Mu gihe ari wewe ufashe ingingo yo kuvavanura n’uwo mukundana, biragoye cane kubivuga. Mugabo, mu gihe vyanse rwose, urarya umutima amenyo ukabivamwo, na kare ngo « akanse uraheba ». Ng’uku rero uko ubwirizwa kuvyifatamwo.
Baza umutima neza
Raba neza igitumye ufata iyo ngingo yo kuvana. Nimba uwo mwakundana yovunwa umutima n’iyo nkuru, uyimemenyesheje, bisaba ko umuha insiguro. Utegerezwa kuvyitegurira. Ukiyumvira, ukabaza umutima ku ngingo ugira ufate, nimba vy’ukuri ushaka kuvana na we.
Bimubwire udafobetse kandi muri kumwe
Ntuhirahire ngo umubwire ko ubivuyemwo ubicishije mu butumwa bwo kw’iterefone (kwandika ubutumwa busanzwe, whatsapp…) canke kumuterefona, co kimwe n’ukubituma uwundi muntu, kiretse mu gihe ubuze ukundi wogira. Guhura irya nyuma kugira muvugane itandukana ryanyu, birahambaye cane kugira musezerane ; muvavanure.
Iruhande y’ivyo, mu kubimubwira, rondera ahantu asanzwe akunda, hamugwa neza, abe ariho mubivuganira. Ntimuje ahantu hari abantu benshi canke urwamo, hashobra gutuma atisanzura. Genda ahantu hamufasha kuvuga ibiri ku mutima yagukiwe.
Dudurirako, ntukare, kandi utomore
Ntubeshe uwo mwakundana, mu gihe co kuvavanura na we. Mubwize ukuri ikintu cabaye intambamyi mu rukundo rwanyu. Ni vyo birabishe kwumva, mugabo birahambaye cane. Ategerezwa gutahura igitumye biba.
Kubera ko kuvana n’umuntu bisanzwe bituntuza umutima, ntumwongerereze ububabare. Ntiwibagire ko mwamaze igihe mukundana cane. Ntubabaze rero uwo mwakundanye. Ntibikenewe na gato ko umwagiriza ibi na biriya ukaze cane, kugira ngo umwereke ko wewe utagira amakemwa. Rondera nyabuna amajambo akenewe kandi abereye kugira uvuge ikiri ku mutima.
Ikindi kintu wokwirinda, kandi gikomeye cane, ni ugusiga uwo mwakundana adatahuye neza ico wamubariye. Ntumubwire ibintu na wewe utumva neza uko bimeze. Nk’akarorero kuvuga uti : « Kirya gihe ntivyagenze neza, mugabo ngira ngo vyogenda neza ikindi gihe. » Ivyo bituma agumana icizere kandi atari vyo.
Ashobora kugukarira mugabo ntiwisubireko
Ikintu wotegerezwa kumenya, ni uko guhebwa n’umukunzi wawe ari ikintu ca mbere kibabaza, kikavunana umutima. Aho rero, ico wokwitega ni uko ushobora kuja wumva uwo ubibwiye akomye indururu canke akarira. Hari naho ashavura akagira ikindi kintu, mugabo wewe guma utekanye. Ntaduze ijwi nawe ngo uduze irindi.
Kubera ko iyo ngingo uba wayifashe uhanuje umutima igihe kirekire, ukabona ko ari yo ibereye, ntudohoke ngo ni uko ubonye uwo mwakundana avyakiriye ukuntu. Ntiwisubireko. Wame witeze ko ashobora kugerageza kukugondoza, akagusaba « amahirwe ya nyuma », ngo mubandanye mukundanye. Kiretse hamwe hoba hari igituma cumvikana cane rwose, ntuhindure ingingo wafshe. Ryumeko nyabuna.
muti nugusambura inkundo rero
Oyaaa sico batubwiye ahubwo bubatse imitima imwimwe ivyo bintu bizoshikira
Nimpanuro nzoza cane