Uyu munsi, abatari bake mu rwaruka barumva umuntu avuze ikirundi kiryohoye nabo bakibaza ko ariko aravuga ikirundi kigoye. Niho bamwe bamwe usanga baca bamubwira ngo : « Kura ikigamba ngaho! » Ariko rero, yaba indimburo canke amayagwa y’ikirundi, niba bigishobora gukoreshwa kandi bikagumana akanovera, ari uko hari abaguma bitanga batiziganya kugira ngo urwo rurimi ntiruzimangane. Onesphore Nibigira yaraganiriye na bamwe bamwe muri izo ntwari nk’uko abituganirira.
Patiri Adriyano Ntabona aratubwira ukwo bageregeje kugumya urukundo rw’ikirundi igihe bari mu mashure kuko ari we yaserukira abaseminari maze akavuga ati : « Mu mwaka w’1959, twiga mw’iseminari ntoya. Twegereye Patiri Ntahokaja Yohani Batista yatwigisha ikiratini turamubwira ko naho twiga ikiratini tutabinezerewe cane. Niho rero twamusaba ko tworondera isaha ku munsi w’Imana, ko ari umunsi w’akaruhuko, akaza aratwigisha ikirundi kuko yari yarakinonosoye. Nawe atako arabitwemerera kandi ahimbawe cane». Arazwi nkw’uwatohoje cane ibijanye n’amayagwa y’ikirundi. Kuva muri uwo mwaka rero, Patiri Ntahokaja, ari kumwe n’uwundi mufurera yitwa Rudahezagirwa, ngo baciye batangura kuza barigisha ikirundi ba baseminari ku munsi w’Imana. Aho boruhutse, bobo baja kwiga ibijanye n’ikirundi. Nk’uko uwo mupatiri abivuga, mu vyo bigishwa harimwo imico y’ikirundi : kwatirwa, kubandwa, eka ibintu bitari bike batari bazi kandi ngo vyarabaryohera cane.
Uko ibitari bike vyatanguye
Naho igihugu cari kikiri mu bukoroni, kandi ikirundi kitigishwa mu mashure, Patiri Ntabona na we ntiyadebukiwe, nyabuna yahavuye abandanya atohoza. Ari kumwe n’abandi, ngo bagiye mu murwi w’abatohozi, bagashwara imihana batohoza ibijanye n’ikirundi. Uwo mupatiri yarakunze ikirundi ku buryo budasanzwe, akagira ati : « Ngiye i Roma naciye niga ibijanye n’ubupatiri n’ijambo ry’Imana, mugabo iruhande y’ivyo ngafatanya n’imico kama ya Afrika. Ngeze kwandika igitabo c’umutsindo gikuru, nca nandika ku myibutsa, igitabo kinini cane c’impapuro amajana icenda, nerekana neza imico kama iri mu myibutsa n’ingene twokwigisha ijambo ry’Imana tuyikoreyeko».Uburundi bwaza bumaze kwikukira, ikirundi caciye kija ku rutonde rw’ivyigwa mu mashure. Patiri Ntahokaja ngo yari yaramaze gutohoza neza cane ibijanye n’indimburo y’ikirundi. Mu nyuma, n’ubushakashatsi mu kirundi bwaza buragirwa muri Kaminuza y’Uburundi.
Abo bapatiri babiri, Ntahokaja na Ntabona baca baba abigisha ba Kaminuza. Ntabona aca amufasha gutsimbataza ubushakashatsi kuri urwo rurimi ashingiye ku mayagwa. Akagira ati : « Mu mwaka w’1972 muri Nyakanga, ni ho nagaruka mu Burundi. Patiri Ntahokaja yaciye ansaba ko nokwigisha ibijanye n’amayagwa y’ikirundi hanyuma nawe akigisha indimburo yari yakozeko ubushakashatsi. Hanyuma ndavyemera ntahigimye». Maze ngo aravyigisha kandi birakomera kugeza aho n’abanyeshure bahavuye bahurumbira igisata c’indimi n’amayagwa vya Afirika, ndetse n’igisata c’ikirundi muri Kaminuza nderabigisha kiratezwa imbere.
