Nahora numva bavuga ngo : « Nta muntu yokunda abantu babiri ». Naratevye ndabona ko bishoboka. Ng’uku uko vyangendeye.
Mu misi mikeya, ndarangiza amashure yanje ya kaminuza. Mélissa, ni umukobwa twigana, turangana mu myaka, tuva hamwe.
Vyose vyatanguye tugeze mu mwaka wa kabiri; mbona imigenderanire hagati ya twe n’uwo mukobwa ikomeza gukura uko imisi ihera. Haraciye igihe dusangira akabisi n’agahiye, arananganirira ko afise umuhungu bapfunditse ko amurindiriye, niyaheza amashure bazoce bagira ubugeni. Maze atako aranaduhuza n’uwo muhungu. Ariko rero, ivyo ntivyatumye ubugenzi bugabanuka canke ngo buhungabane hagati yacu ; twagumye kwa kundi.
Kw’ishure, abatubona bose, na cane cane abo twigana, bavuga bati : «Luka na Melissa, rurya ni urugo rwigendera ». Ariko ivy’uko twoba turi muri ubwo bugenzi budasanzwe, ntavyo twari bwigere tuganira hagati yacu.
Umukobwa arateba aransokoroza
Haciye igihe kitari gito, tugorobeza twicarana mu kabare, dusangira twongera tuyaga. Vyari bihimbaye cane. Turiko turataha, numva umukobwa arambajije ati :« Luka, urukundo unkunda rungana gute ? » Ico kibazo numva kinteye amakenga menshi, mu gihe naziga ko ivyo gukundana twari twabaye turabizibira hakiri kare, hamwe yanyereka wa muhungu bazokubakana.
Arambandanya ngo nindamwishure. Ndamubwira nti : muri jewe numva ari ibisanzwe, uri umugenzi ashika gusa, co kimwe n’abandi bagenzi b’ukuri nsanganywe. Ubwo nyene mbona amosozi amutanze hasi, ntiyasubira kumvugisha, aca aranansezera arataha.
Iryo joro ntitwasubiye no kwandikiranira na bwa butumwa bwo kuri ngendanwa. Bukeye ndamwandikira nti : « narabonye ko nakubabaje, nashaka tubonane dusubire kubiganirako »; arabinyemerera, turafata isango.
Insigabwenge
Tumaze kubonana, ndamusigurira nti : burya, kuva igihe unyeretse urya muhungu mwimirije kubakana, nari nzi ko ari inzira yo kumbwira ko mu bugenzi bwariko burakura hagati yacu, kizira kikaziririzwa ko nokwiyumvira nk’uwo twohava tukagiranira ubwo bucuti budasanzwe. Ariko warabonye ko bitatosekaje imigenderanire yacu, kandi vy’ukuri sinigeze numva ko vyomera nka kurya k’uriya mwagiraniye isezerano ry’uko yokurindira.
Umukobwa yongera kurira, ariko ubu hoho arampishuka ati :« Vy’ukuri, uriya sinigeze ndamuheba, turacari mw’isezerano kurya nyene. Ariko nawe numva ndagukunda. »
Niko kunyihanikiza ngo ntaze ambone ndiko ngendana n’uwundi mukobwa nk’uko tugendana na we. Ngo vyomubabaza cane mu mutima. Ubu nanje naratevye ndabona ko ndamwiyumvamwo. Ikibazo mfise ubu n’iki : « Nemere dufatane hama nsagira umukunzi n’uwundi muntu ? »
Wee Luka wee Luka uri mû so sa hatari😂😂😂😂. C’est une très mauvaise idée. Ariko nawe ni hatari nani. Ki utaciye umwihanikiriza nawe KO utomubona arikumwe n’uyundi muhungu?
Commentaire *ni hatari nkuko yagukunze nawe ukaba wumva ko afita uwo bazubakana mwikureko vyoguteza ikibazo
Oya muhungu uramureka ntazohave agutezibibazo kuko urumva arafise uwovyasezeranye!vyihoze
Ntakumuteza ibibazo wangu.ahubwo namb luka atar afite uwundi nac atwara uwonyen kuk urukundo ruja aho rushatse hari naho yosanga aruw,isezerano.
