mu kuramutsa ijambo havugwa ngo: « Tugire amahoro n’ubumwe bw’Abarundi ! »
Ubuheruka, mu kwezi kwa Myandagaro mu mwaka w’2013, Leta yashinze ko amajambo ashikirizwa n’abakuru aramutswa ngo : « Tugire amahoro, ubumwe, ibikorwa, iterambere n’ubutungane !» Ni uko rero, umwe wese aho aherereye no mu bubasha bwiwe, agenda ahinyanyura indamutso y’ijambo ry’urubanza uko yumva ashaka ko ivugwa.
Harakenewe intumbero
Ijambo ni kimwe mu nkingi z’imico n’akaranga vy’ikirundi. Ukutubahiriza inyubako yaryo, haba mu mero canke mu mpinyanyuro yaryo, bituma ritakaza akanovera ryari risanganywe.
Kira noneho, uko urunganwe rugenda rusiga urundi, imico n’akaranga mvamahanga bitera binywana cane n’ivy’iwacu. Gutyo akaranga kacu kagatituka. Ubu rero, hari hakenewe cane ugucungera mu buryo bushimitse iryo tunga rusangi.
Ku bwanje, nkabona ko abahinga n’abashakashatsi mu vy’indimi, amayagwa n’imibano, bakwiye kwicara bakiga hama bagashira ahabona inyubako y’ijambo ry’urubanza mu Kirundi. Maze ivyo bikigishwa no mu mashure, abana b’Abarundi bagakura bazi kuvuga ijambo rifise akanovera. Kanatsinda ngo uta akaranga ukaba utaye akabanga.
YEZU ATI: IJAMBO AMAHORO RIRGKWIYE KURAMUTSWA UWO WIFURIZA INEZA WESE.
hariho vyinshi mutavuze ubu jew binsiga kuko naje ndabikurikirana hagufi kar bavuga tugire amahoro bakitabira nasasagare abandi tuyaharanire ayo majambo nayo ndashaka impamvu yaratandukanye ariko rero ikibazo kindi nukuntu mumanza rusangi zimiryango tubura uko twitabira kuko nahonyene umengo bihakwa kujamwo izindi ntumbero
Twihwej undamutso zisigaye zikoreshw mu Burundi, hazogera igihe zicanishamw abarundi bivanye n’amadini bakomokmw.
Nk’akarorer,ni haba urubanz rw’um catholique ham hagez kw’ijamb bakavug »tugire kristu »n’uk uvug aba musulmans cank aband bava muyand madini bazob baj mur’urw rubanza,uzoc umeng bakumiriw arivy bizoc bituma badasubir guhuz ukazosang atamuntu azosubir ku rubanz rw’uw badasangiy idini n’ubw baba ari incuti.
Vyiza abahinga muvy’imvugo barakwiy kurab imvugo ihumuriza bose ,n’ukuvug idakumira kugra Bose bavyumv kumw nakare n’abarundi bose bikwirind ibibatandukanya
Nivyo harakwiye gushigwaho inyigisho mubijanye n’ugushikiriza ijambo mumanza
Ahubwo uretse ko ijambo ry’ikirundi ryatitutse n’ururimi ubwarwo rwaratitutse nk’abariko baruka ubu ntibazi neza ikirundi.
Jew mbona hakwiye gushingwa Académie Rundi sinon ururimi rwacu ruzozima burundu
Ivyo biri uko kuko indamutso zitandukanye zagiye zirajamwo politike. Ubu uvuze « Tugire amahoro! » uca wumva inyishu zitandukanye: « Nasagarare »/ « Nasasagare », « Tuyaharanire », « Twese »,… Iyo ndamutso rero nta kibi cayo, ariko zimwe muri izo nyishu zica zerekana aho umuntu ahengamiye. Ni ho abenshi bashima guhungira mu vy’amadini mu kuramukanya. Ikigoranye ni uko na yo nyene tutayasangiye, mugabo ibibi birarutana!
Imico y’ikirundi nibatayihagurukira ngo yigishwe urwaruka no guhera izohera
Muvy’ Ukuri Ijambo Ridatandukanya Abarundi Rifatiye Kw’ Idini Rirakenewe. Kuko Bigaragarako Abakoresha Amajambo Yerekeza Kw’ Idini Kanaka , Baba Bariko Barishima,Barirata ,biyerekana.Kuberako Uwutishuye Nka Bandi canke Atamenyereye Uko Bishura Aca Yumva Ubuyega, Ibimaramare Kuburyo Bw’ Uko Urwo Rubanza Atorubandanya .
jewe nitw NDIKUBWAYO JEAN MARIE BESHI BITA Kengest iciyumviro canje:birakwiye nyene ko vyoja mu mayagwa y ikirundi kuko inyuma y imyaka cumindabona nko mu gihe atacokorwa urunganwe rw ubu ruzoba ruramutsa ngo p6 musaza rukavuga ngo twari tuje gusaba umustomi (demu) kuburyo wosanga biteye n isoni ugereranije n akaranga ku burundi .
ikibabaje nuko ikirundi gisuzugurwa nabo bize.
Nkuyumusi uravye amasaha bagiha mu mashure ni make cane.
Amayagwa barayihoza cane.Umwana umubajije uti heraheza uyu mwibutsa akuraba mumaso.
Commentaire *nukuri Turakwiye Kugarukira Akaranga Kigihkgu Cabu Ko Tugezahatemba Aho Nuwukirimuto Ntakimenya Nukuntu Yishura Murupfasoni
Kubwanje mbonakaraga kacu kogaruka kandururimi rwikirundi rukubahirizwa rugakoreshwa mumazazos canke munzegozose.
EGO
Ndi NDUWAYO Malachie .Akaranga k’uburundi karatituka ata gikozwe .kuko ugiye kubiraba neza abajeunes bo mw’iyi misi canke mur’ibi bihe basigaye bakoresha imvugo ataco isana n’ikirundi cacu.rero aho guheba ikirundi nyabuna intwaro zirakwiye kuraba ico zokora.kuko n’ibintu tuguma dukenera .mu buzima bwa misi yose
Oyaa ni ubugesera n’igifaransa basigaye bashiramwo
Ivyo Birimw Umuco
Si agashesheshwa rumuri ko akaranga k’uburundi gatera gatakara. Uriko uravyihweza mumanza ziba imico yacu yabay nk’iyabazungu. Biranashika umuntu akabura ico avuga mw’ijambo nyezina bivuy kugutitaho akamaro k’ijambo mu Burundi. Nkakarorero nagiy mu rubanza hageze kugabira abageni , umw aritora avuga ngo »yesu n’aganze. Sinobura ico mpa abana b’imana nubwo agaka narinsigarany gaheruka kwitaba imana…..
Muvuz neza can.
Neza cane nanj birantangaza
Ndabahaye mwiriwe hanyuma nagira ndabasabe nyimba bikunda muturonse ijombo RYA kanovera bakoresha mugusaba irembo gushika kumunsi w’ubugeni, murakoze.
vyukri harakwiy inyigsho zikwiy mumashure mbere nahandi hos hegeranirabantu beshi kugir ururimi rwacu ntirutakanovera
Non mwumva boguma bavuga ngo »tugire amahoro n’umugambwe wa…. » Cnk tugr amahoro na president? » ereg beshi bavga »tugire amahor ya kristu » kubera ariwe ari kungoma!!
nivyo vrmt
Eg ikirundi kizogeraho gitituka kuko ubu benshi birukira muzindi ndimi jw nosaba abarongozi ko borushimangira mpaka rukongera rukasasagara kand muburundi