Abafashije cane guteza imbere ikirundi
Mu nyuma harabonetse abandi bigisha benshi muri kaminuza banonosoye ibijanye n’urwo rurimi. Ntahokaja wewe, ngo yari uwudasanzwe nk’uko uwo yigishije abandanya abivuga : «Tumaze kwikukira, yaratanguje inama yo gucungera ururimi rw’ikirundi, hajaho ico bita mu gifaransa “Académie Rundi” ». Uwo mupatiri yarabandanije kugira ubushakashatsi ku migenzo y’ikirundi gushika naho yandika igitabo kizwi cane citwa « Imigenzo y’Ikirundi». Na Patiri Ntabona ntiyadebukiwe. Yarabandanije ubushakashatsi, kugeza aho yabandanije gutohoza ibijanye n’imico ya Afirika n’indimi zayo. Nk’uko avyivugira, ngo yaratevye araronka urupapuro rw’umutsindo rudasanzwe rwo gukurikirana no gufasha abariko baragira ivyigwa vyo kuminuza ku rwego rwo hejuru. Ntahokaja rero ngo yigisha ibijanye n’ururimi, mu nyuma arafadikanya na Firipo Ntahombaye, akigisha imico n’amayagwa y’abasokuru. Bukebuke rero ikirundi kirasagarara, kiremerwa, kirakundwa.
Impanuro ku rwaruka rwa none
Kubona ubu hari abantu bakengera ikirundi, kugeza aho bumvise uwuvuze ikirundi neza bavuga ngo : « Kura ikigamba ngaho! », iyo nararibonye irabakebura. Patiri Ntabona ati: « Nohanura urwaruka gukunda rwose imico kama y’igihugu. Rurondere kuyishiramwo imico myiza umwana w’umuntu akeneye kuko turiko turata akaranga. Urwaruka rumenyere kwumviriza umuntu mutomuto uwo ari we wese kugira ngo bamenye neza ubuntu bw’abasokuru. Kuko urwaruka rw’ubu rutwarwa na vyinshi ». Ivyo na vyo rero ngo bishoboka ari uko ikirundi gitanguye gukundwa kuko ari co kirimwo uwo muco.
MBANJE GUSHIMIRA VYIMVA MUTIMA PATIRI NTABONA NA NTAHOKAJA BIKOKOZI BATUGIYE IMBERE KUGIRA IKIRUNDI GIKUNDWE NK,URURIMI NGIRAKAMARO MU MICO N,AKARANGA VY,UBURUNDI. UMUKAMA ABAZIGAME.
Ndashimiye cane Umushakashatsi Ntahokaja nana patiri adriyani Ntabona nabandi bagize ico bakora kugira ngo ikirundi giterimbere.murakoze
Ndashimiye cane aba bakurambere Patiri Ntahokaja na Patiri Ntubona babaye Intwari mukuja imbere bakitanga batiziganya impande yuko bari basanzwe barakwirikirana ivyigwa Ndoramana vyo gukomeza imitima y’abantu bakitaho n’iki naco co gushigikira ururimi rwacu kavukire hamwe n’imico yacu kugira bigumane akanivera vyotubera isomo ab’urunganwe rwacu kuko abenshi bariko barara akaranga kwacu aho usanga n’igihe co gushikiriza Ijambo ry’ikirundi hasigaye hagwizwamwo n’amajambo atari ayo ururimi rwacu birababaje kandi abarundi barayamaze bati: Uta akaranga ukaba atakaje akabanga !
Taworeka gushimira patiri Ntabona ariko nimuduhe nibindi Kubijaye ni mico n,akaranga v,uburundi
Ni vyiza cane, Imana ishishikare kubana n’izo ntwari
Ndashimiye cane abobakrambere patiri ntahokaja na patiri ntubona bobo badukoreye mungata muktumenyesha vyinshi kuri kahise kubijanye nikirundi
Urukundo mu bantu ni yo nkinzo ikomeye cane
Nifuza kuvugana n’ abahinga canke abakora mu bijanye n’ ururimi rw’ ikirundi, kubera ko hari amajambo amwe amwe abamenyesha makuru bakoresha, mugabo nkumva ayo majambo ntakwiye. Nobona gute telefon canke e-mail yabo?
Ndashima igikorwa cabo bapatiri ariko kandi no mumatohoza cnke uburondonzi hari ibidatahuritse cane nkibijanye n’intwaro ya cami,umuganuro nibindi.indimburo yo ni vyiza cane.jeho rero mvuga ko ururimi arirwo buntu