Gira ico wumva coguha agateka
Oya mureke uw nuwagahinda
Abakobwa niko babaye bakoresha ibishobisho. Muhungu, genza buhoro ntuzohave usanga wiyimye uwundi mukunzi. Biragoye ko uwundi wopropoza yokwemera mu gihe abona imikwegano iri hagati yawe n’uwo mukobwa ata mugambi wo kubana.
Mumigenderanire abantu bagira hagati yabo baba bakwiye gushiramwo ama limites kuko kuba mwageza aho mwiyumvanamwo gutyo nuko atama limites mwihaye. Ubugenzi bufise aho bugarukira bibaye birebire bica vyica ibindi.
Jewe rero nibaza ko woreka gusambura couple yabandi, mwikuremwo urondere uwundi !!
Mumigenderanire abantu bagiriranira baba bakwiye kwiha ama limites. Ubugenzi bufise aho bugarukira, iyo ata limites zibayemwo hari ibipfa !
Rero vyiza woreka gusambura couple y’abandi ukarondera uwundi !!
Musore nureke umukobwa kuko couple yabo ifise intumbero kandi urunvako yagutanze mukumukunda reo mubwikuri kobidakunda
Commentaire *Oooohhhh iy histoire nanj ndayibayemw!!Gus nanj n umukobw nkunda knd naw mbon k ankunda afis uyund knd hagez nah amwim umwany akawuh jew arik akagum anyemez k ariw ashak k boban arik biramuts bidakunz akab jew rer ng ntambonan nuyund!!!,
iby twovyit gut?
muta nawewe urumva ko ubayeho mubuzima butagira umwidegemvyo, ntavyo kuba pneu de reserve shaa kuko kenshi ama pneu de reserve hari igihe batigera bayakenera kabisaa hohoooo
uri umu friendzonard man,bivemwo umutima wawe ukiri muzima.
Ewe Luka Na Sogo muranezereje. Nimba abo bigeme muvuga ko mukundana mubakunda vyukuru ni mubagaragarize urukundo mubafitiye kugera aho bibagira abo bandi. Iyo ukunda vyukuri utegerezwa kugwanira uwo ukunda kugeza aho atakintu nakimwe canke imuntu numwe womugutwara. Ukaba wumva mu mutima wawe utamukunda neza naho ugerageze umwigire kure buhorobuhoro azokwibagira. kuko mugumye muri ivyo ntimuzubaka muzosambura izubatswe. Gira amahoro
Ewe Luka nawe reka kutugoza ibibazo nawe niwiyishure, ariko ndazi ko wamaze kubona ko ari rwawe kuko vuba nawe uzomubwira ko akeneye ko mubandanya ko yoheba burundu urya wundi kandi ayo mosozi yarize arerekana neza ko yamaze guhitamwo wewe. Ganire mu maguru masha mubandanye mufise intumbero nyayo
Muri make gusangira umukunzi n’uwundi ntibishoboka ntanaho vyobashikana
mutama mutama mutama, noguhanura ko uwo mukobwa womureka kweli kuko reellement nimba agukunda urya wundi yomuheba kabisa kuko ntagusangira umukunzi muri 2, ntaho vyakabaye nukuri croyais moi tot ou tard vous allez le regretter
Ikintu bita »friend zone » carabataye kuwamazi ,il fallait gerer cela bien apres amaze kukwereka le type bakundana,muga rero nimba nawe l’amour envers elle yagucakiye aho ntibigiye kworoha,soit uramuheba,soit elle quitte son ancien copain et laaa ca va etre carrement de la merde pour vous tous trois.
ni comédie cnk nivyo?
vyoshoboka bit m gih umukobwa afs uwo bari mwi sezerano,uraraba Luka ntuzohav ugum uriko uriruka inyuma yiw ukubur aho aciy erga nivyo utgrej azognd ubona hhh
Ivyi ni ibishobisho kuku mwamana gafi ntarukundo rurimwo. Ukamutora kubera emotion n’abandi bazomutora kubera emotion nawe usigare wipfimbereje. Canke hagere aho akenge kagaruka yisuburire kuwobasezeranye ubwambere nawe usigare wipfumbereje.
Ivyo vyama vyabaye ariko igisumba vyose nugufata ingingo rugabo ku neza yawe n’iyabandi. Naj vyaramvayeko nivyukiranije ngire mpereyo.
