article comment count is: 0

«Intahe iragura inyoye»: ubutungane canke uburyarya ?

”Ahari abantu hama urunturuntu”, ni ko Abarundi bavuga. Iyo bishitse abantu bagatata, kenshi kugira basubize hamwe vyarashika ko barinda kwumvikanishwa. Ariko rero hari n’igihe ivyo kwumvikanisha vyasendwa bikaba ngombwa ko bataka abagabo. Abo nabo bahejeje kubumvikanisha hari aho babaca inzoga, bagahabwa n’agatutu k’abagabo. None urubanza ntirwocika rudaherekejwe n’urukanywa? Reka tubice irya n’ino. 

Jérôme Hakizimana, umugabo ahumuye aba mu Mparambo II muri komine Rugombo, aributsa ingene inzoga yafasha mu kwumvikanisha abatase. Agira ati : “Umugabo yatiriganye agakora canke akavuga ibitaroranye, baramuca inzoga iyo yigaye. Maze izo nzoga yazizana abagabo bagasoma bagaheza bakamuca amahani kugira ntazosubire, hanyuma bakamuharira agataha  anezerewe”. Ni vyo bita kwimenjura.

Nk’iyo yambitse iceyi uwundi hoho, yaracibwa inzoga zo kumwuhagira. Atarazitanga babanza kumuharira ivomo gushika amuterekeye. Bamaze gusangira agacupa canke umusa, uwakoze amakosha yarasaba imbabazi hanyuma uwundi akamubabarira. Mbere kenshi hari aho usanga kubera agacupa basangiye kabatemvye neza bagaca bataha bafatanye ku rutugu bagenda barijandajandira. 

Intahe irotoye, inzoga igaca inyobwa

Turetse iyi migenzo duhejeje kuvuga, hari imvugo y’aho hambere ngo: “Intahe iragura inyoye”. Ni ukuvuga ko abafitaniye amatati bari mu ntahe basabwa kuzana inzoga z’abagabo intahe imaze kubarotorera, bahejeje kwumvirizwa, imbere yo gutunganirizwa, abagabo baca babasaba kuzana inzoga zinyobwa intahe ihejeje gucira ingingo. Barangiza gukubita intahe bakarenzako bati: ‘’Ni uko iryo rikaba ijambo’’, ya nzoga bagaca bayisoma. Uwatsinze n’uwatsinzwe bagasoma rugasosa, bati: ‘’Turakengurutse intahe’’.

Rivardo Niyonizigiye, umwanditsi kandi asazwe akurikirana cane ibijanye n’imico n’akaranga. Ku vyerekeye ikibanza c’inzoga mu ntahe, agira ati “Gusoma akayoga biri mu mico y’Abarundi kandi kugasoma n’ikigaragaza umugabo”. I butware, uwugiye gusaba ijambo yagenda yikoreye, akagenda aturwa n’imisozi. Yajana urukanywa ruhiye kandi runovoye neza. Aho rero niho yaca asaba ijambo akumvirizwa. Aha rero si kubijanye n’urubanza gusa ni kw’ijambo ryose waba ugiye gusaba, ni co bita impamba, nkuko abandanya abituyagira. Niho havuye wa mugani ugira ngo:  “Ushengera ata mpamba ugashenguruka ata jambo”

None ata nzoga ihari urubanza ntirwocika ? 

Aha rero Rivardo aributsa ko hashitse igihe hakabamwo kurenza urugero, barya bantu b’intahe ugasanga bariko bararenza, ari naho havuye bimwe twavuga ngo « Intahe iragura inyoye » canke ihaze. Haciye haziramwo n’ibindi nko gusasira intahe…., ivyo vyose bigasigura ko batocira urubanza uwudatanze inzoga. Niho hazananye ba bashingantahe bata umurongo ugasanga umenga bakorera inzoga. Iyo hoho bazi ko uri umutunzi barihanukira mu kuguca inzoga kuko bagira bati uyu ntazodupfuvya. 

Ibi bifise umuzi uhambaye. Nk’uko tubiyagirwa n’uwo mu nyakaranga, kera bavuga ko intahe itavuna ahubwo yunga. Abagabo ntibatandukanya ahubwo baranywanisha abatase. Ukunywanisha (bivuye mu rivuga kunywa) cari ikintu gihambaye cane mu  mico y’Abarundi. Haba hari inzoga, hama abashaka kunywana bakikomeretsa uko ari babiri, amaraso avuyemwo akamiminikira muri ya nzoga bagaca bayinywa bonyene, ico kikaba ikimenyetso gihambaye cerekana ko banywanye kandi babaye abavukanyi kuko amaraso yabo yanywanye. 

Rivardo abandanya agira ati abashingantahe baruzuriza (bivuye mu rivuga kwuzuza) abatase. Ni ukuvuga ko hagati yabo haba hari igihaze canke kiri gusa. Inzoga rero yari nk’ikimenyetso ko vyose bisubiye mu buryo, urukundo rusubiye kwuzura hagati y’abatase. 

Bisigura ko urubanza rutocika ata nzoga ihari ? Haba namba. Uwu muhinga agira ati ubu mu ma sentare imanza ziracika neza kandi nta nzoga baja kunywa bahejeje kuzica (iyo ata gupfumbatishwa kwahabaye). Ati kandi mu makaritiye mu bisagara canke ku mitumba turabibona ko hari benshi bumvikanishwa iyo batase ata nzoga zitanzwe. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion