article comment count is: 5

Kugenyerwa : inyishu ku bibazo bimwebimwe bisangiwe na benshi

Kugenyera (ku gitsina gabo) ni iki ? Vyoba bikinga ko umuntu yandura indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka ? Nta ngaruka bifise ku bijanye n’ubushobozi mu gihe c’amabanga mpuzabitsina ? Muganga Antoine Faix araduha umuco.

Kugenyera (gusiramura) ni iki ?

Kugenyera ni umugirwa wo gukurako agasato kameze nk’agasago gapfuka umutwe w’igihimba c’irindoka c’umuhungu. Vyatanguye kera cane n’imyaka itaraharurwa, mu gihugu ca Misiri. Hari hasigaye imyaka 2000 ngo Yezu Kirisu avuke. Wari umugirwa wo kwityorora, ushimikiye kw’isuku na canecane mu bantu bo mu bugaragwa (iyo umuntu atagenyererwe atiyoza kenshi, hari imicafu yibika ku mutwe w’inzanyi ku buryo bishobora gutera indwara, akanasebura, mbere hakaziramwo na kansera).

Uwo mugirwa wahavuye utandukira mu Bayahudi no mu Bayisiramu (n’aho bitanditse mw’ikorowani, biri mu bitabo vyaje mu nyuma, kandi mu bari mw’idini rya Isiramu wabaye umugenzo wa bose.

Ni irihe tandukaniro ryo kugenyerwa bwa mugirwa  no kubikorera kwa muganga?

Vyompi bifise ihangiro rimwe, ariko ingene bikorwa harimwo ubudasa.  Kwa muganga bagenyera umuntu babanje kumutimbisha, kandi kuba ari ukugira ngo bamukingire indwara zimwezimwe zoza kuri ako gace canke kubera kariko. 

Abagenyera bwa mugirwa, babigira batabanje gutimbisha umubiri kandi nko mu Bayahudi biba umusi ugira munani umwana avutse. Bikagirwa n’inararibonye yatiriwe ico gikorwa (bamwita “mohel” mu rurimi rwabo).

Mu bayisiramu, bigirwa n’umuganga canke uwundi muvuzi. Iyo bibaye bwa mugirwa, bitera ingorane kuko hari aho usanga bibakomeranye, n’umuntu agapfa kubera kuva, canke izindi ndwara zaziyemwo kubera isuku rike.

Ni co gituma nko mu gihugu ca Arigeriya, ivyo bibwirizwa kubera kwa muganga.

Kugenyerwa biragabanya canke birongereza uko umuntu yiyumva mu gihe c’imibonano?

Abagenyerewe bakiri abana, ico kibazo ntikibaraba, kuko batangura kubikora baragenyerewe. Erega umutwe w’igihimba c’irondoka cabo uba waramenyereye kubaho atakiwupfutse, ku buryo unakomantara gato ugahakwa kumera nk’uruhu rw’umubiri.

Ababigirishije bakuze, barumva ko hari icahindutse koko, kandi ntibaheza ngo bamererwe kumwe n’igihe batari bwagenyerwe. N’aho Ivyigwa vyakozwe bitabihurizako, hari abagabo bahatorera akoyoko, kubera ko igihe baba batari bwagenyerwe usanga baheza ningoga mu gihe c’imibonano.

Kugenyera vyoba bikinga indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka? 

Uravye uko umubiri w’umuntu wubatse, birakinga gatoya kwandura indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, n’umugera wa SIDA urimwo. Kubera ko karya gahimba gapfutse umutwe w’inzanyi kikuma mu gihe c’imibonano, ico gihe haja hejuru agace kako gasanzwe koroshe cane rwose, ku buryo habako udukomere duto cane tutanaboneka, ugasanga uwo mugera winjiriramwo vyoroshe. 

Hari mbere n’ivyigwa bimwebimwe bivuga ko bigabanya kwandura ku rugero ruri hagati ya 50% na 60% bakanahamagira Abanyafirika kwisiramuza. Ariko uwo muganga akibutsa ko intanga zicamwo imigera, vyumvikana ko kugenyerwa bitobuza kwikingira. 

Kugenyera umuntu (na canecane umwana) kwoba ari ukumuhohotera ?

Mu 2013 ingingo yasohotse mu bihugu vya Buraya ni uko kugenyera uwana ari uguhonyanga agateka kiwe. Ababirwanya bavuga ko kugenyera uwana ari uguhonyanga agateka kiwe, kuko ni we ubwiwe yategerezwa kugira ijambo rya nyuma, bakavuga ko ari ukumukurako igihimba c’umubiri, bigereranywa na bimwe vyo gukurako imberezi ku gihimba c’irondoka c’abakobwa. Vyongeye, nk’uko babandanya babivuga, birashobora gukorwa nabi, ugasanga hajemwo indwara canke ubumuga. 

Ariko abari mw’idini ry’Abayahudi n’Abayisiramu bavuga ko atakudohoka ku mugirwa umaze imyaka ibihumbi n’ibihumbagiza, kandi ari na wo werekana aho ubugabo buhagaze.

Ariko ku bakuze, uwo mugirwa ntawowitiranya n’ibigirwa mu bihugu bimwebimwe aho usanga ku gihimba c’irondoka c’umwigeme bakurako imbezi (rugongo). Uravye uko umubiri w’umuhungu canke uw’umukobwa umeze, woba wihenze cane ubigereranije.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Jewe ngerageje kugira comparaison, ahubwo uwugenyereye niwe agira résistance mumibonano mpuzabitsina.ivyo ndabivuz nirabiyeko kuko imbere yuko nisiramuza n’amarako akanya gato.ariko Ubu ni sawa kabisa ntangorane ntiyidoga.