Haaa jew uko mbon uyo mukobwa bmucungu kuk ntakunt wkunda abantu bbiri icrimwe kndi bazinany.kuk bac umugani mukirundi : »agakunze babiri karabateranya »
Uw muhungu snumva ukunt wokund umukobwa uzik afis uwund bakundana kndi ybikwibwiriye nuw bkundan umuzi.jew ic mbon ego womwerekak umukund kugir ntahav aca akwiyumvir nabi cnke haz hze ibindi bintu.je mbon wokwihigir uwaw ukabimuhisha mbe ukzobagira abagenzi bkamenyan nkuk naw ybigiz ham uzomujan ahant mwicare umubarir uk bimeza.umwerekeko urundo mugira mujemwo ataho rwoshika kndi rwohav rumubabaz agtakaza umwe basezrana ukuban.
C’est vrai l’amour est beau et bien.. But, As u said ntmuntu ashbra kugunda abntu bbiri
Mubwire k she must take a choice between u and him if SH really loves u she will chose u..
No ntivyokunda ko inkuba zibiri zisangira igicu,nkumuntu nanje vyanshikiye burya nasanze ari urukundo rudashika Kuko wama uriko urapimwa,ICO akubwiye cnk agusavye aca akibwira nuwundi hama uwumuhaye inyishu nziza niwe acaba cheri du jour wew ucutakaza agaciro,knd umusi wamukorey agakosa nagato ntazoshobora kukihanganira!
Oya namba ntibikabe mbere nishano knd biteza igikomere kumutima hagati yamwebwe bahungu babiri Kuko umwe ategerezwa guhemukirwa,ikindi wama uri kugipimo (balance) agufatira kuwundi ,knd ibibazo ababaza nibimwe uwumwishuy neza acaba uwo acamwita mbere cheri du jour!L’Amour ne se partage point!
Jewe mbona ataco bitwaye,bandanya ubucuti ndumva bizoza ico ukora umubehafi ndumva amahigwe meshi arayawe ariko kandi ugende bikebuke udashiramwo imitahe myishi kuko vyoguhanga
None wokwiba umugore ufise umugambi wo kurongora?
what goes around comes around
uwo ukubise kuntoki naw uzopimigwa kwiy mpange nyene💍
Nawe mubwireko udakeneye ku mubona arikumwe nuyundi muhungu
Vaux mieux kumurek ukaronder uwundi,si non nukwiter ingorane,kuk yarakwerets uwo mu type wundi birisiguye,kuk akubuza knd naw afise uwundi c’est de l’egoïsime
Ivzo bibaho. Muga umukobwa nk uwo ntabwo aba azi gufata ingingo. Ni ngombwa ko umuntu akuze amenya gufata ingingo imbere y ikibazo kimushikiriye. Ataruko usanga yahurudutse akaja muvyo kwicuza munyuma.
kuri uwo muhungu ntibimuteshe umwanya je mbona yokunda uwundi kuko uwomukobwa ntiyobakunda ari babiri iherezo ryoba ribi
No, that’s not possible. didn’t u have ur own dear before she becomes ur best friend? order her to make the choice.
Commentaire *mbe vyobabishik urumuhungu ugakunda umukobwa arako wene atakwitayeho jew vyarashikiye
inkuba zibiri ntizisangir igicu kand ntawukorer abami 2 gisigurak wamuhungu woreka gusambur urukundo gwaband kuk naw vyokubak ukababara.
Commentaire *Naho mwokundana ntaco muzogerako kuko arafisuwo bamaze kugipfundika. nimukomez’ubugenzi nkuko bisanzwe.
Commentaire * Emera Mumusangire Kuk Umukobwa Suwumwe
Luka We,niba Ata Wundi Mukunzi Urarondera,kunda Uwo Mukobwa Kuko Yabonye Ari Wewe Wogira Ico Umumariye.
Uramubaza uko vyogenda hamwe yofata icemezo co kubakana na wewe kandi afitaniye iryo sezerano nyene n’uyundi. None uwo mukobwa agomba guharika?Je mbona wobivamwo kuko nimba wewe ubona k atangorane,uwo wundi we ntamahoro bizomuzanira,bizotuma hagati yanyu haba intati zikomeye!
