Inda z’indaro si agaseseshwarumuri mu rwaruka rwo muri komine ya Buganda, mu ntara ya Cibitoke. Ruravuga igituma haba iyo ngeso ituma haba n’abateshwa amashure kare. Bari kumwe n’abo mu ntwaro, baratubwira icokorwa kugira ngo ibintu bihinduke.
Imbanyi
Kwibungenga wiga ni amananiza ku mwigeme
Haba mu miryango canke mu kibano, abigeme bibungenga biga bafatwa ugutandukanye. Hamwe bafatwa nk’abana bigenjeje nabi, ahandi bagaca bahatirwa kwubaka hataragera. Kenshi usanga n’abo bazibatwaza ataco babafasha. Ng’ibi ivyashikiye aba bigeme twaganiriye.
Imbanyi itipfujwe: si umuvumo kandi si ico kwanjanjwako
Iyo hagize umwigeme yibarukiye iwabo mu muryango, kenshi barakunda kubona umenga ni ijuru ribakorokeyeko. Ni naco gituma hari abo bishikira bagaca bagerageza kuyikurayo, abandi bakabona ko kazoza kabo gafutanye. Naho biri uko, Alexine* si ko vyamugendeye. Yarahagorewe cane igihe yasama, […]
“Gushirako inzara, kwagurira inzira umwana, …” : imigenzo ihohotera abakenyezi bibungenze
Isi yose iherutse mw’isekeza ry’imisi 16 yo kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi. Ayo mabi na yo avugwa, ari kwinshi. Hari n’ayo dukora tutayazi. Muri ayo, harimwo imigenzo ibiri itagira ishingiro iri mu mico y’Abarundi ihohotera abakenyezi bibungenze dukwiye guheba.
Wahebwe n’umukunzi kubera wasamye imbanyi: ng’uku uko wobirengera
Guhebwa n’uwo mwakundana birababaza. Aguhebanye imbanyi yagutwaje hoho ni akavunamutima. None umuntu yorengera gute ivyo biba bimushikiye, akibungenga atekanye ? Tubirabire hamwe twifashishije ivyo abahinga bavuga, dukura ku rubuga rwitwa Parents.
Ingene ivyo gusenga vyavuyemwo ivyo kuryamana : intahe
Umuntu agira abagenzi bivanye n’ivyo ahurirako n’abandi : ishure, akazi, ishengero n’ibindi. Ubwo bugenzi, iyo bubaye hagati y’abadasangiye ibitsina, vyoba vyiza buhawe intumbero hakiri kare. Bitabaye uko, imbere nta wumenya ikiri buvemwo. Muri ino nkuru ya Aimé*, intahe y’amaganya yasubiriye intahe […]
“Kwikura inzembe” : ukugira imibonano mpuzabitsina inyuma y’ukugenyerwa
Bamwe mu rwaruka bavyigira mu kibano, bakabigira kangeza, ingaruka zikabananira kwitura. Baraduhenze ngo “umuntu wa mbere mugiranye imibonano mpuzabitsina inyuma y’ukugenyerwa aca aba katamanikirwa mu bushurashuzi”; duca tubijamwo nk’abagiye kwikingira kubw’ingo zacu zo muri kazoza. Ng’uku uko vyagenda.
Umukobwa akoroye inda ntiyategerezwa kuvyishura wenyene
Inyuma y’umwigeme aheruka kwica uwo yari ahejeje kwibaruka, bikamuviramwo umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose, vyanteye kwibaza muri rusangi icotuma umwigeme yiyumvira gufata ingingo igumye nk’iyo. Nasanze hari imigwi itatu y’abantu bashobora kubigiramwo uruhara. Umwihwezo.
Uburyo bukinga gusama imbanyi: kuki budakinga 100%?
Hari inzira zibiri zo kubona ukuntu uburyo bukinga gusama imbanyi bukora: ushobora gukurikirana ingene bwari busanzwe bwokoze iyo bukoreshejwe neza, canke kuraba ibigenda birashika mu buzima bw’uwuri kuri ubwo buryo; kuko abantu dukozwe ugutandukanye. Ariko, ikibazo kigumaho : kubera iki ubwo […]