Inyifato abanyeshure baraye berekanye igihe barangiza ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza, abatari bake barayiteye ivyatsi; bamwe mbere baranabasabira ibihano. Uwo ni wo muti? Habe na mba! Agakete ku bavyeyi n’abarezi.
Bavyeyi nkunda, barezi b’iteka,
Benshi muranegura inyifato y’urwo rwaruka. Kukaba nkakwo, ivyo twaraye tubonye benshi vyaradutangaje. Ntaho vyari bwakaboneke kuva ibibazo vya Reta bikorwa, amashure akarangira.
Uwabonye amafoto yose y’abo bana yatembera ku mbuga ngurukanabumenyi, ntiyaronse ico avuga. Yaguye mu gahundwe. Uwababonye amaso mu yandi hoho, mu miduga yunguruza abantu muri rusangi, yarabura ico avuga. Umuvyeyi yavyaye wese yarabura iyo anyikira, abonye ivyo abo bana bagiriye impuzu zaguzwe akuya k’uwundi muvyeyi nkawe.
Ibaze namwe! Kubona umwana w’umwigeme yubahuka akitaburirako agahuzu, agatembera mw’ibarabara ibibero, inda, umigongo n’igikiriza biri ku gahinga, izuba ryaka, vyari biteye isoni.
N’abahungu wahora umenga ubwambure bwabo ntibuteye isoni, vyari bibabaje kubona impuzu yajanye ikwiye, imesuye kandi igoroye, yahindutse umweko n’umugozi batenga ku mutwe.
Ndabatahura
Uwoba yaraciye aho abo bana bari, yotahura imvo n’imvano y’uwo munezero bagize. Nihereyeko, umusi ndangiza ikibazo nk’ico abo bana barangije, naranezerewe cane.
Ku boba bazi igisagara ca Gitega, natembereye kuva i Nyabututsi kw’ishure nigako, nca muri Karitiye Rango ndenga no mu gisagara hagati isaha umunani z’ijoro ndi kumwe n’abandi twahora twigana, tuva mu kabare tuja mu kandi. Vyari ibihe binezereye cane.
Uno musi hoho, ibihe vyarahaye ibindi. Abo bana mubona bagize ivyo, ni bamwe bakura babona ibigezweho. Ubu ibica ku mbuga ngurukanabumenyi n’amareresi aca ku mboneshakure zitandukanye, ntibizogenda bitabakuye agashambara, bagakora ivyo batari gukora. Abo bana bavyamako rero, ntibari kugenda “badakanyaze amakaye” yabo, bitaburirako agashambara…
Twigaye!
Aho guta ishavu kuri abo bana, ingo nyabuna twigaye twebwe abarezi. Dukubite agatima mpembero; dusanga aho hose tuvuga ko bamenje, ari twebwe twamenje kuko usanga ivyo bakoze vyatumwe na twebwe; abavyeyi n’abarezi b’abo bana.
Wewe wa muvyeyi, ni kangahe uhora uganiriza umwana wawe, ibiraba ubuzima bwiwe, indero ibereye umwana, n’ivyerekeye kazoza kiwe? Ubwo umwana wawe ntiyakuze arerwa n’umuyaya, acungwa nk’inka, akaba yageze mu buyabaga atakuzi nk’umuvyeyi, ibintu vyose azi yabikuye ku mboneshakure canke ku mbuga ngurukanabumenyi? Ubwo ntiwama witayeho akazi gusumba ikiyago mu muryango, aho usanga umwana akubona nk’umushitsi i muhira iwawe?
Ndatahura ko ubuzima bwagoranye kandi umuvyeyi ategerezwa kwitaho ibitunga umuryango. Ariko ico kutibagira naco ni uko ikiyago ari kimwe mu bitunga imiryango. Indero y’umwana ikura muri we kuko yayibibwemwo n’abavyeyi bose, se na nyina.
Nawe wa murezi, abana igihugu cagushinze kurera ubaha ubumenyi buki? Ububaha ute? Ubwo woba ubigisha kuba inkerebutsi, gushishoza imbere yo gufata ingingo iyo ari yo yose, kuba intwari, … canke uri ca gikoko cinjira abana bakajugumira, icigwa cawe kikaba carananiranye, wibaza ngo ni ho bakwubaha? Ubwo nturi mpemuke ndamuke, umwe agoba izo aragiye, ukaba ari we utuma umwana akuvuye imbere umengo atuye urusyo?