Commentaire *je numva wovyitwaramwo ugenda gakegake umubwire afate ingingo ahitemwo umwe kuko isezerano ritarashirwa mu ngiro rirahinduka
Nukur Uwo Mukobwa Yaragukunz Kimwe Yabuze Decision Finale Yofata Muriw Ntawuz Vyumukama Wew Gumya Ibanga Ufse
Ahubwo umuti jembona subire mubiyago umubaze nawe uko yumva agukunda afatiye kuwo basezeranye kugira ubukwe.
niwumva ariwe yikundir gusumvya we uhite umusa icokibanz kirimwo uyo yundi niwaba umukunda.
umubaz nukungene yoyifata bishits mukabana
nigihe boheba nawe.
Commentaire *abakobwa bakunda amaher urarab nez kwatariy yakunz
Urwo rukundo abafitiye ndumva rufite intango ariko rutagira aho ruzohereza
Mugenzi Vyukuri Birababaza Cyne Igihe Utazoba Ukimufise Iruhande Yawe Uzosigarana Igikomere Kumutima Kuko Naje Vyambayeho
nukur [ruka ] reka kurondera impanuro mubantu kuk wibuke k abantu arabisi knd wibuke k urukund ar babiri uwugira gatatu ar umwas wurukundo umve rr impanuro nziza ww yibaze agatima mpanuzi kawe wumve ukuntu kakubwr kimc urumurundi niwumve umurundi umwe yavuze at :<>.
JEW MBON WOBIHEB KUK HAZOZ UWUND MUHUNG NAW AMUKUND NKUKONYEN HAM BIGUTER AGAHINDA USIGAR WICUZ IC WAMUKUNDIY
Usanga Imana Arimw Yatoranij Kuzokwamana Ivyamw Vyiza
dange wap mwihoze kuko vyazakugira hingaruka mbi kand kur mwese
Commentaire *Abakobw mubatinye ni ababeshi bambere!akubwirako azobana nuwo wundi ariko ngo aragukunda!!ivy bibaho gute?kuberiki atakubwirko yamuhevy ubu akunda wewe!
Ntaho vyakabaye umugore asangigwa na babiri ,umugore s’umurima rusangi.
Wamuhungu mutere inda hakiri kare
Kunda uwugukunda Ikaramu ryanditse niry rifuta uwo wund w bararemanyw!!!??
We luka koyakubwiyengo ntazokubonane nuwundimukobw non nibagira mariage nuwowund nubundi uzoguma umuyagisha afise umugabo?Rondera gwaw kowumva yakubwiy ko akimukunda
Sindavyibaz
Umv Musor Agapir Karyoh Bater Ipas Naw Temberez Urab
j numv mwogumana kwagukunda
Ndi Etienne hama uwomuhungu vyukur uwomukobw yumvako yobakundabose uwomuhungu namuheb nyimba uwomukobw yumvak atoheba uyu ngwakund uyu ok merci.
Mukund Kwl Bishots Mwibanir Kk Aragupf Birenz
Wap Ntabw Noguhanura Ivy. Rab Ukunt Wobihagarik Gus Imigenderanir Igume Ya Yind.
Muhebe cank ahitemw umw mur 2 kuk inzir 2zayobej imfyisi
Emwe umuntu niwe yigira umuntu,luka wewe ntangorane nimwe wogira ahubwo numv uwogra ikibazo ari Melissa.nimukomeze ntangorane
NONE KA LUKA NTAWUNDI WARUFISE? MBE YAGUKUNDIYIK? MUBAZ NAW MURITWE BA BABIRI UKUNDANDE?
jamwihiganwa urabe uwumutsi ndira nurya ukvze ntuzi yuko ataguc inyùma
Yoooooo!!!!! jam rabaneza ntazogute murudubi kuk abakobwa bubu ntiboroshe!!!!
ndumva nibiharuro bikaze muga kimwe gusa mwiyisi ni kudeta gusa kubera ntawe wobona adafite umukunzi kwl
iyaranj wemere mube umwe pé
umve rero muhungu ntunaniramwe no kwifatira ingingo. niwashinga wumva uzohereza he ko we yifitiye uwo ukunda kandi yiteguriye kwubakana na wé? wewe ubikoze uko abikubwiye uzoba umukunze ku bw’impuhwe z’ukwanka kumubabaza ariko nta rukundo rw’ukuri ruhari. Wewe rero rondera uwo muvyumva kumwe ariko ntuce ukuraho ubugenzi mwari mufitaniye,mbere n’uwo ugiye mugiye gukundana uze ubanze kubimubwira kugira ntaze akubonemwo uburyarya atabwo ufise.
