Kur’uyu wa 14 ruhuhuma, isi iriko irahimbaza umusi wahariwe abakundana. Mu rukundo, na cane cane hagati y’abubatse, ukurangura amabanga y’abubatse biri mu nkingi z’urukundo rwabo. Ariko bose ntibiborohera, na cane cane ababa muri « mutego », inzu y’inkingi imwe, ikagira n’icumba kimwe […]
Urukundo
Ukwinubana hagati ya inabukwe n’umukazana: biriho kandi vyamyeho
Umugeni mushasha amaze kwabirwa, umubano wiwe na inabukwe hari aho uca utangura gutosekara. Haba mu bisagara canke mu ntara zo hagati mu gihugu, mu miryango ikenye canke mu bifise, ni co kimwe. None ingorane ihagaze he? Umuntu yovyirinda gute ? […]
Kwiga ingeso z’uwo muzokwubakana si igikorwa coroshe
Iyo umusore n’inkumi bashimanye, maze bakaba bari mu mugambi wo kuzohava bubaka urwabo, ngo “nta kamaro ko kumara igihe kinini bariko barigana ingeso”. Ni ko Nijimbere Thierry abibona. Arabisigura.
Amakuba y’abubatse iyo batevye kuronka uruvyaro
Mu Burundi, agaciro gahabwa umwana ni ntangere. Iyo rero kanaka yubatse urwiwe, abaryango biwe baba barindiranye igishika uruvyaro rw’urwo rugo rushasha. Iyo bitevye canke bikanka burundu, hari abagera no ku kwahukana. Ndereyimana Félix aratuyagira ingorane za Mukeshimana Vanessa.
Nankana ngo umugore ashobora gutuma umugabo wiwe arenga ibigo?
Déogratias amaze guhakwa kurenga ibigo incuro zibiri zose. Kandi vyose ngo vyaturutse kuri Alice, umutambukanyi wiwe. Landry Rukundo aratubwira ingene yoba ari mugore amamuko y’ukurenga ibigo ku munega wiwe.
Ubugeni bwa Annonciate na Bernard : « Urukundo ntiruraba igihagararo »
Abari ku mbuga ngurukanabumenyi mwarabonye amasanamu y’ubugeni hagati y’abantu babiri batandukanye cane mu burebure, ivyatangaje benshi. Kuwa 12 Myandagaro, hasigaye amasaha make ngo habe indagano zo mw’ishengero, Annonciate yaragize ico abwira Yaga, tubifashijwemwo na Nkurunziza Appolinaire.
Gushinga urugo: “ uwitonze amira ibinoze”
Iyo umuhungu afise amatungo make, arira gusa ko yoronka uwumwemera uko nyene, maze bagashinga urugo. Ku bakobwa naho, iyo imyaka itanguye kwiyongera, basigara barira uwobakura iwabo gusa. Niyirora Thaddée arabinegura, akagira ati « bempi bakwiye kubanza kugendana umwanya ukwiye ».
Amajambo akunda gukoreshwa iyo umuhungu yatevye kurongora
“Ikirumbire” canke “akamaramaza” ni amajambo y’ikirundi akoreshwa iyo umuhungu vyamugoye kurongora, ariko insiguro zayo ziriko zigenda zibagirwa uko imyaka itaha. Egide Nikiza aratuyagira insiguro yahawe n’abize ivy’imico y’ikirundi.
Abadasangiye ivyiyumviro vya politike ngo biragoye ko bubakana
Haraciye imisi mike, Abarundi barahimbaje umusi mukuru w’abakundana, naho uwo musi wabasanze mu bihe vya politike bigoye. Wa wundi ngo « amagorwa ntasiga ayandi », amatati ya politike ari mu gihugu ntabuze kwononera abakundanye. Landry Rukundo we yibaza nimba « […]