Ivyo abo bana bakoze biragayitse cane kandi barimonogoje, ariko imbere yo kubacira urwa pirato, tubanze twisuzume natwe ko turi aberanda; kuva ku mwigisha, umuyobozi w’ishure, umubanyi, ariko na canecane umuvyeyi, we vyose bikomokako.
Umwihwezo mwiza kuko uwogomba guhana yohera kwihweza ingene bakuze ahereye aho abbaye ibibera mubisagara n’ibibera mucaro biratandukanye
Mauvaise tentative de défense. Nawe ivyo wakoze ntabwo ari ivyo guhayagiza canke kurata canke ngo bibe akarorero abandi bana borabirako… kanatsinda yoba ari impumyi iyobora iyindi.
Wibajije igituma atari bose babigize? Aho watembera ijoro wari kumwe n ishure ryose? Nivyo indero nke iva hasi, gusa nuko hageze aho atawurabona ko abo bana ariko bameze.
Ramba.
Uvuzukuri
Ivyo kwigina ndenzarugero vy’abanyeshule bamenye igice kinini c’amashule si bishasha. Co kimwe na bimwe bita ibatisimu muri Kaminuza na Iscam. Gishasha gusa ubu ni uko bica birandagata ku rubuga ngurukanabumenyi, ukamengo rero igihugu kiriko kirasha kimanuka. Ivyabaye vyarabaye, ntakubirenzako uruho rw’amazi canke ngo ubigire « une affaire d’état ». Na canecane ntihagire umuntu abahana urwo rwaruka mu kubima impapuro z’umutsindo zabo : ni uguhana indero yabo, mugabo si uguhana ubumenyi bwabo. Biratandukanye. Harakwiye umurwi wokwicara ukavyiga, ukaraba iyo vyaje biva, n’inkurikizi yavyo. Kugira ngo bazitirire ntibisubire mu myaka iri imbere. Ngo ibuye riserutse ntiriba ricishe isuka.
Nacanacane muravye nta mwana numwe waruguru arimwo nabana bo mumuji bababibon kumbuga kndi nuko bifotoje bakabishir kunbuga ubundi murazi ibindi bakora mutazi ikosa nuko bagaragaj umunezero wabo ukutarik nahubund ntibohogwa umunezero wabo ngo babimpe diplôme nimuhanur ntakund ibiba vyrabay
Barakoz amakosa, kand kubabarirw vyaribikwi. Bavug kudahan imbwa birwiza imisega, ikind badahany uwund yobuzw kubikor naw azobabarirwa? Bury dusazemubitaberey ngumuvyey arababarir adahany vyogor kumeny ikosa. Twes twoz turagaragaz umunezer kwonon ivyac ej twobikener tukabih abatishoboy! Oya da ntabwiryanyifat iberey harihagez kobakur bakarer aband. Ntabwumuvyey yokwigish kwitaburirak impuzu ng nukunezerw ninges mbi nububegit bwabo. Ham bakor ibisumb biry ng nukubabariw turababarirw. Nkabary bakuz bogez ryar guhanurw?
Abobana bameze nka fusible social zatarutse kubwa court circuit social,harwaye ikibano- burundi cose hama bakaba aba malades délégués kubwa frustration ibagora kwigumizamwo nkabakuze.icihuta ni impanuro,gusanasana inyifato zabo,ivyo vyanse kubahana.
Indero yubu yaratitutse
None ga bantu, Ubu koko ngo ni kubera imico tuce tuguma muri 1890?? Nimba abo bavyamiriye Kure bafise uko baryohewe igihe barangiza ntihabuze abo bitanezereye k’ukuntu bigenjeje. Dufate nk’uwarangije muri 1990 mu kuryoherwa akaja aho baganye akazinywa zikamugira umuja, ubwo harabuze uwabigaye? N’uko ari vyo vyari bigezweho mu gihe uwo nawe yabigaye atigeze abikora. N’uko rero uwatsinze uyu munsi (2019) ntiyoryoherwa kumwe n’uwatsinze (1990) kuko ibihe si bimwe. Jewe ku bwanje nta kosa na ritoyi bakoze baryohewe bivanye n’igihe tugezemwo
Uharuye umuruhowamashure,nukwiruhusta,bishoboste,ukaninezereza,ntakosaririmwo.😂😂😂😂
Science sans conscience n,est que ruine de l,Ame!
Ivyo birashoboka y,uko bakuze bataganira n,abavyeyi uko bakwiye kwigenza