article comment count is: 2

“Kwikura inzembe” : ukugira imibonano mpuzabitsina inyuma y’ukugenyerwa

Bamwe mu rwaruka bavyigira mu kibano, bakabigira kangeza, ingaruka zikabananira kwitura.  Baraduhenze ngo “umuntu wa mbere mugiranye imibonano mpuzabitsina inyuma y’ukugenyerwa aca aba katamanikirwa mu bushurashuzi”; duca tubijamwo nk’abagiye kwikingira kubw’ingo zacu zo muri kazoza. Ng’uku uko vyagenda.

Hari umugabo umwe w’umutunzi aba i Bujumbura, aherutse kugwa mu kajembegete. Aherutse kumenyana n’umwana wiwe atari azi ko yavyaye, kandi amaze imyaka myinshi yubatse. Yarumva ngo yasize atwaje imbanyi umukobwa ahanaka, mugabo ntavyiteho. Ubu vuba, aherutse kubona umwana yavyaye. 

Yapfuye kumubona, aca aremera adahigimanga ko uwo mwana ari rwiwe, kuko barasa nk’indagara.  Uwo mugabo yumvise intuntu n’agahinda, abonye ukuntu uwo mwana yabayeho nabi, yarariwe n’imvunja, akicuza, kubera ko yatesheje amashure yisumbuye umukobwa w’abandi. Icamubabaje kikamusonga,  yaravyaye ntiyarera, bivuye ku mabwire atari yo kandi atagira n’ishingiro. 

Nya mwana, mukase be n’abandi bana baramukunda cane, mugabo urabona ko atiyakiriye. Kira noneho, bari kumwe, benshi bibaza ngo ni umukozi wabo, canke uwo batoye baratunga.

Iyo vyavuye

Ndangije amashure yisumbuye, nk’uko vyari bisanzwe ico gihe, naciye nja mu bikorwa vya gisirikare (SMO), imbere yo kuja muri kaminuza. Ivyo Reta y’ico gihe yanshinze, vyatumye mba ku birindiro bitandukanye, harimwo ico mw’ikambi y’abateshejwe izabo mw’ikomine imwe yo mu ntara ya Gitega. Abo twari kumwe, benshi ntibari baragenyerewe. Kabaye akaryo keza ko kubigirisha. Muri make ryasa n’ihiganwa, ku buryo babigize ari benshi cane.

Muri iyo kambi, hari abigeme. Benshi muri bo bari bagarukiye mu mwaka wa gatandatu w’amashure matomato, ari abayabaga babushitse. Bake cane bari biga mu mashure yisumbuye. Batubona nk’ibihangange. Uca ubona nawe umuntu yambaye gisoda, agira aje muri kaminuza canke mu ntwazangabo. Twari twubashwe cane. Batubona nk’inkinzo zabo. 

Benshi mu bagenyerewe, bapfa kumara amezi atatu, bagaca batangura kugendera ba bakobwa, ata kindi kibagenza atari “kwikura inzembe”, canke kugira bumve ko hari icahindutse ku kuntu biyumva bariko baragira iyo mibonano. 

Harimwo bamwe badushingira intahe ko batakiryoherwa nk’igihe batari bwagenyerwe, hakaba n’abandi bavuga ko basigaye bumva bamerewe neza kurusha. Abandi na bo wasanga ari irya mbere, ntaco babibivugako. Ari yo ntandaro y’uko umwe wese yigeragereza.

Ingaruka

Ba bakobwa na bo, nta n’umwe yavugishwa ngo yanke. Bobo, umusore agiye kubahendahenda babona ko ari urukundo, amaraha n’ivyubahiro kubona baryamanye n’aba “SMO”. Ntibigera baca n’ikanda ko bariko barahendwa, abo bantu baza kubikurizako inzembe, ata kindi kintu na kimwe c’umugambi babashakira. 

Hari n’abagumana mu mutwe ko bazoheza bubakana, bakibaza ko bemeye bakaryamana ari yo nzira nziza yo kubaronka nk’abagabo babo. Ariko nyene, hari n’ababigira kubera akaryoheramubiri, kuko bari mu buyabaga.

Kubera ko ku kirindiro twahamara amezi make, vyarashika ugasanga hari abatwaje imbanyi bamwe muri ba bakobwa, mugabo ugasanga ntibazi ivyabaye; ababizi na bo bakabura uko babigenza mu nyuma, kuko baba bagiye mu buzima butoroshe bw’umunyeshure. 

Ba bakobwa wasanga baciye bafutana, umuhungu na we yitwa ko ari se w’umwana atari buharenguke, kuko ntaco yaharengukana. Warasanga mbere atazi ivya wa mwana ; icibagiwe co ni wa mukobwa yikurirako inzembe. 

Mu kibano, izo nyosha mbi mu rwaruka, n’ubu zirahari. Nko mu mashure yisumbuye afise uburaro, ku “marigara” n’ahandi, ububeshi nk’ubwo buragwiriye. Maze bikaba intandaro yo gukwiragiza indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, tutibagiye n’igwirirana ry’imbanyi zitifujwe; na rirya ayo mosha mabi avuga ko uko kwikura inzembe bishoboka mu gihe umusore ahuje ibitsina badakoresheje agakingirizo.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)