article comment count is: 5

Ngo “nta mwigeme wo kuresha umuhungu?”: sigaho !

Uko tubimenyereye, umuhungu ni we yama atumbera umukobwa, agaheza akamubwira ko yamugomwe, yipfuza ko bokwubakana. Abakobwa barashobora gushima abasore, mugabo bagapfana isoni, ntibavuge. Ariko ukwo ni ukwihenda. Burya umukobwa arashobora kubivuga kandi rukaba urugo rw’iteka. Tubirabire hamwe, twisunze amatohoza yakozwe n’ikinyamakuru Biba

“Abakobwa benshi ntibubahuka kubwira umuhungu ko bamukunze kubera ko batinya ko bohava bamangara, abo babibwiye ntibabemerere. Harabamwo kutizigira ko bishoboka, ugasanga umukobwa aguma arindiriye iyo umusore ahimbara umutima wiwe azanana. Erega uwurinda ntaguma arindiriye ivyizana  (bishobora no kutaza); ahubwo arahitamwo uwo yishimiye”.  

Bivugwa n’umuhinga mu bijanye n’ubuzima ndorabitsina hamwe n’ivy’ingo n’imiryango Thérèse Hargot

Kubera ko abagabo bamenyereye ko ari bo baresha, hari abavuga ko biteye amakenga, mbere n’ubwoba kureshwa n’umukobwa. Sebastien w’imyika 29 abona ko umukobwa yoza kumubwira iryo jambo yoba atariko aravuga ukuri. Ahubwo ngo vyomubuza amahoro. Ku bwiwe, n’aho umukobwa yoba asa n’irirenga, mugabo batazinanye, ntibitahuritse ukuntu yokwubahuka kumuvugisha. Gregory w’imyaka 33, wewe agira ati : “ashobora kuba ariko ariyayatira, canke yarihebuye”.

Abandi bati: “vyoturuhura”

Ku rundi ruhande, hari abahungu bavuga ko biruhisha kwama ari bo batera intambwe ya mbere, bakavuga ko ahubwo bigizwe n’umukobwa vyoba vyiza kurusha. Ku bw’uwitwa Arnaud, afise imyaka 34, umukobwa “arivuze” biraruhura. Ivyo mbere bituma n’ibintu bihinduka, ntibibe bikibaye “nk’uko vyamye hambere hose, ngo bimere ko ibihe vyose”. Ivyo vyohindura vyinshi, kuko umukobwa afise uburengenzira bwo kubwira umuhungu iryo afise ku mutima.

Bamwe bavuga ko iyo iryo jambo rivuzwe n’umukobwa, ibintu vyoroha. Nk’uwitwa Willem avuga ko yoba ahatomboreye cane. Agira ati : “jewe nsanzwe ntinya, ntashirutse amazinda, vyomfasha cane, hamwe ari umukobwa aje antumbera”.

Bitayeko, nk’uko umuhinga Hargot abivuga, “abagabo bakunda abagore bashikiriza ikiri ku mutima wabo”. Agahanura abakobwa kwimenyereza kuvuga batomora, nk’akarorero, bakamenyera kuja barabwira umuntu ikintu ciza aba yakoze, ko ashajije, ko afise iki canke kiriya ciza.

… koba n’agaciro ku bigeme

Tefano na Yuriya bafise abana babiri kandi bibaniye neza cane. Uwo mugabo aravuga ukuntu ari we yarehejwe, ati : “Yuriya twahuye nza mfise uwo dukundana. Mugabo nasa n’uwurushe kubera ko twabana kure na kure, nari naragiye mu kindi gisagara, kandi muri jewe narumva ko ataho biriko biraja. Ni ko gutombora, Yuriya arandesha”. 

Burya, iyo umuhungu abonye umukobwa yamugomwe abimubwiye, biratuma amererwa neza mu mutima, kuko bituma yiyumva ko afise igikundiro. 

Thérèse Hargot avuga ko umukobwa ateye intambwe ya mbere akabwira umuhungu ikimuraje ishinga, bisigura ko ataba yikengera. Ahanura ko mu buzima umuntu yabwirizwa kuba gutyo, eka mbere no mu buriri, umugore ntatinye kubwira umugabo ko amushaka.

Agasozera agira ati : “Umukenyezi ntakwiye kuguma yirengagiza ngo arindire ico umugabo aza kumubwira. Nyabuna, ni ukubaza umutima, ukamenya ikimuhimbara, ico ashaka ko ukora canke uvuga. Ico ubona coguhimbara akikugiriye, kimukorere nawe”.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)