Kubera kwishinga amabwire y’urunganwe, Yan* yabonye ko ataryamanye n’uwo bakundana yoba agayitse.Umusi uri izina yarabikoze, ariko bimuviramwo ivyo atipfuza. Intahe.
Niga mu mwaka w’icenda, haraheze imyaka ibiri, natanguye kuganira cane n’abigeme. Muri abo, harimwo umwe nahavuye nkunda kuruta abandi bose. Twarigana, ndetse tukabana no muri karitiye tukaba tunasangiye ibikorwa vyo mu muhari twarimwo. Ikintu campimbara cane, twari utuzina twiza tw’abakundana twaza turitana.
Abavyeyi banje bari bamuzi, eka nanje iwabo bari banzi. Iyo aje iwacu yarisanga, nanje nashika iwabo nkisanga nk’iwacu. Nk’iyo twaba turiko turafashanya kwiga, twarakunda kwifata udusanamu (selfies mu Congereza) maze tukadushira ku mbuga koraniro zacu, abagenzi na bo bakagira bati: “mu vy’ukuri aba bana baraberanye”; tuja na rwo.
Agakuku n’amabwire…
Umusi umwe rero, twari mu mwanya w’akaruhuko kw’ishure, ndi kumwe n’abagenzi b’imiyabaga twigana, umwe arambaza ati: “Mbega Yan, mwe na Ketia* mumaze kubikora kangahe?” Nanje nditangaza nti: “Ibiki?” Abari bahari bose baraduka barantwenga. Umwe muri bo aca ambwira ati: “Reka kwigirisha vugisha ukuri ntaco uba. Tubwire! Umusi wa mbere wumvise gute?”
Kubera ico gitsure, nahavuye nisigura; “Mu vy’ukuri, uretse ko twama dusomana kenshi ku matama no ku ruhanga, nta bindi bintu turajamwo”.
Bose bifata ku munwa ngo: “Utabeshe !Ugira uvuge ko mumaranye iki gihe cose ariko ukaba utarabimubaza na rimwe?Aho rero uzohava usanga atanakigukunda, asigaye akubona nka musaza we! Uramubwira akugaragarize urwo rukundo agufitiye! Erega ni co gituma umuhungu n’umukobwa bakundana.”
Uwari hirya we aca ayica umurya ati:“Ahubwo wewe rero araguhenda, usanga yifitiye uwundi muhungu akerebutse atari wewe”.
…ngo nikure akagaye
Imisi yakurikiye nagumye ndavyiyumvira umwanya wose, nibaza uko novyifatamwo igihe yompeba kubera “ugusamara” kwanje. Ariko icampumuriza ni uko Ketia yankunda nk’uko nanje namukunda, nkaba nzi neza kandi ko ata kintu na kimwe nomusaba ngo anyime, kiretse ico adafise.
Mu nyuma ni ho narya umutima amenyo ndamwegera, turabiganirako. Erega twahavuye turyamana; kuko vy’ukuri yarankunda. Bati iyakariye ntigaheba, no mu misi yagiye irakurikira twaciye tubigira nk’umugenzo.
Ntibukeye kabiri, nja mbona anyandikiye ko arwaye cane, nyina amutwaye kwa Muganga vyihuta ; kandi ko yikeka kuba yarasamye. Umutima ngo vutu! Ndabura imbwa n’imbwebwe ! Erega ivyo natinya ni vyo vyahavuye biba. Ibipimo vyemeje ko Ketia afise imbanyi y’amezi atatu. Haheze amezi atandatu, aribaruka umwana w’umwigeme.
Mu vy’ukuri rero, n’aho urukundo rwacu rwahavuye rubandanya, twe na Ketia twarabonye ko twakoze amakosha, dusanga twarikwegeye, mu buto bwacu. Ivyiyumviro n’imigambi yacu yose yarapfuye, dutangura ubuzima bushasha bw’abavyeyi ; hatari bwagere. Ukuba twarakundana cane ntivyasigura ko twaca twisuka mu ngeso z’ubushurashuzi. Aho ni naho benshi mu bakiri bato nkatwe bakunze kwihendera bakagwa mu mutego, na kazoza kabo kagatakara gutyo.
*:izina ryahinduwe
Uko ni ukuri urwaruka rwinshi rugira ingorane kubera impanuro mbi z’urunganwe.
Mu vyukur kirazir kugender kumabwire y’abandi.banza wicare urabe ko ivyo bakubwiye ata ngaruka mbi bizogutera mu buzima bwawe.canke ubisengere.
Turabshmiye cane kumpanuro muduherez twebw ugwaruka
Ivyo biragoye kuko na jewe ubwanje nozinjiramwo bivanye nuko imibiri yacu iduhindukana kubera urukundo tuba dufitaniye ruba rurenze