Kwinuba, gutunga urutoke canke gukumira abantu ngo ni uko batarubaka izabo, birabababaza cane, kandi bigatuma bamwe bafata ingingo zo guhuruduka, kenshi zinabajana mu rudubi. Hari benshi bitiranya ubushingantahe canke ubupfasoni n’ukuba umuntu yarangoye(we). Ni ukwihenda cane.
“Ivyo wewe urabizi wa mwana we? Geza aho turi kumwe n’umwana. Banza utaramuke tuyage ivy’abakuze…”. Izo mvugo, twese turamaze kuzumva. Ni amwe mu majambo abwirwa abahungu n’abakobwa batarubaka izabo iyo bari kumwe na bamwe mu bamaze gutera iyo ntambwe. Birababaje cane. Kandi mbere, bene iyo nyifato ntibiyumvira ku ngorane baba bariko baratera ikibano ndundi.
Ezékiel*, umusore w’imyaka 35, avuga ko ubu atisanzura iyo ari kumwe n’abagenzi biwe bubatse izabo. Uwo musore akababazwa n’uko benshi mu bamubwira gutyo ata gihe giheze bahora basangira urukanywa, bakiri mu rugero rumwe rw’abasore. Ati: “iyo batanguye ikiyago kijanye n’ingo, ingorane iba itanguye kuri jewe. Bamwe bandugako ngo ndacari umwana, sinkeneye kumenya ibijanye n’ingo. Abandi ngo ni nkinjure ndababise bayage bisanzuye.”
Eka no ku bijanye no kubaho, abatarubaka ntiboroherwa. Abantu benshi ntibatahura ingene inkumi canke umusore ashobora kuba akenye aka canke kariya. Avuze ko adafise amahera, imiragwe imuhurirako: “ Wewe uyashira hehe ko ata muryango usumira ?” No mu bijanye n’akazi, hari abadatahura ingene uwukiri umusore canke inkumi ashobora kubura umwanya.
No mu miryango ni uko nyene
Nkumbure, kubera ko mu mico y’ikirundi ugushinga umuryango bihabwa ikibanza kinini mu nzira yo kwitwa umushingantahe w’ijunja n’ijambo canke umupfasoni w’intore. Uwutarubaka hari ibintu bamunyegeza, n’aho vyoba vyomugirira akamaro mu buzima.
Fadia*, umwigeme w’imyaka 26 arangije kaminuza, adushingira intahe y’ukuntu umuvyeyi wiwe yamwinuvye, akamuhisha ikiyago kandi yari yumvise comugirira akamaro. Ati: “umusi umwe, naserutse i muhira mama ariko aganira n’umubanyi wacu ku kugene umukenyezi yokwifata mu rugo. Ico kiyago numva mfise inyota yo kucumviriza gose. Ariko, bamaze kumbona, baciye bahindura ikiyago. Mu nyuma, ndamubajije icabitumye, yambwiye ngo sindubaka urwanje. Nkibaza nti none ivyo ni ivyo kumenya namaze kurushikamwo, canke nategerezwa kuba ndabizi ngishika mu buyabaga ?”
Freddy* we, umusore w’imyaka 30, avuga ko atabanye neza n’umuvyeyi wiwe kuko yama amubwira ko yarumvye. Akagira ati: “birampungabanya kuko ubusore bwanje mbona butaryoheye abavyeyi, kandi nanje nanka kwita mu rudubi ntaritegura bikwiye.”
Duhindure ingendo
Ubushingantahe canke ubupfasoni ntibuzanwa no gushinga umuryango. Kurya indero iva hasi, n’ubushingantahe n’ubupfasoni nikwo kw’uko. Uwuzogira ijambo ararikurana. Abataramura abantu ngo ni uko batarubaka ni ukwihenda cane.
Nayo ku kijanye n’ingo, urwo rwaruka rugiye rurakumirwa ntirumenye ibijanye na zo, ruzoshobora gutunganya izarwo gute, rutigeze rumenya ivyoroshe n’ibigumye muri nya ngo ? Aho si hamwe haca hama hava za “iyo menya”?
Iki ndacumva kandi ndakizi kuko kiriho!
Ariko twibuke neza ko hari igihe usanga bikenewe ko hayaga abangana!
Jewe ndacari umusore!Hari igihe tuba turi kumwe n’abubatse hakagera aho bavuga ibintu nanje nkaba ari jewe mpfunga amatwi kuko nirabiyeko simbona ukuntu jewe noguma ndabishira muri jewe.
Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye, umusore ari mu bagabo hari umwanya biba bisaba ko atabababamwo bivanye ni uko bari mu kiyago cabo!!!!!
Uwuvyanka kuvyemera nca ndamuha akarorero kuri we nyene ubwiwe: burya iyo uri kumwe na mutoyi wawe ntihari ibintu uvuga n’ibindi utavuga???
Nimba atavyo ugira nturamenya neza ico ari co ijambo! Kuko ijambo rivugwa ryerekeza abo rigenewe: ni ko biri.
Simvuge menshi cane ariko kuba hari abavuga bati: »numa turi kumwe n’umwana » birumvikana kandi ni vyo.
Ikindi kibazo gica kiva ku kuntu umuntu yabibwiwe yavyakiriye: iyo ngorane na yo si iy’ababivuze kuko bobo baba bavuze vyo vy’ukuri. Ahubwo iki gishavuje uwubibwiwe kica cerekana rwa rugero nyene rw’ubwana nyene aaba ariko. Kuko umuntu akuze araraba ibihe arimwo akamenya n’ukugene yitwara!Ahandi ho abaye nk’akanyugunyugu ajanwa n’umuyaga atabanje kwiyumvira bizokwama vyamugoye.
Ivyo vyo guca yihutira kurongora(rwa) ni ingorane yiwe kuko habaye ikibazo nk’ico ntuca uhunga gutyo.
Mu kwubaka ntakwikura umukoshi bibamwo kuko hubaka uwubishatse kandi yumva abishoboye.
Murakoze numva ata kindi nokwongezako
Uvuze ukuri
Mubisazwe yumuntu ntiyagomba gukuzwa numugabo(umugoroba)kubwanje ndumva ivyiyumviro navyo birimuvyerekana urugero ngwumuntu