Kurenga ibigo, guca inyuma umukunzi, kumuvanga, “kumucamwo”, … guhemukira umukunzi vyitwa amazina menshi kandi bigakorwa kwinshi. Imvo zibituma na zo nyene zikaba ari umurengera. Iyo uwahemukiwe abimenye, biramugora kuvyihanganira, no gusubiza hamwe bigaheza ntivyorohe. Ng’izi inyifato 9 wogira kugira musubize […]
Gukunda
«Umukunzi wawe arakuvanga?»: ng’uku uko wovyifatamwo
Hakaba hari ikintu kibabaza umutima, ni ukumenya ko umukunzi wawe akuvanga. Ukibimenya, urabura ico ufata n’ico ureka ; amaraso agahagarara. Ku ruhande rumwe, wumva wohagarikira aho nyene ivyo gukundana na we, ariko wibuka ibihe vyiza mwabanye musangira umunezero, bikakwanka mu […]
Ugutirimuts(w)a: ibintu bitatu vyerekana ko umuntu afise iyindi ntumbero
Muri ndwi iheze, twararabiye hamwe ukuntu usanga hari inyifato umuntu agira, bigatuma uwundi amwipfuza. Mu vy’ukuri none ni ikihe cerekana ko umuntu yipfuza ko yorangura amabanga mpuzabitsina n’uwundi ? Agira iki gituma yibwira ico amubariye n’aho atoba yaduduriyeko ? Tubirabire hamwe.
Akamaro k’ikiyago mu buzima bw’abubakanye
Ba sokuru bati : « Kubandwa ntibigoye nko kurigumya », no mu rugo ni uko nyene. Uwugeze mu bigero araresha, akarushinga ; bagasayangana ku musi w’ubugeni. Ariko kuvomerera ubwo bumwe bunze ni ntabanduka. Ivyo navyo ntakundi bikorwa atari kwisuzuma no gukomeza ikiyago ca […]
Kwitegurira kwubaka urwawe: ng’utu utubazo wokwifashisha
Umuntu wese ageze mu bigero, kenshi na kenshi, arahitamwo kwabira canke kwabirwa. Canke kubireka. Biranashika mugabo akazazanirwa, bikamugora gufata ingingo ; akibaza nimba atoba aruguyemwo, hamwe yofata ingingo yo kwubaka urwiwe. Ng’utu utubazo wokwifashisha.