Umviriz Luka Abakobw Bub Ni Ababesh Kimw Numwikuremw Ntahav Agukweger Izind Ngoran Ham Nkuk Afis Uw Bapanz Kuzoban Naw Niwironderer Uw Muzoban Muvyumv Kumw
Urukundo namadayimoni
Oya Numwihoz
ego vyemere kbs
Commentaire *bt bt nukur je numv luka wokomez ukamukunda kowumv naw agukunda
nanj byaranshkie nkundwa nuwufit und mukunz nsanga namukunz nanjy arko narnsanzwe nfit und mkunzi!nanjye simbona uko bizarangira ahbwo mungre inama nanjye!
jewe mbona utosangira umukunz nuwundi, mwereke ko wewe utashak kubibamw
Burya Muhungu Wosanga Yagukunze Kugira Umuhe Igitsina Ariko Uramwigirwa Kur Agomb Kugukwegera Wangu.Utiravye Biragusha Vraiment.
Yes
Commentaire *oya rek rek vyukur kumukund vyarivy ikibaz kihar nuyowund bahany isezeran bihagarik rer
Asha nukur numva bikaz arik gukund umukobw umw muri2 urumva ko ataho vyokugez ahubwo muve inyuma
Asha nukur biragoy ahubw awomukobwa muvinyuma kuk ndumva urukund gwany ntahogwobageza ww afis ivyagushakako urarab nez ntagut murudubi
Iyinkuru ndayisomye kuk nivyobihe ndimwo mwiyimisi birampangayikishije naj nkeneyinam zanyu
uragenda ugavye kuk uwo ni docteur wo gukura amenyo
wap! Uramubwir aheb uwovy sezerany ataruk wap.
Fahali Wa Wili Hawakai Zizi Moja(inkuba Zibiri Ntizisangira Igicu Mureke Yigendere Kwuwo Wiw.
Muheb man uwo ashobora kuguta murudubi kuk urumva arafise uwobahanye isezerano vyihoze rer
Uwo Numwihoz Kuk Afis Uwund Yashimy Kand Urumv Ko Yabiguhishuts Atashimy Kubiguhish, Kuvyiz Rr Numwikuremw Uronder Rwaw Nayahand Ukishing Uwo Uzosang Ifurusheti Ariyo Urik Urayoz Isosi.
Emera Harico Bitwaye Wosanga Ariwew Akunda Cane
Mwenew komez gahorogahor kand umuvang niyavyur izur naw uzoc umukarir aheb uwo wund
Hahaha!! Noguhanura kutamubabaza umutima ukavyifatamwo neza. Egera uwo mukobwa ahitemwo umwe hagati yaww nuyo wundi kuko ntamukobwa agira abagabo 2
Jew ico mbona nuko wobandanya ko umukobwa yakwikundiye kandi akubahuka akakubwira ko adashaka kubona ko muriko mugendana nabandi bakobwa nkawe,nuko yakwiyumvisemwo umutima wiwe wiyumvamwo wewe!we rero bandanya urugendo.
Hewe oya kwl kuvyuza womuheba baca umugani mukirundi bati:«inkuba zibiri ntizisangira ibicu » kuvyiza wo mwikurako
Vyihoze ntarukundo rurimwo
Ukeneye guteza umuriro murukundo rwabandi.
ntabw ndagushigikiye haba nambaaa!
mureke yiyahure.
Luka vyukuri uwo mukobwa Uramukunda nubw yakweretse uwund yarakunze kuko urukundo ruja aho rushaka.
Nidanje
nihatari ivyurukundo namayobera umugani wa medy
Muhungu,ndumva uraremvye kwl!Nagutomorere neza umwe muri mwebwe yumva yohitamwo kuko ntibizokunda ko abana n’abahungu babiri ugwo rukundo ntirubaho
uraraba ntugwe mumanga